Jimbere

ikirundi French English
INDERO

« Mu mugambi wo gufungurira abana ku mashure, PAM ifasha amashure 820 mu Burundi »

Vyashikirijwe n’umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigo PAM kw’isi, David Beasley, aho yari yagendeye kuri uwu wa 13 Nzero 2020, ishure Gitamo riri mu ntara ya Ngozi, muri komine na zone Ruhororo, rimwe mu mashure 45 asanzwe afashishwa imfungurwa muri iyo ntara.

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi nshingwabikorwa wa PAM yagize ati: « Nk’uko umuvyaro w’igiterwa wama ukenera amazi n’ifumbire kugira ushobore gukura neza ukazotanga ivyimburwa vyiza, ni ko n’umwana akwiye kubigirirwa mu kumuronsa imfungurwa zikwiye maze akabona kugera mu bigero, akazokwiteza imbere, mbere akazoteza imbere igihugu n’imiryango ».

Akaba yaboneyeho gushikiriza aho umugambi wo gufungurira abana ku mashure bafatanije na reta y’Uburundi ugeze: « Abanyeshure bashika 621 000, ku mashure matomato 820 ari mu ntara 18 zigize igihugu c’Uburundi, baramaze gushikirwa n’uwo mugambi wo gufungurirwa. »

Hari akarusho ku mashure ?

Kuva mu mwaka wa 2014 aho PAM yatanguye uwo mugambi wo gufungurira abana ku mashure, ibitigiri vy’abaheba kwiga vyaragabanutse biboneka. Iryo shirahamwe rimenyesha ko ryisunze ivyigwa ryakoze mu myaka ibiri yonyene (2017-2019) ku mashure rikorerako, ibitigiri vy’abaheba vyavuye ku bice 11% biramanuka bishika 7%.

Asa n’uwushinga intahe, Aimable Ndabakunda, umuyobozi w’ishure Gitamo, amenyesha ko kuva mu mwaka wa 2008, aho uwo mugambi washika kw’iryo shure, habonetse ihinduka rikomeye. Avuga ko kuri iryo shure ibice 20% ari bo baheba ariko uno munsi hakaba haheba 1,4%.

Kukaba nkako, burya ngo: « Inda ishonje ntiba igifise amatwi yumva », Aimable yamenyesheje ko ico gihe iryo shure ryamenyesha abana ku bice 3,3% mu bibazo vya reta. Nayo ubu ngo bamenyeaha kbu bice 94,4%. « Hari naho bashikira ibice 100% ». Nayo Umushikiranganji w’indero yagize ati: « Ndashimiye cane ishirahamwe PAM ryaje rishigikira indero ribicishije mu gushigikira umugambi wa reta wo gufungurira abana ku mashure ».

Ashimira PAM, uwari yaserukiye buramatari w’intara ya Ngozi, yamenyesheje ko ibice 22% vy’abanyeshure bo muri iyo ntara ngo ari vyo bimaze kuronka iyo mfashanyo, agasaba iryo shirahamwe ko hamwe ryoshikira ivyo bindi bice 78 bisigaye ryoba rifashije cane.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top