Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Agahogo k’abarundi mw’ihiganwa mpuzamakungu ry’indirimbo nyafirika

Uburundi bugiye kwongera kwifadikanya n’ibindi bihugu vya Afririka mu kwitabira Isabukuru igira 13, ihuza abaririmvyi b’imboneza mu gutsimbataza akaranga nyafirika(Sica) izobera mu nyubakwa ndangakaranga y’i Conakry mu gihugu ca Guinée kuva ku wa 22 gushika ku wa 28 ndamukiza 2019.

Umuririmvyikazi Bérénice Irumva batazira «The Bell» ashigikiwe n’uwutwara ivy’imfatakibanza ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi Kwizera Freddy azwi kw’izina rya «Botchum» hamwe na Risasi Amissi bita «Amipro» ni bo bagiye guserukira Uburundi i Conakry mw’isabukuru igira 13 ry’indirimbo ndangakaranga ka Afirika. Nkuko tuvyiganirwa na  Irumva Bérénice, avuga ko hari haheze imyaka ine ikurikirana Uburundi butitabira iyo sabukuru bivuye ku kibazo c’uburyo bwo kwiyunguruza mu ndege cari gihari. Abaririmvyi ndangakaranga bakaba bagiye guhurira hamwe mu kwerekana ishusho y’ibihugu baserukira kuko biciye mu ndirimbo zabo, barerekana ingene abenegihugu babayeho, barigisha, barahanura kandi baranaruhura.

Amamuko y’isabukuru Sica

Isabukuru Sica yatanguriye  muri Bénin mu mwaka w’ 1997, yitwa Bga ( Benin Golden Awards) aho baraba abaririmvyi barusha abandi kuririmba indirimbo ndangakaranga ku gihugu ca Bénin. Ku ncuro ya kabiri mu 2002 i Cotonou, ni ho yaca yitwa Sica ( Stars de l’Intégration Culturelle Africaine) abaririmvyi b’imboneza mu gutsimbataza akaranga nyafirika biciye mu ndirimbo za none zifise itsitso ku mico n’imigenzo iranga ibihugu vya Afirika. Kwerekana no guteza imbere ingabire z’abaririmvyi ndangakaranga nyafirika akaba ari vyo bashimikako cane, hadasizwe inyuma guhuriza hamwe abanyafirika mu butandukane bwabo bw’imico n’imigenzo ibaranga.

Ni akarusho akahe kari mu kwitabira isabukuru Sica?

Freddy Kwizera arongoye ivy’imfatakibanza ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi, agira ati: «Akarusho ni kanini cane kuko kaba ari akaryo keza abaririmvyi bo mu bihugu bitandukanye vya Afirika bahurira hamwe bakayaga ku bijanye n’umuziki nyafirika, kwerekana no kurimbura intambwe abandi bagezeko mu kwigisha no gutsimbataza akaranga k’ibihugu bakomokamwo, eka mbere baranarahuriranira ubuhinga n’ibikoresho bakoresha mu muziki». Yongerako ati : « biratuma abaririmvyi barabiranirako uburyo bitunganije hagati yabo bakabona ivyo guhindura, ivyo kuryohora n’ivyo bogumana».

Irumva Bérénice amenyesha ko akaranga k’igihugu gafise akamaro kanini mu guhuza no gushira hamwe abantu bo mu bibano bitandukanye basanzwe bakora n’ibikorwa bitandukanye. Akarusho ko kwitabira iyo sabukuru Sica na we nyene amera nk’uwushimangira ivyavuzwe na Kwizera Freddy. Irumva agira ati : « Ni iteka ku gihugu kuko ibendera y’igihugu cacu c’Uburundi izoduzwa ihungabane mu makungu, gutyo abantu bazobona ko Uburundi bufise ico kwereka abandi, kandi ko bufise ico boburahurako. Ikindi ni uko hazobaho ibihembo bizohabwa igihugu biciye ku baririmvyi bazoba baserutse». Yamenyesheje kandi ko indirimbo  yiwe yise « Iwacu » ari yo yatowe ngo izerekane ishusho n’akaranga k’abarundi i Conakry mu gihugu ca Guinée. Agira ati :   « Numva ndi n’umunezero n’iteka kuri jewe no ku gihugu canje ».

Ciza Bernad azwi kw’izina rya Bashiri Yano Indundi akaba ari umuririmvyi ariko araduga mu muziki ndundi, arishimira cane kuba indirimbo  «Iwacu» ya Bérénice Irumva  yaratowe ngo iseruke mu makungu. Ciza Bernard agira ati: «Indirimbo « Iwacu» ya Irumva irimwo amajambo yubaka abarundi, kandi ituma akaranga kacu kaguma kaboneka gutyo bigatanga icubahiro ku muririmvyi no ku gihugu».

Isabukuru Sica ni isoko ryo gukomeza amahoro n’ubumwe mu banyafirika, ifise ihangiro yuko buri mwaka hoza haratunganywa amahiganwa ndangakaranga mu bihugu bitandukanye vya Afirika gushika no kw’isi hose biciye mu ngabire zitandukanye z’abaririmvyi b’indirimbo ndangakaranga za Afirika.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top