Ukwiyunguruza mu kirere ku rutaro hakoreshejwe amangetengete ni ikintu gikunzwe kuvugwa ariko kidahurizwako na bose. Ni mu gihe mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 22 ndamukiza 2019, hari umukecuru bivugwako yoba yakorotse ku rutaro muri karatiye Winterekwa iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Vyatanguye bica ku mbuga ngurukanabumenyi ko muri karatiye Winterekwa, zone Gihosha, komine Ntahangwa iri mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura hoba hakorotse umuntu yari ku rutaro. Tugiye kuraba, twasanze ari ku rugo rw’uwusanzwe ari umukuru w’iyo karatiye Isidore Ngendakumana. Aho na ho, hasanzwe hari inyubakwa iriko iragerekwa ubwa kabiri. Hejuru kw’iyo nyubakwa harunze imbaho z’imadiriye. Ngendakumana akaba yarahashize umuzamu azirarira kugira ntihahave hagira umusuma amuca mu ryahumye ngo amutware ivyo bikoresho bimufasha kwubaka. Nkuko tubiyagirwa na Isidore Ngendakumana, ngo uyo muzamu wiwe yamubwiye ko yari yiteramiye ari kugikorwa ciwe co kurarira nkuko bisanzwe. Mu gaturuturu ka kare ko kuri uyu wa mbere nko mu masaha ya sacenda ngo aza abona umuntu w’umukecuru akorotse hejuru n’impande ya zambaho acunze ngo gii! Wa muzamu na we yameze magabo ngo caki! Umuzamu ati:«Ndagufashe, Uvahe ukajahe»? Uwuri uwundi ati: « Tugize impanuka ndeka nigire abandi baransize».
Ngo yoba ari umurozi
Mbonihankuye Evanessa ni umukecuru akuze ari mu myaka irenga 70, mu maso yari yiyoberanije yirabura tsikitsiki kubera imivyiro yari yisize. Avuga ko yavukiye mu Karonda mu ntara ya Rumonge, ubu akaba aba i Teza mu Kamenge. Ku bijanye naho yafatiwe, ni co yaraje gukora, uyo mutamakazi avuga ibitandukanye cane ku buryo vyogorana kumenya neza iyo yari agiye canke ivyo yari aje gukora. Agira ati: « Twagize isanganya imodoka iragonga nari nduze kwa Kaburente», uwundi mwanya yagize ati: « Umushoferi wanje yagiye. Ni umunyagishingano, ni mundeke niyotere kandi mbe ndirabira amatara y’iwacu».
Vyamungu Adrien umwe mu bamubonye muri ako gaturuturu, agira ati: « Uyo mukecuru ntitwamumenye ariko ashobora kuba ari umurozi kuko nta kuntu yokorokera kunyubakwa igeretse kabiri kandi atoshobora no kwiba ngo tunibaze ko ari umusuma». Yamenyesheje kandi ko uyo mukecuru bamubajije ko ataroga yabihakanye ariko yiyemereye ko umugabo wiwe yishwe azira uburozi. Ngo ni ho baca bamubaza uko vyagenze, ngo aca abishura agira ati: « Umugabo wanje ngo yoba ari we yaroze umukazana wacu aca arasara, bamubwiye amurogore ngo aca amusiga imiti aca arapfa, ni ho uyo mugabo wanje na we baca bamwibundira bakamwica».
Amajambo yavugwa kuri uyo mukecuru arayobeye cane. Wimana Olave, yiboneye uyo mutamakazi, avuga ko abantu baza baramufata ashaka kuguruka akoresheje ikirembe c’igitenge n’igitambara c’ubusage. Wimana olave agira ati: « Uyo mukecuru yaza arasasa igitenge n’igitambara ashaka kuvyicarako ngo aguruke, babimwaka akanigana na bo ngo ni bamureke yigire. Abari aho baca baja inama barabiturira». Yongeyeko kandi ati: « Yivugiye ko yari afise amagi atatu n’utubuye dutatu twiburungushuye ariko ntiyashimye kuvyerekana».
Amaherezo yiwe yabaye ayahe?
Isidore Ngendakuriyo agira ati: « Ku kwanka ko hohava hagira umwenegihugu amugirira nabi, naciye ndamujana ku biro vya zoni Gihosha atari kugira bamufunge, ahubwo kugira ndamushikirize abajejwe ubutungane babandanye amatohoza yimbitse».
Ku biro vya zoni Gihosha, uyo mutamakazi ntiyongeye kugira vyinshi ashikirije, kuko abana biwe bari bahaserutse baca baja barankira uyo mutamakazi kugira ica vuze, kuko bo bemeza ko umuvyeyi wabo ashaje, ivyavuga bidatonze neza ku murongo.
Igihe c’isaha umunani zirenga gato, umukuru wa karatiye Winterekwa avuganye n’abajejwe ubutungane baretse uyo mukecuru arasubira ku muhana iwe. Umuntu yoshobora kwibaza nimba boba bamurekuye kubera uburozi yiketswe basanze ata bwo afise canke ko ari kubera ubutegetsi bw’Uburundi butemera uburozi?




