Naho gushika ubu hakiri abatari bake mu rwaruka rw’abanyeshure bagitwikiriwe n’igitutu c’uko bakirangiza amashure bazohita baronswa akazi na Reta ivyo bikabatera kuguma bareze amaboko, hari abandi bariko bakorana ubwira budasanzwe mu kwikorera utwabo kandi ivyo bakabifadikanya n’ishure. Bene abo, barakwiye gushigikirwa. Tubishikirizwa n’Umushikiranganji w’Indero n’Inyigisho z’Imyuga, Janviere Ndirahisha.
Kuwa 28 Rusama 2019, mu nyubakwa y’ubushikiranganji bw’indero n‘ínyigisho z’imyuga habereye ibirori vy’ugushigikira urwaruka rw’abanyeshure bo mu mashure shingiro mu bikorwa vyo kwikorera utwabo aho baronkejwe ibidandazwa vy’ubwoko butandukanye bivanye n’uko umwe wese yari yarerekanye urutonde rw’ ivyo yipfuza guherako kudandaza. Si ivyo gusa, hari n’ibishingantahe vy’abari barakorewe igikorwa nk’ico mu mwaka wa 2017.
Abahawe umutahe ubwa mbere vyabagendeye gute ?
Kwizera Samuel ni umwe mu banyeshure baribararonkejwe umutahe. Agira ati : « Jewe nari nahawe umutahe w’amakaye 12. Munyuma y’aho ndandaza ubuki n’ifu y‘umusururu, ariko kubw’uko ubuki butanyoroheye kudandaza, nahavuye ndabuheba ndandaza amasabuni, ubu nkaba ngeze ku bihumbi amajana atandatu na mirongo ibiri (620.000) vy’amafaranga y’amarundi. Ivyo bikorwa nabifadikanya n’ishure kandi ntaco vyanyiciye kuko mwishure nagumye menya ukuri kwamye.»

Abanyeshure bahawe udushimwe kubera bazi gutunganya ibikorwa vyinjiza amahera, kandi bakiri ku ntebe y’ishuri (© Burundi Eco)
Irankunda Lucie nawe agira ati : « Nahawe ifarini n’ibindi bijana mu gukora ibitumbura. Vyose hamwe vyari bifise agaciro k’ibihumbi 38.400 ariko gushika ubu ngeze ku mafaranga y’amarundi 250.000 n’ay’umutahe natanguranye hejuru. Ego rimwe na rimwe vyarashika nkahomba ariko ntivyanciye intege, narakobeje. Ivyo bikorwa narabikora kandi niga, kandi vyose bikagenda neza n’ubu ndabandanya ».
Bahejeje gushingira intahe urwaruka rubakurikiye uko vyabagendeye, Appolinaire Harerimana umwigisha mukuru yaserukiye ishirahamwe Start up rifise icivugo:«Rwaruka haguruka» rikaba rikorana n’ubushikirangaji bw’inyigisho, rironsa urwaruka rwo mu mashure shingiro inyigisho zo kugwiza itunga biciye mu ngiro, agira ati : « Birakunda ko igikorwa co kugwiza itunga kibangikanwa n’ivyigwa kandi ukazoja guheza amashure yawe ushobora kwirangurira imigambi utazeye inze.Turigisha abanyeshure bo mu mashure Shingiro kugirango tubafashe gushira mu ngiro ivyo baba barize mu cirwa co kwikorera utwabo kandi ntaco dusaba».
Ni bangahe bahawe umutahe, bahawe iki ?
Bose hamwe, abahawe umutahe bari 6. Akanyamuneza kari kose kuko n’ubwo ata n’umwe yaronkejwe ibidandazwa birenza amafaranga y’amarundi 45000, bizera ko ivyo bike bizobungukira vyinshi. Hatanzwe amagi, amavuta, ikarato y’ifanta , ifarini, n‘ amasabuni. Bose ntibaronse bimwe. Umwe wese yahawe ivyo yasavye abona ko vyomuteza imbere bibaye arivyo ahereyeko.
Kubw’umushikiranganji w’indero, urwaruka rukiri ku ntebe y’ishure, rurakwiye gukura amaboko mu mpuzu ntirurindire ngo ruzokora utworuteza imbere ruhejeje amashure y’arwo kuko bishoboka ko umuntu afatanya ishure n’ibikorwa vyo kwiteza imbere kandi vyose bikagenda neza. Ngo kugira utangure kwikorera utwawe ntibisaba guhera ku mutahe munini ahubwo bisaba umutwe.




