Utumwanya tutabora hamwe n’amacupa ya plastike atekerwa mwo amazi n’imitobe y’ubwoko butandukanye bitabwa aho ari ho hose, biri mu bibangamiye ibidukikije. Ariko naho biri uko, Nijimbere Fiacre umunyeshure muri kaminuza nderabigisha ENS avuga ko bikozwe neza aho kwonona ibidukikije vyokoreshwa mw’iterambere ry’igihugu. Ni no muri iyo ntumbero, uwo munyeshure yihaye ihangiro ryo kugabanya iyo micafu mu kuyihingura mwo ama-pavés.
Nijimbere Fiacre, ni umwana wa kabiri mu muryango w’abana 7. Uwu musore w’imyaka 27 avuka mu ntara ya Kayanza, muri komine Muhanga. Nkuko rero avyivugira, ngo iciyumviro co guhingura ibintu bivuye mu tumwanya tutabora hamwe n’amacupa ya plastike, si ivya vuba. Ngo vyamuje mwo mu mwaka wa 2017 aho yari ari mu gihugu ca Uganda. Aho na ho akaba yaguma abona iyo micafu bayegeranya bayijana akumva bavuga ko bayikura mwo ibindi bintu vy’akamaro ariko ntamenye ivyo ari vyo.
Afatiye ku kuntu rero utumwanya (amasashe) hamwe n’amacupa ya plastike ari ibintu bitabora kandi bititura isi cane, eka mbere akabuwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu ribuza ivyo bikoresho mu Burundi, yafashe ingingo yo kwegeranya ivyo bintu bibonwa nk’ingorane, maze ahita mwo kubihingura mwo ama-pavés akomeye cane, gutyo ivyari bibi bicika ivy’akamaro. Igikorwa Fiacre amaze mwo amezi atanu akora.
Uti none ayo ma pavés akozwe gute ?
Nijimbere ati : « Negeranya amasashe hamwe n’amacupa ya plastike ivyo benshi bita amakinju. Ndabiyonza mu kubiturira, ubona ko binatuba cane, nca ndabicanga n’umusenyi nkaheza nkabiha iforoma nshaka. Iyo pavé usanga ikomeye nk’amabuye ku buryo uyisashe hasi mw’ibarabara ikamyo ipima nk’itoni 50 yoyica ko ntihagire ico iba ». Akabona rero ko, hamwe ico gikorwa cobandanya, ndetse kigashigikirwa, ayo mapave ahingurwa mu tumwanya hamwe n’amacupa ya plastike yoshobora gukoreshwa mu kwubaka amabarabara meza asenye neza, eka mbere yonasaswa mu nzu canke mu mpangu z’abantu.

Na yo Jules Habonimana umusore barikumwe, ngo aratangazwa cane n’ubuhinga n’ubumenyi bwo kwiyumvira uwo Fiacre mwumva afise, mbere akaba anipfuza ko yokwamana nawe kugira ashobore kumurahura ko ibitari bike.
Intambamyi… ?
Ku bwa Nijimbere, intambamyi ni nyinshi ariko izikomeye kurusha izindi ngo ni iyuko ari igikorwa kiruhisha kandi akaba agikora ari umwe atararonka abantu bashobora kwumva umugambi ngo bawufadikanye. Arahura kandi n’iyubukene bw’ibikoresho ashobora kwifashisha mu gihe ahingura iyo micafu. Akamenyesha ko kugeza ubu agikoresha iminwe ata mashine yo guhingura mu mwanya muto araronka, akanemeza ko arinze ayironka, nk’imicafu iri mu gisagara ca Bujumbura, bishoboka ko yose yoyihindura mwo ama-pavés mu gihe kitonarenga ukwezi kumwe gusa. Gutyo igisagara kigasigara cera, eka mbere ngo honagera igihe abimara mu gihugu akabura n’ivyahingura. Aranahura kandi n’intambamyi yo kubura ikibanza c’isanzuye yobikorera mwo.
Nijimbere abonera ho akaryo ko gutera akamo uwubishoboye wese guterera ico ashoboye, kugira uwo mugambi ushigikirwe, maze bagire uruhara mu gukingira no gukura imicafu mu gihugu mu ntumbero yo kuyihingura mwo ibindi bintu vy’akamaro bifasha mw’iterambere ry’igihugu. Erega ngo ntahingura amatafari ya pavé gusa, ngo aranahingura amakara mu micafu itandukanye bataye hari mwo n’impapuro !
Mwomenya rero ko mu ntumbero yo gukura mu gihugu utumwanya tutabora dusanzwe tunatitura isi ku rugero rukabije, umukuru w’igihugu c’Uburundi yari yaratanze ikiringo c’amezi 18 cemerera abadandaza kuba basohoye utwo tumwanya, maze inyuma yaho bakiga uburyo bwo gukoresha utundi twoba dukozwe ku buhinga butuma tubora.




