Ugutozwa ibiturire, kudindiza ibikorwa ku mipaka, ubusuma, ni bimwe mu nzitizi nyinshi abadandaza bashorera hanze y’igihugu bagirira ku mipaka nkuko bavyivugira. Naho biri uko, umugwi w’igihugu uharanira gukura mu nzira inzitizi abadandaza bagira umenyesha ko kuva mu mwaka wa 2009, mu nzitizi 134 zibonekeje hasigaye 14 zonyene.
Hari kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 22 myandagaro, kuri Royal Palace hotel, aho ikigo kijejwe ivy’ubudandaji n’amahinguriro mu Burundi CFCIB hamwe n’Umugwi w’igihugu uraba inzitizi abadandaza bagira, vyakoresha uruganda rwo kurabira hamwe intambamyi abadandaza bajabukana ibidandazwa vyabo hanze y’igihugu bahura nazo. Ivyo bikorwa bikaba vyafashwe mu mugongo n’ikigo corohereza abakora urudandaza njabukambibe mu karere ka Afurika y’ubuseruko TMEA.
Urwo ruganda rwari rwahuje abakora urudandaza njabuka mbibe, abo mu nzego z’igihugu basanzwe bakorana ku munsi ku munsi n’abaserukira ikigo kijejwe gutoza amakori n’amatagisi OBR, abo mu biro bijejwe kuraba ko ibidandazwa bikwije amategeko, BBN, abajejwe igiporisi kijejwe umutekano wo mw’ibarabara, … Izo nzego zose zikaba zahuye kugira zirabire hamwe inzitizi zikibangamiye abadandaza bashorera hanze.

Ku mipaka vyifashe gute?
I kobero:
Mussa Mabati, aserukira ishirahamwe ry’abatwara imiduga yo mu bwoko bwa ‘Camion’ avuga ko abakozi bo ku mupaka wa Kobero bikwega. Ivyo bigatuma barekura abashoferi bwije na bo abasuma bakavyungukiramwo, gutyo bano badandaza bakama mu ruhombo. Erega ngo hari naho abo basuma nyene bibundira kuri ivyo biduga vya mukwegane bagakata kimwe. Mussa agasaba ko bopfuma bahabwa uburenganzira bwo gukika umusaya aho nyene baba batebeye, mu ntumbero yo kwihisha amaso y’abo bambuzi.
Nayo Cyprien Sindayihebura asanzwe asuzuma ko ibidandazwa bijabuka imbibe bimeze neza (bitaboze canke bitagwaye), ashikiriza ko aho ku mupaka wa Kobero hari ubukene bw’abakozi bakwiye, amazu bakoreramwo atagira ibikoresho kandi ko ibiro BBN, OBR n’ico gisata akoramwo, bidakorana neza, rimwe na rimwe. Ivyo bigatuma hari aho bishika umudandaza akarihira ivyo ashoye bagaca basanga vyaraboze, kandi amafaranga ntabe akiyasubizwa
Mu Gatumba ?
Ugashikana ikarata yawe nshasha ya CPGL ku mupaka wa gatumba, ukumva ngo « zana iyo karata tuyikure ubusugi » , canke ngo « siga amazi yo kunywa », uze umenye ko bakwatse igiturire kuko nta kimangu cabo kizohonyorako utarishe, nkuko vyashikirijwe na Claude Nkezabahizi, yari yaserukiye ishirahamwe Afrabu ritanga inyigisho ku bakenyezi bakora urudandaza rutoruto njabukamazi muri urwo ruganda. Nk’uko uwo yabandanije abimenyesha, kugira ngo ushike kw’isoko, uca ku ma bariyeri ashika 14 yose kandi utagize ico uhasiga, ngo nturengana. Ni mu gihe amabariyeri asanzwe azwi ari 4 gusa.
Clara Kaze, asanzwe akorera urudandaza mu Gatumba nyene agira ati : « Birababaje cane, kuko nta n’impuhwe bagira. Uwushoye irigi n’uwushoye inkoko bose bakwa ibiturire bingana. Uvuye muri Congo ho ata ‘carte jaune’ ufise, hari indobo bizwi ko ushika utereramwo amafaranga 2000 hanyuma bagapfundikira ».
I Mugina, ku rubibe
Nkuko vyemezwa na Alain Wilbert, umugenduzi wa BBN, ibikorerwa kuri uwo mupaka birikwega cane bivanye nuko abakozi badakwiye. Hose hagenzurwa n’ umuntu umwe, ata n’akuma ko kwiyunguruza. Akamenyesha kandi ko ikigo c’isuzumiro ry’ibidandazwa ari kimwe na co nyene kikaba kiri mu gisagara ca Bujumbura. N’iyo ikaba intambamyi.
Pacal Bizoza, umudandaza w’i Makamba, we akamenyesha ko intambamyi nyamukuru bafise ari iy’uko kuri uwo mupaka ata bidandazwa ubu vyemerewe kuhaca kuko Reta ariko yabitegetse abadandaza mu gihe hari hafi cane. Ubu bakaba babicisha ku mupaka w’i Kabonga I Nyanza-Lac. Akagira ati: « Ubona Reta yotanga uruhusha, umudandaza wese agacisha ibidandaza ku mupaka yiyumvisemwo kandi umworoheye! »
Kubw’ivyo, hagiye gukorwa iki?

Christian Nibasumba, aserukira ikigo TMEA mu Burundi, arahumuriza abo badandaza. Abamenyesha ko ihangiro ico kigo gifise ari ukworohereza abo bose bakora urudandaza njabukambibe mu ntumbero yo gukura izo nzitizi zose bahura na zo muri aka karere kandi ko ivyo bibazo biraje ishinga ico kigo. Akamenyesha mbere ko ari no muri iyo ntumbero ikigo TMEA cafashe mu mugongo urwo ruganda kugira ngo baba abo mu gisata cigenga n’abo mu ntwaro bahure bayage ivy’izo nzitizi.
Inomero 75 092 092, zatanzwe na komanda OPC1, Roger Bankibigwira, ajekwe uruja n’uruza rwo mw’i barabara kugirango uwuzokwongera gukomakomwa abaka ibiturire baze bamurye akara, haba ku murango canke mw’ijoro, kuko agahamagazo kiwe kama kuguruye. Akabasa kimwe gusa: kwitunganya. Naho ngo bakazofatwa batanze ico giturire, bazohananwa n’uwagipfumbatishijwe.
Abakora urudandaza njabukambibe rero bakaba bakengurutse kuko Christian Nibasumba aserukira ikigo TMEA yabemereye ko igikorwa c’ivy’ubuhinga ngurukanabumenyi co, buca TMEA, igikura mu nzira, nayo Denis Nshimirimana, umunyamabanga Ntayegayezwa muri CFCIB, akamenyesha ko inzitizi zashikirijwe zigiye gushikanwa imbere maze bije ahabona, zitorerwe umuti.




