Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Abadandaza ntibanezerejwe n’ingingo ibuza iyinjizwa ry’ubumwanya, naho ikingira amagara yabo

Bamwe mu bagwizatunga basanzwe barangurira hanze ubumwanya ntibishimiye ingingo yaraye ifashwe n’ubushikiranganji bw’ibidukijije, uburimyi n’ubworozi ihagarika burundu iyinjizwa ry’ubumwanya kuva kuwa 22 myandagaro. Naho biri uko, ngo iyo ngingo igana gukingira amagara y’abantu n’ibidukikije kuko ingaruka z’ivyo bikoresho ari nyinshi nk’uko umushikiranganji Déo Guide Rurema, abimenyesha.

Claude Iranzi, ni umudandaza w’ubumwanya. Uwu rero yidoga avuga ko hari ubumwanya yari yaratumyeko kandi bwomushikiriye itariki 25 Myandagaro, akabonako agiye guhomba. Agira ati : « Amezi atandatu yari asigaye yari menshi, iyo batureka tukabanza kwinjiza ivyo twatumyeko vyobaye vyiza kuko ubu natwe tuzoca duhomba. Iminsi yose ntitubitumako ngo birare bidushikiriye kuko iyo tubirangura hari aho baduha isango bizodushikirirako».

Eka na Didié Karikunzira ngo yari yagumije ku muzirikanyi ikiringo c’amezi 18 yari yatanzwe, nayo akaba ataribwakwire. Ngo ntabona uko agiye kubigenza mu gihe hari imizigo 300 yose y’ubumwanya yaheruka gutumako, ariko itaribwamushikire, kandi yose ngo muri ico kiringo c’amezi 6 yarasigaye ngo yobaye yaheze, ibaye itarahera naho, ngo ikosa ntiryobaye iry’abafata ingingo kuko isango ryobaye ryageze.

Kubera iki iyo ngingo yafashwe imbere y’ikiringo cari caratanzwe?

Hisunzwe icegeranyo cakozwe ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’itegeko ry’umukuru w’igihugu No. 100/O99 ribuza kwinjiza, gukora, n’ukudandaza ubumwanya n’ibindi bitekezo bikozwe muri bwo. Iryo tegeko rero rikaba ryashizweko umukono n’umukuru w’igihugu, kw’igenekerezo rya 8 Myandagaro 2018. Aho hari hatanzwe amezi 18 ngo abamaze kuburangura babusohore maze bube butacinjizwa mu gihugu. Ubu rero umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko iyo ngingo yafashwe kuko vyagaragaye ko ubumwanya bucinjira mu gihugu kandi bugakoreshwa ukuri kwamye nka mbere. Akabona ko hamwe hatofatwa iyindi ngingo, ikiringo c’amezi 6 gisigaye coba gito cane gutyo ugasanga ya mezi 18 yose arangiye ubumwanya bucibonekeza ku bwinshi mu gihugu.

Ni muri iyo ntumbero, Déo Guide Rurema yamenyesheje kuri uwu wa 13 myandagaro ko ata mugwizatunga n’umwe yemerewe kwinjiza ubumwanya n’ivyo babuhinguramwo kuva igenekerezo rya 22 myandagaro 2019. Akavuga kandi ko n’impusha zose zatanzwe ku bitarinjira zizobazihagaritswe.

Déo Guide Rurema , umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yaribukije ko kugira akamwanyi kamwe kafutangane kw’isi iyo katawe hasi, bisaba imyaka 200

Ni izihe ngaruka ubwo bumwanya butera?

Darlene Ndoricimpa, umuyobozi w’ihinguriro ry’ubumwanya buba bwakoreshejwe akabukuramwo ibindi bikoresho vy’ikimazi, Retraining Company (R D), amenyesha ko ubumwanya butitura isi ndimwa ndetse iyo babuturiye umwotsi uva muri bwo wonona ikirere gutyo ibinyabuzima bikahagirira ibibazo.

Si ivyo gusa, Muganga Bivahagumye, umuhinga mu vy’ingwara z’amahaha, aremeza ko iyo nk’ubumwanya buturiwe, n’abantu bashobora kuhandurira ingwara  na canecane ko baba bahema imicafu y’ivyuka bibi biba biriko birazunguruka mu kirere

Umushikiranganji Déo Guide Rurema agahumuriza abanyagihugu abamenyesha ko naho ubwo bumwanya bukuweho, hariho amashirahamwe akora ivyasubiriye ubumwanya bizohora bikoreshwa mu gusuma, nk’amagapo, ibikoresho bikozwe mu mpapuro n’ibindi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top