Ni urwaruka hamwe n’abakenyezi bamaze gutahura ko iterambere ryo mukibano cabo rizova mu bwitange n’inguvu zabo. Ezéchiel, Innocent, Violette na Saïdati ni bamwe mu mboneza zitanga kubw’iterambere z’amakomine yabo. Mur’uru rukurikirane rw’amakuru yanditswe n’ikinyamakuru Jimbere gifashwe mu mugongo n’ishirahamwe SFCG, mu mugambi wo gufata mu mugongo abakenyezi b’imboneza b’ubu n’abo muri kazoza mu ntumbero yo gusasagaza amahoro mu Burundi, muribonera ubutwari izo mboneza zerekana mu kibano.
> Urwaruka rwo mw’ishirahamwe CPAJ rwaratahuye ko kwibeshaho bishoboka
> Iyo ibibazo bikomeye, haseruka abakenyezi b’ijunja n’ijambo
> Violette Mukagatare, uwanaguye amashirahamwe
> Saïdati Iradukunda umupfasoni w’intangarugero, icitegererezo ca bagenzi we
> Urwaruka rw’i Mubimbi rusibura ibarabara, ruca n’inzira y’ubuzima bwa rwo
> Ezéchiel w’i Mubimbi : Ku mashure yiwe atandatu, yashoboye gutanguza isamirizi «Impano»




