Jimbere

ikirundi French English
Umuziki

Igiteramo c’indirimbo zo guhimbaza Imana na Dudu, kuri Jardin Public: bizoba biryoshe

©Jimbere | Ishirahamwe Now Creative mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu nyubakwa Kadesh iri mu Kabondo mu ntumbero yo kumenyesha aho imyiteguro y’igiteramo c’amashimwe no gutazira Imana kizoba kiremeshejwe n’umuririmvyi Théophile Niyukuri igeze

Kw’igenekerezo ry’7 Mukakaro 2019, umuririmvyi Théophile Niyukuri azwi kw’izina rya Dudu azoremesha igiteramo arikumwe na bamwe mu baririmvyi rurangiranwa mu ndirimbo zo gutazira Imana ‘Gospel’. Mu gihe iryo sango ryegereje, ikigo ‘Now creative’ gisanzwe gitegura ibiteramo camenyesheje aho bagejeje imyiteguro.

Hari haciye imyaka indwi uwo muririmvyi ataremesha ibiteramo ku butaka bw’Uburundi, akaba yabikorera muri Kenya aho asanzwe aba. Clovis Blaise arongoye umugwi w’abategura igiteramo akaba yamenyesheje ko imyiteguro igeze kure kuko ngo imigwi indwi yose y’abaririmvyi bazoseruka kuri uwo munsi bariko baraheraheza amasubiramwo y’indirimbo z’uguhimbaza, harimwo na zimwe mu rukurikirane rw’indirimbo za Dudu yise ‘Uri mwiza’.

Akaba kandi yaboneyeho akanya ko kwibutsa ko ico giteramo kizobera aha mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza co kuri ‘Jardin Public’, kuva igihe c’isaha zitandatu z’umurango. Abaririmvyi bazotangura kuririmba kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo.

Imyiteguro mu buhinga bw’ivyuma naho ngo igeze kure nkuko bimenyeshwa na Seth aserukira Buja Events. Kubijanye n’amatike yo kwinjira mu giteramo, Clovis Blaise agira ati: « Nti muhendwe canke ngo muzimire. Amatike abaha uruhusha rwo kwinjira muyasanga kuri Athénée Primaire iri mu gisagara ca Bujumbura kuva kuwa kane isaha imwe y’igitondo gushika ku w’iyinga isaha zibiri z‘igitondo ».

Yongerako kandi ati: « Amatike yari yarateguwe yo kwinjira ku bihumbi 5.000 Fbu yararangiye, ubu hasigaye itike z’ibihumbi 10.000 mu bibanza bisanzwe, hamwe n’izibihumbi 30.000 Fbu mu bibanza vy’iteka. Ku bashaka gushigikira abaririmvyi bahimbaza indirimbo z’amashimwe bazotanga 100.000 Fbu gusa. »

Dudu azoba arikumwe n’abandi baririmvyi rurangiranwa nka Apollinaire Habonimana, Redemption Voice, God’s Believers, Prince Mshindi, Reavel Jesus, SMS, Big Zoé, Prince Tuombe, etc. Mu ntumbero yo kuryosha igiteramo, ‘Now Creative’ yaranatumiye urwaruka rw’Abarundi b’abanyabuhinga mu bijanye no kurunga indirimbo babinonosoreye hanze y’Uburundi nka Arsène Nimpagaritse avuza igitari co mu bwoko bwa « solo », Chritian Kibamba rurangiranwa mu kuvuza ingoma hamwe n’umuhinga mu kuvuza igitari co mu bwoko bwa ‘basse’ Yvan Kwizera.

Dudu, umutumire mukuru w’ico giteramo akaba yamenyesheje ko uwoba akunda indirimbo zo gutazira Imana akaba anashimishwa n’ibikorwa abaririmba indirimbo za gospel bakora, ko yoterera agacumu k’ubumwe mu kugura indirimbo ziwe kugira aronke inguvu zokubandanya gukora izindi kuko ayo mahera ariyo ahemba abacuraranzi, n’abazihinyanyura mu vyuma kugira zibashikire zityoroye neza: « Kanatsinda igiti kimwe ntikiba ishamba. »

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top