Jimbere

ikirundi French English
Itororokanirizo ry'ivyatohojwe

«Iron and Steel Burundi»: ivyuma vy’urwubako ntibikirinda kuva mu mahanga

Iron & steel Burundi ni rimwe mu mahinguriro akora ivyuma vyizerwa n’abaguzi kandi vyinshi kuko rishobora guhingura amatoni mirongitatu y’amaferabeto ku munsi. Kuva uyu mwaka wa 2019 rikaba ryinjije amafaranga y’amarundi imiriyaridi 5. Uwurongoye ikigo cegeranya amakori n’amatagisi (OBR) Audace Niyonzima yaramutse agendera iryo hinguriro.

Mu mwaka wa 2011 niho iryo hinguriro ryatanguye , ariko ngo ryagiye rirahura n’ingorane zitandukanye kuva rigishingwa gushika mu 2018. Iyikomeye cane ikaba ari iyijanye no kubura umuyagankuba aho wasanga bashobora gukora nk’amasaha atarenga 8 kandi bategerezwa gukora amasaha 24. Ariko muri uyu mwaka wa 2019 barashoboye kwisuganya gutyo barisununura babifashijwe mwo n’ishirahamwe regideso ryabaronkeje amatara akwiye. Ivyo rero bikaba bishikirizwa na Jean Nduwamungu asanzwe ajejwe ivyo kugwiza umwimbu muri iryo hinguriro.

«Itunga rikuvako rikakugarukako»

Nduwamungu arongera ati «Ivyo dukora vyose tubikesha ugukorana neza na reta y’Uburundi kandi biri mu vyo twiyemeje». Abandanya agira ati: «Kugira dushobore gukora neza, reta yaradufashije ibicishije mu mugambi wayo wo gushigikira amahinguriro mu kutugabaniriza amakori ku vyo dukoresha bivuye hanze y’igihugu ni nayo mpamvu ivyo dukora vyose twipfuza ko vyokoreshwa cane n’abarundi. Vyongeye turinjiza amafaranga atari make mu kigo ca reta kijejwe amatara n’amazi kuko dukenera amatara menshi yo gushusha ivyuma ngo tubihingure, turanakoresha amazi meshi mugukanyisha ivyo vyuma».

Joselyne Kampimbare ajejwe ivy’ubutunzi muri iryo hinguriro aramwunganira agira ati: «Ihinguriro rirafasha ibitari bike. Ryarashoboye guha akazi abakozi bangana 250. Abo nabo bafise imishahara iva ku bihumbi 160 kuduga mbere harimwo n’abarenza 250.000. Ivyo rero ni akunguko kuri reta kuko turetse amakori dusanzwe turiha nka TVA, IPR n’ayandi kandi n’abo bakozi turanabarihira ikori ry’umushahara».

Ibikorwa ni vyinshi muri Iron &Steel

Nkuko bimenyeshwa na Jean Nduwamungu, ihinguriro ryaramaze gutanguza umugambi wo guhingura umwuka bita oxygène kandi mu kiringo c’igeragerezo barimwo, ngo intambwe bagezeko irashimishije kuko n’ibikono vyo kuzishingura mwo biza biri mu kibanza cavyo. Ivyo rero bizofasha cane mu mavuriro ubona ko abari basanzwe bayihingura batari ikirenga kandi ari nkenerwa mu buzima.

Iron &Steel ikora cane cane ferabeto  inomero 10,12,16 na zo zikaba zigurwa kw’isoko amafaranga 13500, 18500 na 32000 bivanye n’uko inomero zisumbana. Na yo Joselyne Kampimbare akaba yaciye anavuga ko uyu mwaka binjije amafaranga y’amarundi imiriyaridi 5,8 mu gihe mu mwaka uheze wa 2018 bari binjije amafaranga y’amarundi yababa umuriyaridi 1,5. Ivyo rero bikerekana ko abenshi batanguye kuzijukira. Akavuga ko zinazimbutse ata mpamvu yo kugura izivuye hanze. Ariko ngo nubwo biri uko barafise ikibazo c’ububiko bw’ivyo bahingura kuko bahingura ivyo baba batumwe n’abaguzi.

Ngo bizeye ko kazoza k’iryo hinguriro ari keza kuko impande y’ivyo vyuma bahingura, biteze ko iyimbura ry’ubutare riri mu migambi ya reta y’Uburundi bizofasha cane kuko ihinguriro rizoca rikoresha ubwo butare gutyo umwimbu wiyongere ubutunzi bwisununure mu bice vyose vy’igihugu.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top