Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

Tetero yoba yaratetereje abamutoye?

« Sister aliniangusha sans blague » Iyo niyo nyishu Guilain aba mu Kanyosha yishuye abajijwe uko yakiriye indirimbo ya Laurette Tetero, uwatsindiye Primusic 2019. Aho ni mu gihe uyo murondo amaze iminsi avugisha benshi kandi menshi bivanye n’uko ariko arabana n’ubu star bwiwe. Abenshi bari bakaniye indirimbo yiwe. Ikinyamakuru Jimbere caratemberereye abakunzi n’abahinyanyuzi b’umuziki ndundi kugira cumve uko bayakiriye.

Kuwa 26 nyakanga, nguwo Tetero arayidropinze nk’uko wenyene avyita.  Saa mbili y’ijoro irashitse kuri Youtube. « Mu cité abadafise utu mega bose , waza wumva ngo ngirira partage uzoba ukoze numve iyo ngoma ya Tetero » , uwo ni uwitwa Kévin. David nawe ati: « Uwo muhuye mucora mwese yagenda arahiga ko ataryama atumvise ico gisasu ».  Aho n’inyuma y’amezi abiri gusa  Laurette atahukanye imiriyoni 25 mu gutsindira Primusic. Mu gihe abakurikiraniye iryo higanwa batari bashize amazinda ku kuntu yaritsindiye bivanye n’uruhara « Team Tetero » yabigizemwo mu kumugirira marketing, indirimbo yiwe niyo yategerezwa kwemeza aba « haters ». Yoba yaremeje ? « Nkimwumva ku ma playback nari niteze iki bombe.» Guilain aguma yijogota  . Ico bamwe nk’uyo bita uguhemukirwa  kiva kukuntu « uyu murondo wo mu Kigobe amaze imisi abica bigacika ku du post twinshi twinshi twazanye polémiques za hatari mu bantu ». Umumenyeshamakuru amenyerewe cane mu muziki na cane cane mu kiganiro Hit Connection kuri Buja FM aragira ico abivugako: «  Indirimbo yiwe kubwanje ntacibaye kweli. Seulement, yaje mu gihe Tetero ubwiwe yariko a créa ama polémiques. Abantu benshi bari bayiteganye igishika kugira bayicritique »

Abari mui Team Tetero babajijwe uko indirimbo yakiriwe baravyishimira. Kerry Gladys Ntirampeba ari mu igisata co kumenyesha amakuru muri iyo Team ati : «  Indirimbo yakiriwe neza cane kurusha mbere nuko twari tuvyiteze ». Ariko Elsa, umwe mu bakunzi b ’ umuziki agira ati: «  Ego nivyo aka beat karatesa muga harimwo contre temps nyinshi kabisa ». Mugenziwe Dorine akabandanya ati : « Utu lyrics ni wararaye ariko hagiyemwo instrumental, Tetero ntasubira no kumvikana».

Utubazo n’imihari  mu bakunzi b’umuziki two tuguma ari umurengera. Hari n’abamuhora rero ko yaririmvye mu kinyamazuru. Ami pro wewe arayica umurya ati : « Zouk ntikiri ku cata. Nk’umuntu asanzwe azi ko music ihurumbirwa cane n’aba jeunes, Tetero yari kubaha akantu kumutse kabibagiza imihari amaze akwega. Hejuru ya style yaba vieux yaririmvyemwo, yaciye anabivyonga mu kuririmba mu rurimi nibaza ko benshi badatahura. Erega aba bajama bacu ngaha hanze indimi sikirenga naho araba toto town ».  Kerry rero yarasiguye igituma irya ndirimbo iri mu gifaransa: « Ururimi rundi woririmbamwo urukundo n’uruhe atari french? Amajambo yarwo atoreka vyihuta kandi araruhura. Ikindi naco twashaka gushikira benshi »

Ngo « abamenyeshamakuru bagize complot contre Tetero »

Mu gihe  uwujejwe kumenyesha amakuru muri Team Tetero, Kerry Gladys Ntirampeba, yishimira uko indirimbo yakiriwe, aravuga ko hariho agahaze ku kuntu iyo ndirimbo iriko iravuzwa ku ma radiyo: « Je ahubwo nibaza ko abamenyeshamakuru bagize urunani rwo kutayivuza peut être kubera ibihitiye. ».  Na Ami pro ntaja kure y’ivyo, akavuga ati :« Iyi ndirimbo yaje mu gihe aba journalistes bari bagifise agashavu bivanye nivyo Tetero  yavuze (Ko agiye gukorana n’ama médias yemewe na CNC kandi ko hageze ivya interview bizosabwa handitswe email). Nubwo jewe ndayivuza kenshi biragaragara ko  itari muri circulation. Promotion y’iradiyo imwe ntaco ivuze. Vyari kuba vyiza Tetero abanje kwisigura ku bamenyeshamakuru ». Muri team Tetero hoho ntibakozwa ico gusaba ikigongwe. Kerry Gladys ati: « On ne regrette pas, donc on n’a pas à s’excuser ». Agenderako abizeza ko mu gihe gito  bagiye kwumva neza agaciro kayo : « Ntimugire ubwoba mugiye kuyumva sana. Harateguwe media tour, mwe ni muduhe akanya gato gusa »

Abahinyanyuzi ntaco bashimye kubivugako

Amir Pro ati «  Ntaco mfise ndayivugako », Bashir Dia nawe « Ntayo ndumviriza » . Kolly the Magic ati: « Rindira mve mu kazi ndakwishura » Mbo, akazi ngira kahavuye kanka guhera kuko ntiyigeze atwishura.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top