Hari hasanzwe haboneka intambwe mu vyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, Menyumenyeshe itaratangura gushira mu ngiro indinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE). Ariko kuva uwo mugambi uhisemwo kwongereza uruhara rw’abanyeshure mu kwitunganiriza imirwi (clubs), harabaye akarusho.
Abanyeshure bategerezwa gufata iya mbere mw’itunganywa ry’ibikorwa n’inyigisho za Menyumenyeshe mu migwi bahurikiyemwo. Mushobora kwibaza akamaro ivyo bifise? Adrien Nahayo arongoye urunani Menyumenyeshe rw’i Murima muri Kayanza niwe abitwiganira ati: » Ni kugira dukaburire urwaruka, rwo nyene urwabwo, kwiga kwitunganiriza ibikorwa vyo mu migwi, kuko nibo bazi ico bashaka kumenya, n’inyigisho bakeneye kwumva. Uruhara rwabo rero ni ntangere. »
Akagaruka akatugira ku muriri itandukaniro rihari n’ukwo vyari bitunganije ubwa mbere ati: » Biratandukanye cane n’ukwo vyari mu ndinganizo ya mbere ya Menyumenyeshe, ica mbere co mu migwi haza uwushaka, nta gaciro gakwiriye babiha, n’abaza bakaguma bakwega amaguru, no mu bikorwa vy’imigwi bakabikora nk’abadashaka, kubera bakora ivyo bategetswe. Ubu ariko kubera aribo bavyikorera hafi ya vyose, bakanihitiramwo n’abigisha bakorana barabikunda kurusha. » Ku bwiwe ngo ikindi ciyongere n’ukugira rwabo izo nyigisho, bakumva ko aribo ruti rw’umugongo rw’imigwi bahurikiyemwo (clubs), ko babitaye vyoba bipfuye.
Kubaha ikibanza ngo bitunganirize imigwi birafasha cane mu kibano
Muhoza Marie Grâce, ari mu barongoye abandi mu mugwi bigiramwo ivy’irondoka rijanye n’amagara meza kw’ishure rya Komine ryo ku Murima, intara ya Kayanza ati : « Kubona twizerwa ngo turongore abandi, turabikenguruka cane. Turi kumwe n’abandi banyeshure tugenda turabona ibikorwa bibereye vy’ugukora, n’inyigisho z’ukwiga, n’uguhagararako bimwe bihagije. Twarashizeho n’umugwi utegura ibikino, ivyese, tuza turaja gukina mu mitumba iyo tugiye kwigisha ivy’uyu mugambi. Ni na twebwe twitorera ikirangaminsi c’ingene tuzohora tuja kubikina n’aho tuzoja. »
Ndayishimiye Connie, umwigisha murezi wo kw’ishure shingiro rya Rutegama ati: « N’ubwo biri ukwo kugira uhabwe kurongora club, utegerezwa kuba uri umunyeshure akerebutse, witanga mu bikorwa kandi uciye ubwenge.»
Kw’ishure ryo ku Murima muri komine n’intara ya Kayanza, Jean Berchmans Mateso umuyobozi waryo atubwira ati kubaha umwanya bakisanzura mw’itunganywa ry’imigwi y’ibikorwa bituma no mu kibano baba abantu b’abizerwa, babona kure, bakabona ibikenewe gukorwa imbere y’abandi. Ibishimangirwa kandi na Galine Kaneza, umuyobozi w’ishure shingiro rya Rutegama muri komine Gitega, amenyesha ko abo banyeshure nk’iyo bishitse bakabona umuyabaga yigenza nabi mu kibano n’aho yoba atari umunyeshure bafata akanya bakaja kumuhanura. Kubw’uwo muyobozi ngo n’intambwe nziza y’ugushima cane.




