Jimbere

ikirundi French English
Imboneza z'Abakenyezi

Abakenyezi b’imboneza barashaka cane guteza imbere i komine ya Bugabira

Mu nyigisho zatanzwe n’amashirahamwe Dushirehamwe na CPAJ mu mpera z’ukwezi kwa nzero, abakenyezi bo mu Bugabira barerekanye ko bipfuza kumenya vyinshi ku vyigwa bariko barahabwa.

Abakenyezi bo mu Bugabira, baguma babaza ibibazo bakaguma basaba gusigurirwa neza kandi bo ubwabo bakagerageza kwishura ibibazo bibarije. Spès Caritas Havyarimana wo mw’ishirahamwe Dushirehamwe uwari aremesheje ikiganiro uwo munsi, yaguma abateze ugutwi kugira nawe agire ico abungukiyeko. Benshi muri bo, bari mu bigisha abandi ugutatura amatati biciye mu mwumvikano hamwe n’uburongozi bwiza, ariko kuko atawumenya vyose hari ibintu wasanga bibazinda.

Imboneza ni iki ? Irangwa n’iki ? Ivyo ni ibibazo Spès yaguma abaza. Delbulgue Naziraje ni we yitanganije kwishura. Yagize ati : « imboneza yitwararika abandi, ntishira inyungu zayo imbere. Ntabwo itanga amategeko ntabanduka ahubwo iha agaciro ivyiyumviro bitandukanye vy’abandi ». Nta n’umwe yamunyomoje. Mu vyukuri, Delbulgue ariko aravuga yarishigikira kuko yarazi ko ariko yishura neza. Mutwakazi wo ku mutumba Kigina yarangije amashure y’isumbuye mu gisata c’uburimyi n’ubworozi ITAB, na we nyene n’imboneza nziza yo kwigirako akarorero muri komine Bugabira.

Imboneza mu bwoko bw’abatwa

Delbulgue yizeye neza ko abatwa bategereza kuva mu bukene no mu gasuzuguro. Yihaye ihangiro ryo kugira ico akoze mu muryango w’abatwa kugira nabo baboneke baje ahabona nk’abandi. Maze kugira ivyo abishikeko, yahereye ku kwigisha isuku bagenziwe kuko yabona ko ariryo ryihutirwa cane. Agira ati : « Ikintu ca mbere gituma dukumirwa, ni umwanda ».

Delbulgue Naziraje

Ukwo ni ko yabanje kuvuga, hanyuma aca abivugira neza mw’ikoraniro ry’abantu ryari aho : « Ni nde yomenya ko jewe ndi umutwa ntabimubariye » ? Agatwengo ngo kwekwekwe. Yongerako ati : « Ivyo jewe ni vyo bimbabaza. Mu vyukuri tubayeho mu bundi buryo » !

Kugira bahagarike iryo kumirwa imbere y’abo bameze kumwe, Delbulgue yabanje guhimiriza abo basangiye ubwoko kwijukira isuku imbere ya vyose. Munyuma Delbulgue yaciye abinjizamwo udushirahamwe two kuziganya no kuguranana tugizwe n’imigwi 10 umwumwe wose urimwo abanywanyi 25. Muri iyo migwi nyene niyo acamwo mu kubigisha ibijanye no gutatura amati bidaciye mu ngimba, gusoneranira hamwe n’ugufashanya.

Kugira ihangiro

Ku bwa Delbulgue co kimwe n’abandi bose bari kumwe mu nyigisho zariko zirabera aho mu nyubakwa ya komine Bugabira, babonye ko kwiha ihangiro ry’ivyo bashaka gushikako, ibikorwa bateganya kurangura hamwe n’inzitizi bipfuza gukuraho bituma babandanya bafise ingoga zo kubandanya bitabira inyigisho zitandukanye zibakarihiriza ubwenge.

Bibiane Manirakiza

Bibiane Manirakiza w’imyaka 60, agira ati : « Hari igihe haba ibintu bitugora gutorera umuti. Noshobora kuvuga nk’akarorero, abana batwara imbanyi batipfuza zituruka ku mibonano mpuzabitsina idakingiye » Uyo Bibiane rero yarakoze uko ashoboye kwose mu gutuma abantu basubira kubana mu mahoro inyuma y’amagume yabaye mu mwaka w’1993, atako aragwanya abagabo baharika abagore babo ba mbere.

Igishimishije cane, nuko inyigisho zije gukomeza ubumenyi bw’urwaruka rw’imboneza. Spès yarangije yibutsa abaraho avuga ati : « Birakwiye ko habaho abashobora guhagararira igikorwa c’imboneza bavyigishijwe neza kugira ntihazobure abazoguma bigisha irindi yaruka rishasha ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top