Mu gihe buri wa 15 gitugutu uko umwaka utashe hahimbazwa umunsi mpuzamakungu wahariwe gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni, Uburundi bwaramutse buwuhimbaza kuri uwu wa 18 ku civugo : Iminwe isukuye kuri twese. Muri iyo ntumbero nyene, Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bufashwe mu mugongo n’ishirahamwe Gavi bwatanze umuduga, amapikipiki 8, amakinga 242 ku bafasha mu gisata c’ubuvuzi, nayo UNICEF itanga indobo n’amakarato cumi cumi y’amasabuni azokoreshwa ku mashuri ari mu gisagara ca Bujumbura.
Hari muri Zone Kamenge iri muri Komine Ntahangwa neza na neza kuri Nyabagere conference center, aho ibirori vyahimbarijwe bitewe iteka n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph Butore, Thadée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, n’abandi banyacubahiro batandukanye tudasize inyuma abaganga, n’abaremeshakiyago.
? Kuri uwu wa 18/10, U-#Burundi bwifadikanije n'amakungu mu guhimbaza #GlobalHandwashingDay. Ibirori vyatewe iteka n'icegera ca kabiri c'umukuru w'igihugu, @ButoreJ ndetse n'umushikiranganji w'amagara y'abantu Thadée Ndikumana https://t.co/4ARV2RfSgS pic.twitter.com/vgMwltPZrh
— Jimbere (@JimbereMag) October 18, 2019
Bwogera ku civugo c’uwu mwaka, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwabanje kumenyesha ko gukaraba iminwe n’amazi meza n’isabuni igihe cose imbere yo gutegura imfungurwa, imbere yo gufungura,kwonsa umwana, uhejeje gutegura umwana canke uvuye mu kazu ka surwumwe bituma umuntu yikingira indwara nyinshi. Izo nazo hakaba harimwo izo gucibwamwo, indwara zifatira mu bihimba vy’ihemero, indwara zo ku rukoba, izo mu maso, inzoka zo munda, akamangu k’inkoko hatibagiwe umugera wa Ebola n’izindi.
Abagabanye n’ivyagabanywe
Uwuserukira akarere k’ubuvuzi ko mu buraruko aha mu gisagara ca Bujumbura, yagabanye umuduga, abaserukira amavuriro bahabwa amapikipiki 8 nayo abaremeshakiyago bose uko ari 242 bahawe umwe umwe ikinga , iterefone , mikoro , isakoshi, itara rirahura umuriro ku mishwarara y’izuba, za mpuzu zitamenwa n’imvura, ibirato bidakangwa n’ivyondo, igitabu, n’ibindi. Nayo amashure ari muri Mairie ya Bujumbura akaba yaronkejwe amakarato icumi cumi y’amasabuni.

Kuki vyatanzwe kuri uwu munsi ?
Kuba hatanzwe ibikoresho vyo kwiyunguruza n’ibindi ku munsi wahariwe gukaraba, ntikwabaye ugutubira. Thadée Ndikumana agira ati :«Abaremeshakiyago bafise igikorwa gikomeye kuko bitanga batiziganya mu guhimiririza abanyagihugu kwirinda indwara zituruka kw’isuku rike n’izindi. Bizoborohereza rero mu gikorwa cabo, bashike iyo baja mu mwanya muto,….»
Nayo ku mashure yo mu gisagara ca Bujumbura yaronkejwe amasabuni atanzwe na UNICEF, ngo bazohora bayakoresha mu gukaraba igihe cose bavuye mu tuzu twa surwumwe, imbere yo gufungura ( ku bari mu ndaro) gutyo bikingire indwara zituruka kw’isuku rike, amagara yabo arushirize kumererwa neza.
Akanyamuneza kari kose ku bagabanye
Espérance Irangabiye, umwe mu baremeshakiyago yagabanye yamenyeshesheje n’akamwemwe kenshi ko noneho agiye kurushiriza gukorana umwete udasanzwe kuko ata citwazo. Yagize ati : «Terefone ndayihawe. Nkabona mu kibano hadutse nk’indwara iyobeye, buno nyene nzosimbira ku rutsinga ntabaze ba muganga. Ama inite abaye yamperanye, ikinga ndafise. Nzokangwa n’urubura nayo amama y’imvura yo nta co azontwara, impuzu ziyahana nazihawe. I muhira naho amatara azocika, jeho nzozimbwa n’izuba kuko ribaye ryabonetse ho nzokwiyamanira umuriro w’amatara mu nzu nitunganiriza amaraporo na bo abana banje biga, babonereho. None ga yemwe nobuzwa n’iki gukora nivuye inyuma , narirya nibutswe?»
Thadée Ndikumana, umushikiranganji w’amagara y’abantu, akaba yamenyesheje ko ivyo bikoresho bizotangwa mu gihugu cose, imodoka zose hamwe zikaba ari 18, ipikipiki 287, amakinga 12500 nk’uko abaremeshakiyago bangana mu gihugu na birya bindi bikoresho vyose vyadondaguwe.




