Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Umuntu atamugaye mu mutwe ntacobuza ko yiga ngo aminuze »

Kw’igenekerezo rya 3 kigarama, uko umwaka utashe harahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe abagendana ubumuga. Kenshi abo bagendana ubumuga bahura n’ibibazo bitandukanye bibaca intege mu buzima, haba mu kibano, mu bagenzi eka mbere no kw’ishure. Iyo batamugaye mu mutwe ntakibuza ko barangura imigambi nk’abakomeye harimwo no kwiga bakaminuza. Intahe ya Sophie Ntirandekura umunyeshure muri Kaminuza y’Uburundi.

Sophie muriko muriganirira ntiwopfa kumenya ko agendana ubumuga utamubonye ariko aratambuka. Kanatsinda anivugira ko yakuze yugurutse mu mutwe ata ntsiga zimurimwo. Umubajije ku bijanye n’ubumuga bwiwe, akwishura atarya umunwa ati : « Emwe aha umbonye narabaye umuntu ! Iyo umbona nkiri muto ntiwari no kumbaza na kimwe ahubwo wari gukorora amosozi ».

Ariko yibutse ko yavutse akomeye, abanza kwiruhutsa imbere yuko arya umutima amenyo maze akabona kugira ati : « Sha, ntubone ngendera ku mabekiye aha narigeze gutambuka nk’abandi. Ivyambayeko nta n’umwe abitahura kuko bambwira ibitandukanye. Burya bamwe bazi ko narozwe abandi nabo ngo ni ubukangwe ». Uti kubera iki none ? Sophie agira ati : « Mama yambwiye ko yampetse mu mugongo nkomeye tugiye mu murima, tugezeyo bugingo ankuye mu mugongo kugira abanze kumpa ibere imbere yuko atangura gukora, aca asanga namugaye ahari ingingo zose z’umubiri. Aho rero nari mfise imyaka ibiri gusa. Naciye ubwenge nsanga ndi mu kigo c’abagendana ubumuga i Muyinga ».

« Erega nahavuye njanwa kw’ishure »

Uwo mwigeme rero agira 5 mu muryango w’abana 11, ngo yagize amahirwe avukira mu muryango utahura agateka k’abana, maze bamutanguza ishure. Naho vyabanje kumugora mu minsi ya mbere kubera abana baza baramushungera bamutangarira, ngo vyaramubabaza cane akumva yoheba kwiga. Kandi koko nta n’umwe bitogerageza. Nkuko avyivugira ngo bagiye baramenyerana yanduruka atangura kuza arakina n’abakomeye.

Avyibutse aca aratwenga n’inyinyi iraboneka imbere yuko agira ati : « Twarakina urukino rwo gusimba umugozi ariko kubera ko ntashobora gusimba, jewe narawuzungagiriza abashoboye gusimba. Nayo urukino rw’inage, nakina hose, sinava mw’igaro (mu kibuga) naguma nsimbira kw’ibekiye ntambatamba hagati mu kibuga. Biri mu vyatumye mbandanya kwiga kuko nari namaze kwiyumva ko ndi umuntu nk’abandi bana kandi mfise uburenganzira bwo gukina na bo. »

Erega ngo yahavuye aheza amashure matomato n’ayisumbuye kandi aho yagera hose abigisha bamufata neza ntawamukoresha ibimuruhisha ! Emwe ngo n’abanyeshure bamwakirana urweze bongera bamufasha mu two babona twomurusha. Ivyo na Fidélité umwigeme babana ubu aremeza  ko bibaniye neza kandi bafashanya mu tuntu n’utundi. Ngo ivyo bituma rero Sophie yumva agumana ishaka ryo kwiga gushika ayaminuje kuko adakumirwa. Kukaba nkako ubu yiga mu mwaka wa gatatu wa kaminuza, mu minsi iza ngo arashobora kuryamukana urupapuro rw’umutsindo rwo muri ISCO, mu gisata ca Développement Communautaire.

N’intambamyi ntizobura

Ngo n’ubwo kuva agishika muri kaminuza yoroherejwe agashikira mu buraro bw’ico kigo eka mbere n’ifungurwa zikaba zimusanga aho akika umusaya, ikibazo co gushika aho yiga muri kaminuza y’Uburundi iri mw’i Rohero caramuriye umutima. Agira ati :« Nzindukira kw’ibarabara kugonda urutoke nsaba lift iyo ndayirose mba ntomboye, ndayibuze naho nca nsiba. Kandi hari n’igihe iyo nashitseyo twigira hejuru muri « étage », naho nyene nca nitahira kuko nsinshobora kuduga ku ngazi zijayo, niyo abagenzi bombwira ngo bamfashe gushikayo, sinemera kuko nibaza ko amabekiye yohava anyerera maze nkagwa hasi kw’isima. » 

Ariko n’ubwo biruko Sophie ntahengeshanya gutera akamo abandi bana bagendana ubumuga biga kubandanya ishure gushika baminuje, batanibagiye no kwiga gukora utundi dukorwa nk’imyuga. Mbere wewe ngo aranajisha inkoko n’ibiseke aho muri kaminuza akironkera udufaranga two gufotoza syllabus.

Mwomenya rero ko mu cegeranyo ca nyuma casohowe n’ubushikiranganji bw’indero (2017-2018) cerekanye ko abanyeshure bagendana ubumuga butandukanye bari ku mashure yaba aya reta canke ayigenga bangana 1017 (abahungu 549, abakobwa 468).

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top