Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Igice ca kabiri c’umwaka w’ishure 2019-2020 gitanguye abanyeshure bo ku Winterekwa batararonka aho bigira

Mu gihe abandi banyeshure batanguye igice ca kabiri kuri uwu 6 nzero 2020, abo kuri Ecofo Winterekwa bobo ntivyakunze ko batonda mw’ishure. Icabiteye si ikindi, ni uko kuri iryo shure ariho hegeranirijwe ababomorewe amazu n’imvura imaze iminsi yiha inkumbi muri ako karere. Muti none abo bana bagiye kuba abande ?

 Nk’abandi banyeshure, na bo nyene bari batonze kw’ishure. N’abigisha ntibari batanzwe kuhashika ukuri kwamye. Binjiye mu mashure ngo barabe ko biga ariko uruyogoyogo rwabanyagihugu begeranirijweho ntirwabakundiye kwiga. Niho Rosalie Nganyirende, umuyobozi w’iryo shure, yaciye abishikiriza DCE wa Ntahangwa. Uyu nawe ntiyatevye kuhashika aca abwira abana batahe bazogaruke mercredi. « DCE yatubwiye ko hariho aho abanyagihugu bariko barubakirwa. Ejo canke hirya y’ejo bazoba bimuriwe muri ayo mazu ». Bivugwa na Rosalie.

Mu gihe hari ingingo ya reta yuko umuyobozi w’ishure wese atamenyesheje ku rugezo rwa 30% aca asubirizwa, Rosalie wewe abona ko ata nzira n’imwe ihari yo kwikura kuri iryo tegeko. N’ubwo abanyeshure bose bariko barahahombera, abo muri 6ème na 9ème   bobo ntacabona bokora mu bibazo vya reta bibarindiriye.

« Mu nteguro twari twafashe ko kugira turwize umwimbu, ayo mashure azokora Concours national na concours d’entrée dans les écoles d’excellence yoguma yiga mu gihe c’akaruhuko, none nta n’umunsi n’umwe bize kubera imvura. Ivyo bikaba bije gusongera isibe umwimbu w’abanyeshure uguma ukoroka. Mu gihe mu mwaka w’ishure wa 2016-2017 abanyeshure bamenye muri Concours national ku bice birenga 90%, umwaka ukurikira bamenye ku bice 46%, uwuheruka na wo ku bice 35% ».

Muti none umwimbu kuri iryo shure ugabanuka kubera iki ?

Iruhande y’ico kindi kibazo citayemwo, iryo shure ryugarijwe n’ibindi bibazo. Ica mbere gihanze iryo shure, n’ubwinshi bw’abanyeshure. Hari uwokwibaza kw’abanyeshure 450 bokwiga mu kirasi kimwe ? Uwushaka kubitahura yogendera iryo shure kuko birashoboka. Nko muri 1ère année primaire ni ko bangana. « Bicara ari 7 canke 8 ku ntebe imwe. Dufatiye ku banyeshure 2 516 bigira mu birasi icenda, biboneka ko abanyeshure 280 ari bo boba basangira ikirasi ». Mu gihe indinganizo nshasha y’ishure shingiro ivuga ko ikirasi kimwe gikwiye kwigamwo abanyeshure 30.

Dusigara tubaza tuti bishika gute umu Directrice yandike gushika ku banyeshure 450 ? Rosalie ati: « Ugira aho uhejeje kwandika abakwiye kugira abana bige neza, uza ubona DPE, DCE, abarongozi mu ntwaro hamwe n’abategetsi baserukira abanyagihugu umwe wese akuzaniye abiwe kandi utegerezwa kubandika, na cane cane ko turi muri wa mugambi wa « twige twese » » . Muti none bandika gute ari 8 ku ntebe imwe ? « Hariho bamwe bandika bafatiye ikaye mu kirere, abandi bakandikira mu migongo ya bagenzi babo. Hari n’abandika baryamye hasi ». Ikibazo uwo ari we wese asigarana ni « Mbega abo bana bandikira mu kirere biga mu wa mbere, ubwo bazobimenya neza » ? 

Ikena ry’ibikoresho vyo kwigisha rica riza rigasongera isibe. Iruhande yo kwicara ku ntebe imwe ari benshi, ngo nta n’ibitabo bikwiye bihari. « Muri iki kigo cose, nta kirasi na kimwe gifise ibitabu bingana n’intebe zikirimwo. Muri cycles zitatu za mbere hoho birateye ikigongwe, nta n’ibingana n’inusu y’izo ntebe dufise. Na mitende ihari n’udutabo twagiye gusaba ku rindi shure ryari ryacaguje. »

Ikindi kibazo ca gatatu nkora mutima iryo shure rihangana , ni uko ritagira uruzitiro. « Mu gihe ata ba encadreurs bategekanijwe dans les 3 premiers cycles za fondamental, utwana twinshi turatoroka tugaca mu biti vy’uruzitiro twigiriye gukina amabiye, utundi kwisimbira imigozi. Utwegereye duca twiyirukira kandi ntuzopfa umenye utwaritwo biturutse ku bwinshi bw’abanyeshure ». Kubw’uyo  muyobozi, ngo uruzitiro rw’ishure ntirukenewe kubw’ukugenzura indero y’abanyeshure bari mu kigo gusa, rwofasha no kubw’ugukinga impanuka narirya iryo shure riri kuri RN1 ricamwo imiduga myinshi. «  Mu mezi biri gusa, habaye impanuka zine zose. Mboneyeho n’akaryo ko gusaba ko bishobotse protection civile yoba iradufasha amasaha yo gutaha kugira abana bajabuke i barabara ata ngorane. »

Hari umuti w’ikibazo woba uriko uraronderwa?

Igituma iryo shure rifise abanyeshure b’umurengera si ikindi ni uko ari ryo ryonyene ryakira abana bo mu Nyabagere, Winterekwa no mu Gatunguru. « Umuti w’iki kibazo si uwundi, ni uko hokwubakwa ayandi mashure narirya hari ikibanza gikwiye. Naho twogura intebe, ntitworonka ibirasi tuzishiramwo. Ikibazo caraduze kiragera mu bushikiranganji bw’indero. Une délégation ministérielle yaraje, iratembera mu mashure irabona ubwinshi bwabo. Ica iduterera iciyumviro c’uko twokwitura BISEM isanzwe ariyo yubaka ayo mashure. Twarashitseyo tujanye na DCE ariko baca batubwira ko uyu mwaka bidakunda ngo tuje barahejeje kugira planification annuelle. Ngo nta projet yo kwubaka ishure muri Mairie iriho. Turindiriye turabe mu mwaka uza».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top