Mu Kayanza, ikibazo co gucikiza kirateje isibe neza na neza muri komine Muhanga. Naho biri uko, hari abakenyezi nka Anitha Nkengurutse, Fabiola Nsengiyumva n’abandi, bose bahurikiye mw’ishirahamwe ry’Abakenyezi bahungutse bo mu Burundi (Afrabu), bafashe iya mbere mu kwiyamiriza iyo ngendo.
Baratandukanye ariko intumbero ni imwe. Anitha Nkengurutse, umuyobozi w’ishure shingiro Ndava, kenshi, agira ati : « Birababaje cane kubona umwana w’umwigeme yaraciye n’ubwenge ahagarika amashure yiwe ubutarariye yatewe inda n’umukozi wo mu nzu ngo avuye i Bujumbura ». Agashavu k’uwo muvyeyi, karagaragara no mu maso. Arababaye koko. Atariye umunwa, atunga urutoke abavyeyi yemeza ko aribo bene amakosha kuko batitaho abana babo b’abakobwa canecane. Kubw’ivyo, uwo muyobozi yihaye ihangiro ryo guhaguruka akagendera abavyeyi bose barereye kuri iryo shure, umuhana ku wundi abifashijwemwo n’abapfasoni b’imboneza bamwebamwe nka Nyandwi Félicité ariko impinga ngo iracari ndende.
Uko ubukene bwiyongera niko urugero rw’abigeme babandanya amashure rugabanuka. Uku niko Félicité abibona. Nawe agira ati: «Hari urwaruka rw’imisore ruja mu Gihugu ca Tanzaniya rubifashijwemwo n’ababatumako bita ‘abenyeji’. Abo rero iyo bagarutse kubw’udufaranga baba baje bafise baraheza bagahita bihitiramwo turya dukobwa tugifise amaraso ashushe maze natwo tukemeranya nabo kubw’utwo dukate dusizeko uburozi».
Ukubura ababaserukira
Vyukuri ikomine Muhanga irimwo abantu benshi yamara ngo kugutuma abantu bize ni nko kugutuma amashurwe mu bugararwa.
Fabiola Nsengiyumva, umukenyezi w’imyaka28 ni umwe mu ba kenyezi bake bo muri iyo komine bashoboye kuronka urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye. Kubwiwe, ko umwana w’umwigeme ageze mu mwaka w’icenda ahagarika amashure akaja kwubaka urwiwe biratahuritse kuko abona ko arivyo bigezweho ku mutumba iwabo. Nuko rero Hamaze kuba ihugurwa rishingiye ku kuba imboneza, ugutatura amatati biciye mu mwumvikano, ugusemerera, uguhagarara rugabo, abakenyezi b’indryamunyu bafashe ingingo yo kwitanga batiziganya mu kurwaniriza hamwe iryo heba ry’amashure n’ugucikizanya vyabaye ndanse muri iyo komine.
«Ntituriburindire Mesiya mushasha ngo aze kudukiriza urwaruka; ni ah’acu kugira ico dukoze kandi turiteguriye guhangana n’ico kibazo». Uko niko Félicité Nyandwi yarangije avuga, n’akanyamuneza kenshi.




