Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Arihata, nubwo agendana umugera wa Sida

Médiatrice Mukantara, umwe mu bari mu nyigisho zatunganijwe n’ishirahamwe Dushirehamwe na CPAJ, yashize ku mutima igisata kimuhanze : Ukurwanya umugera wa Sida n’ukwishira hamwe kw’abagendana umugera wa Sida.

Médiatrice Mukantara ni umukenyezi asanzwe w’imyaka 43, ni imvukira yo ku mutumba Ruhehe ifise vyinshi ishaka gushikako. Ubwa mbere, ivyiyumviro vyiwe vyasa n’ivy’umukenyezi uwo ari we wese abona ko ibikorwa vyiwe bigarukira mu rugo. Vyose vyagenda neza gushika mu mwaka 2007, aho yamenya ko agendana umugera wa Sida. Mu gahinda kenshi agira ati : « Namenye ko ngenda umugera wa Sida ngiye gupimisha imbanyi igira gatanu. Narataye umutwe ndabura aho ndagikwirwa ». Nabaye nk’uwucumiswe ku mutima. Ariko yaremeshejwe n’abo bana biwe batanu kuko yasanze bose bafise amagara meza, kubabona bariko barakura nico gusa camuremesha. Mukantara agira ati : « Umugabo wanje novuga ko yari asanzwe atari n’uwanje kuko twabana mu buryo butemewe n’amategeko, yari yarubakanye n’uwundi imbere yuko tubana aca araduheba. Sinigeze numva nosubira kuryamana n’uwo mugabo. Vyabaye ngombwa ko nca nirerana abana ».

Mukantagara yaciye yinjira mw’ishiramwe RPB+ kugira ahambwe impanuro azogenderako. Muri iryo shirahamwe, yaharonse indemesho aca yigira inama yo kuzisangiza abandi. Agira ati: « Abantu ntibemera ko noba ngendana umugera wa Sida, kuko Ntibarigera bambona nagwaye».

Ingingo yo kwigisha abandi

Buhorobuhoro bandurutse babitahura. Hanyuma, Médiatrice aca yiga ubuhinga bwo kwiyegereza abagendana umugera wa Sida bo ku mutumba Nyamabuye kugira bubahuke babivuge bareke kubigira ibanga. Agira ati: « Nagenda mwibanga, nkabanza kuganira n’abakenyezi, hanyuma nkanduruka nkegera n’abagabo babo. Vyasabwa ko mbanza kubereka ivyiza n’akamaro biri mu kuja mu mashirahamwe no kutigera bagira ubwoba bw’uko abandi babamenya ».

Akimara gutangura kwigisha abandi, ingo zigera mw’icumi zari zamaze kwumva umugambi wa Médiatrice. Abantu bagendana umugera wa Sida barenga 30 bo ku mutumba Nyamabuye, Baciye bishira hamwe bagira imigwi yo kuganiriramwo maze batanguza n’ishiramwe ryo kuziganya n’ukuguranana. Agira ati : « Ubu nta soni namba bafise zo kuba bazwi ko bagendana umugera wa Sida. Babayeho neza mu vyiyumviro, kandi ico ni co gikuru ».

Muri iyi minsi, Médiatrice yibanda cane ku rwaruka. Yirirwa arazunguruka imitumba yo mu Bugabira yigisha urwaruka ingaruka mbi ziva mu gushurashura. Agira ati : « urwaruka rwacu rurageramiwe. Kuba bahereranye n’igihugu c’urwanda, barahanzwe, canecane abigeme ni bo bahura n’ibigeragezo vyinshi cane. Batangura gushakana bakiri bato cane, kandi urugero rwo gushobora kwandura umugera wa Sida ruca ruba runini cane ».

Ku bwa Médiatrice, abavyeyi barakwiye kwigisha abana babo ibijanye n’uguhuza ibitsina imbere yuko abana bavyishoramwo batazi ivyo ari vyo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top