Kudahabwa agaciro aho baherereye, kubura vyankenerwa, kwiga ntibaronke ubuzi, ni bimwe mu bibazo abagendana ubumuga bagira bigatuma batiga ngo batere intambwe nk’abandi. Vyashikirijwe mu ruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ndero idakumira, rwatunganijwe n’ikinyamakuru Jimbere, gifashwe mu mugongo na « Coopération Française » mu ntumbero yo kurabira hamwe ibimaze gukorwa hamwe n’ivyokorwa mu guha ikibanza gishemeye igisata c’indero idakumira mu Burundi.
Kuri uwu wa 18 Nyakanga , ikinyamakuru Jimbere cakoresheje uruganda rushingiye ku ndero y’abagendana ubumuga mu Burundi. Hari kuri Martha Hotel aho abatumire nka Ruben Karorero yaserukiye ubushikiranganji bw’indero, Nusura Hassan, umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, Emmanuel Ndayipfukamiye, aserukira imbere y’amategeko ihuriro ry’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi RCPHB, umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka k’abanyamwema OPAB, Moïse Nkengurutse baribakoranye tutibagiye abagendana ubumuga bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye.
Zimwe mu nzitizi zashikirijwe
Moïse Nkengurutse ni umunyamwema . Amenyesha ko kuba hakiri abanyeshure n’abigisha bakibafata nk’uko umenga si abantu nk’abandi ngo bituma adebukirwa mbere n’agatima ko kubandanya ishure kagateba kagahera. Akagira ati :« Ubunyamwema bufata urukoba ariko mu mutwe ntibushikayo ». Akavuga rero ko abo bose bakibabona nk’abakehabwenge, ko bihenda. Yitanzeko akarorero aho yamenyesheje ko yarangije ishure nderabigisha ENS kandi adasubiyemwo.
Ruben Karorero aserukira imbere y’amategeko ihuriro ry’ibigo vy’abagendana ubumuga mu Burundi aremeza ko hakiri abigisha babona abana bagendana ubumuga aho kubatera intege bakazibaca. ku vyerekeye ibikoresho vyankenerwa ku mashure ngo ntibikwiye, aho ni nk’ibitabu vy’abatabona, amamashini. Hageze ku buzi naho nyene ingorane zirarushiriza. Ivyo bikaba bigaragarira mu mpampuro usanga zisabwa iyo umuntu agiye kurondera akazi nk’izemeza ko umuntu atabumuga afise.
Asa n’uwumwunganira, Gilbert Bizimungu, umushingwabikorwa mw’iryo huriro we agira ati: « Haracariho ikibazo c’uko abiga ivy’ukwigisha batabigisha ingene bofata abana bagendana ubumuga. Umwana araja kwiga kure kandi ku mutumba iwabo hari ishure». Akamenyesha ko uburyo ayo mashure yubatse bitorohereza abamugaye.
Christine Manirampa, umwe mu bamugaye baribitavye iryo koraniro, ati: « Bimwe mu bidutera kudebukirwa ni uko tubona umenga nta kazoza. Kuki mu batanga ubuzi tutigera twumva ngo abamugaye bari « vivements encouragés » ?Ni uko tudashoboye canke atabaramara amashure bagendana ubumuga bahari ? N’ amashirahamwe akomakomeye nka za ONG atwizeye twokorana kandi tugashobora »
Ni ibiki bimaze gukorwa?
Nk’uko vyamenyeshejwe na Ruben Karorero yari yaserukiye ubushikiranganji bw’indero, amashure agera kuri 31 y’akarorero yarubatswe mu ntumbero yo guha ikibanza kibereye abagendana ubumuga. Muri iyo ntumbero nyene, ngo abigisha 126 baramaze guhabwa inyigisho zishingiye ku buhinga bwokwisungwa bariko barigisha abamugaye. Yanamenyesheje kandi ko uburyo bwatangwa na Reta bushigikira abamugaye bwavuye ku miriyoni 47 buja ku miriyoni 170.
Nayo Nusura Hassan, umuyobozi w’ishure nderabigisha ENS, nawe nyene ashikiriza ko hari ivyakozwe naho intambwe ikiriho. Avuga ko kuva mu mwaka wa 2016, hatanguye gutangwa inyigisho zishingiye ku kuntu abagendana ubumuga bofatwa mu gihe bari mw’ishure. Si ivyo gusa, yanibukije ko iryo shure ayoboye ryatowe mu mashure y’akarorero azokwakira abagendana ubumuga, aho mbere nubu hitezwe abanyeshure 3 bazoza gutangura mu 1400 bamugaye bari bakoze ikibazo ca Reta.
Ibindi bikwiye gukorwa
Nubwo hari ibimaze kurangurwa ngo haracibonekeza ibisika (intambamyi) mu ndero y’abamugaye. Ivyo navyo kugira ngo bikurwe, bisabwa ko uwo ari we wese abigiramwo uruhara , nk’uko Donatien Barumwete aserukira ishirahamwe « Nouvelle vision face au handicap » yabimenyesheje. Ngo birasabwa ko hakorwa rusasuma y’abagendana ubumuga, hakabaho ibiharuro bizwi kuko kubwiwe abamugaye atari aba bari mu mashure gusa, hashobora no kuba hari n’abakiri mu mbari batanazwi. Ivyo biharuro bihari rero, Reta ngo yoheza ikabikorerako gutyo ibindi vyiyumviro vyo kubashigikira mu buryo butandukanye bikogera aho.
N’abagendana ubumuga nyene ngo barakwiye kwiyemera bakumva ko bari mu bandi uko biri kwose, kanatsinda ngo barashoboye. Akarorero katanzwe kuri Daniel Ntiranyibagira agendana ubuhumyi ariko bitamubujije ko aba umwigisha w’abandi mbere na kaminuza arashirako.
Ruben Karorero akaba yashimye itunganywa ry’urwo ruganda ariko kandi akanamenyesha ko, mu ntumbero yo kworohereza abamugaye, ubushikiranganji bw’indero bugiye gusaba ko reta yokurako amakori abinjiza ibikoresho bikenerwa n’abagendana ubumuga ari nk’udukinga, vya bitabu vy’abatabona «Braille», imbago, n’ibindi.




