Jimbere

ikirundi French English
NGIZE NTI

Ubwo turiteguriye kuba imiriyoni 75 ku butaka bw’Uburundi?

Sinzi ko mwumvise ibiharuro abashakashatsi babiri baherutse kwerekana: ku murindi Abarundi turiko wo kuvyara, tuzoba turi imiriyoni 75 mu myaka 80 iri imbere. Ni ukuvuga ko amatongo yacu azoba yaze incuro hafi 7 ugereranije n’uko angana ubu. Abakoze ico cigwa bati: « Ubu turi imiriyoni 11 z’abantu ku butaka bw’Uburundi, ibice bingana 76 kw’ijana vy’imanza ziri imbere y’ubutungane zerekeye amatongo. None niyo twiyongera incuro 7, bizoba bimeze gute? »

Uvyiyumviriye neza, amaganya aca atangura kukwuzura. Ego, ni vyo: uko ababa mu gihugu runaka bongerekana, ni ko n’ubushobozi bw’ico gihugu bwo gutera imbere bukomera. Perezida Magufuli wo ngaho hakurya muri Tanzaniya aheruka kuyica umurya, ati: « Bakenyezi b’i Tanzaniya, vyare vyare. Nimba Ubushinwa canke Nijeriya bihagaze nk’ibihugu bifise ubutunzi, ni kubera bifise ababibamwo benshi. Ntibabasamaze rero n’imigambi ngo yo kuvyara ku rugero. Igikuru ni ugukora cane, maze abo uvyaye ugashobora kubarera ».

Ayo majambo uyaravye, arafise ukuri. Kuko kurondera akanoti mu gihugu ushobora kugurisha nk’umuderi w’impuzu, canke ikinyobwa, ku bantu imiriyoni 5, ntaho bisa bisana no kubikorera mu gihugu abashobora kugura ivyo udandaza ari imiriyoni 100 (Nijeriya) canke umuriyaridi w’abantu (Ubushinwa). Urumva ko amahirwe menshi yo kuba umutunzi ari mur’ico gihugu kirimwo abantu benshi.
Aho ijambo rya Magufuli rigorera, ni uko ubwinshi bw’abenegihugu ari itunga igihe bano bafise ubutaka bukwiye bwo kurangurirako imigambi (kandi Tanzaniya koko irabufise), bakongera bakaronka ubumenyi n’imitahe bituma ubutunzi bwabo budahagarara gusa ku bikorwa mfatirabutaka (kurima, kwimba, kuroba, guhiga, …)

Uko mu Burundi bimeze, isi ntiriko iraguka (27 834 km2 zacu zizoguma ar’izo). Kandi, nta mitahe minini minini turiko turabona iza mu gihugu ngo itume haba abenegihugu bava mu vyo kurima, ngo bijukire iterambere rishimikiye ku bumenyi n’impano.

Nico gituma ubugeni bwa Olivier bumaze iminsi butuma ntasinzira.

Olivier ntimumuzi. Ni umuntu akomeye cane, muri Jimbere. Niwe ategura utwo dufungura. Ni umuntu akunda kwitwengera, guter’inkuru, ashigikiye Real Madrid, rimwe na rimwe ka Primus ntikamugwa nabi.
Haciye impusha zibiri, twari twagiye kumushigikira ku rubanza rwiwe i Bukeye bwa Muramvya. Icadutangaje muri nya rubanza, abari baje kurwitaba bari bato. Kireste ngira abavyeyi biwe, uwari ashaje yari ngaho yari afise imyaka 34. Sinz’ingene tukimubajije hagati mu rubanza, aca aratwenga. Ati: « Erega ngaha jewe nari narengeranye! »

Olivier ubwiwe afise imyaka 22. Uwo bubakanye afise 20. Ni ukuvuga ko, Imana ibatije amagara, bafise imyaka 25 bariko baravyara… Ubiravye neza, ntihazobura abana nka batanu bava mur’urwo rugo. Muvyara wa Olivier yabiriwe afise imyaka 18, ubu afise abana batatu, déjà.

Ibintu birakomeye rero. Dufatiye kur’ako karorero gato ka Olivier, biragoye kubona ingene imvyaro zizogabanuka mu myaka nka 20 iri imbere. Na rirya haje ingingo itezurira abakenyezi bibungenze, ntakizobuza ko irwirirana ry’Abarundi rikurikirana umurindi ba bashakashatsi batubwira utujana ku miriyoni 75 z’abantu bazoba baba mu Burundi muri 2100.

Weho, si ko ubibona?

Mu kurindira ko nsoma inyishu yawe, reka mbe ndaraba ko atakantu Olivier yakaranze…

Sabikanya kuri
18 Comments

18 Comments

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top