Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Sobanukirwa ibiranga ingoma, imwe mu bigize itunga rusangi kw’isi yose

Abantu benshi barakunda umurisho w’ingoma y’Uburundi. Ikivyemeza ni uko mu 2014 yashizwe mu mugwi w’ibigize itunga rusangi kw’isi yose. Ariko burya ngo naho ingoma ikunzwe, bose ntibayitahura kumwe. Ikinyamakuru Jimbere caraganiriye na Oscar Nshimirimana umukuru w’ikigabiro co mu Gishora hamwe na Astère Ndikumana atwara umugwi w’intambo ndangakaranga « Intatana » , baratuyagira ibintu twomenya ku ngoma.

Ndikumana aratanga insiguro zimwe zimwe ziranga ingoma. Agira ati: « Uvuze ingoma, abantu bumva ibintu vyinshi. Igereranya ubukuru, intwaro canke inganji. Uzokwumva canke warumvise bavuga ngo ku ngoma ya Mwezi Gisabo (aho baba bavuze igihe uwo mwami yaganza). Isigura kandi intambo yerekana akaranga k’abarundi itambwa n’abatimbo. Ikongera ikagereranywa kandi n’umugore (Ngoma y’ikirwa). Ubwa nyuma, isigura irya sekuro babaza bagakanirako urusato abatimbo bakubitako imirisho kugira baryoshe ibirori iyo biyereka canke baseruka».

Naho umenga zirasa, ntizitiranwa

Zirya ngoma abatimbo bavuza ziri mu migwi y’amazina itatu, nk’uko zidondagurwa na Nshimirimana, hari izitwa Ibishikizo. Izo ni zimwe zinini zinini cane zisumba izindi zose. Hari igishikizo ca mbere kizisumba zose, hakaba ica kabiri gutyo gutyo. Zinatondeshwa hisunzwe uko zikurikirana mu bunini kandi n’abazivuza bakurikirana uko barushanya inguvu n’ubuhinga. Ibishikizo rero bivuzwako umurisho uwo na wo ukaba uvuzwa baririmba uturirimbo canke barindiriye uwugire aje guseruka. Ziravuzwako kandi umuhindo (ni igihe bavuza utuntu bose usanga bahurijeko).

Hakurikira Amashako, ayo na yo akaba ari ingoma ntonto. Na zo zitonda nk’ibishikizo. Izo rero uwiga wese kuvuza ni zo atangurirako gushika amenyere. Amashako arakokera ni ukuvuga ko baguma bazikubita hejuru ahitwa mu kibenga c’ingoma. Ni na zo zishayura umuvuduko w’amajwi iyo ariko arakwama.

Hanyuma haza Inkiranya. Iyi yo ni ingoma itwara izo zindi. Ihagarara imbere hagati y’ibishikizo n’amashako. Iteye amabara y’ibendera ry’igihugu. Iba ari nziza isenye neza ikanywe mw’isekuro imeze neza ku buryo iseruka ikarusha izindi ubwiza. Ubuhinga bwose bubera kuri iyo ngoma, ni yo itera ijwi ni na yo berekanirako ibimenyetso vy’ivyo bagire bakore. Abaseruka bose bayicako kandi ni na yo yugara ibirori igihe ziba zikiri ku muheto ni ukuvuga zigitonze ku murongo uvunye kabiri (demi-cercle) imbere y’uko zisubizwa mu kigabiro (aho zishingurwa).

Zavugirizwa abakuru ku minsi mikuru y’igihugu ariko ubu…

Uwutwara umugwi w’intambo ndangakaranga « Intatana » avuga ko kubera ingoma yagereranya intwaro canke ubukuru, ubwa mbere bayivugiriza umwami yibambuye (avyutse) canke zikamuherekeza mu ngendo zose yagira. Zaravuzwa kandi mu bihe bikomeye vy’iminsi mikuru y’igihugu, nko ku muganuro, kw’iyimikwa ry’umwami n’ahandi mu ntumbero yo kuryosha ibirori. Muri iki gihe, na ho ngo zikwiye kuvuzwa mu birori vy’iminsi mikuru y’igihugu gusa. Ariko kubera hari abahindagura imico, ha mpande y’ibiringo bikomeye vy’igihugu iranakoreshwa mu buryo butaribwo mu manza zo kwiryohera nko mu bugeni, mu kuyicisha amafaranga.

 Kuki abagore batemerewe kuvuza ingoma?

Nshimirimana ati: « Umugore ntavuza ingoma kuko ifise ibihimba nk’ivy’umukenyezi. Irafise mu Kibenga (harya ku rushato bakubita umurisho, ahasanzwe hagereranywa n’igihimba c’irondoka c’umugore). Umurisho wo usanishwa n’igihimba c’irondoka c’umugabo. Irafise kandi urugori, amabere, inda, umubabo hamwe n’umukondo. Umugore rero ngo ni ingoma y’ikirwa (ikirwa bwari uburiri bw’umwami) ni ukuvuga rero ko umwami atanguye uruhigi (kurangura amabanga y’abubatse) yaba arikumwe na ngoma y’ikirwa. Muzokwumva abatimbo baririmba bati Ngoma y’ikirwa turamuzanye. Baba bavuze umugore. Rero umugore avugirizwa ku kirwa, wewe ntavuza, ahubwo atera intege uwuvuza. Ni hamwe muzobona gusa bazitambira, kuko aramutse abikoze yoba yivugije, ivyo na vyo bikaba bitokunda ata murisho afise ».

Umukuru w’ikigabiro co mu Gishora arangiza amenyesha ko ingoma y’Uburundi yamye yubahirizwa kuva kera na rindi, kanatsinda ni yo yanatumye Uburundi bumenyekana mu makungu. Ingoma iranga akaranga ka basokuru ntikwiye gucishwa amahera mu manza z’abifise ahubwo ikwiye gutera iteka iminsi mikuru y’igihugu mbere n’abaruka ubu bakaziga kugira ngo na bo bazoyihererekane nk’uko ari iragi ryarazwe umurundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top