Abavyeyi bafise uruhara ntasubirizwa mu ndero y’abana babo. N’ubwo biri ukwo ikiyago hagati y’abana n’abavyeyi ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza nticamaho, ivyo navyo bikaba bifise ingaruka mbi nyinshi ku rwaruka. Menyumenyeshe mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose iti: » Reka tubihagurukire »
Burya rero ngo umuvyeyi w’umurundi ngo yobona yibangikanya agakoni kugira aze arahana umwana wiwe yaguye mu makosa hakwo amwicarika ngo bayage ivy’ihindagurika ry’imibiri yabo wohava ugirango ntibibaraba cane.
Nahimana Fabiola n’umuvyeyi twasanze kuri komine Kiganda ati: « Umuvyeyi nsigaye ndi, kubera umugambi Menyumenyeshe uhurikiyemwo bose, atandukanye cane n’umuvyeyi nari ndi ubwambere. »
Umuvyeyi n’umwana baraba abagenzi, bakanabitsanya utubanga
N’umwana ku mugongo Fabiola ati : « Abana banje basigaye ari abagenzi banje » Muti gute? Aratugira ku muriri: » Ubwa mbere nari nashize mu mutwe ko mukubarera ntegerezwa gukara. Ivy’ukwo tuyaga nkababaza ivyo bagenda baracamwo ku munsi ku munsi sinabiha agaciro cane. Ariko, ntimwibaze ngo nije jenyene, co kimwe n’abandi bavyeyi bo ng’aha, usanga twigumira mu vyacu, tukibaza ko abana bacu tubarungitse kw’ishure akazi kaba gasigaye kaba ari ako umwigisha gusa, ugaca usanga inda z’indaro ziguma zigwira mu kibano. »
Spès Caritas Nshimirimana, umuvyeyi w’imyaka 50 twasanze mu Kayanza ati: » Menyumenyeshe yarankuyemwo amasoni, ubwambere nabona umengo noba ndiko ndabashirisha isoni, ariko ubu naratahuye ko ari uburyo bwiza nyabuna bwo kuzitira tutaronerwa, n’inda z’indaro ziraheza zikagabanuka. » Fabiola Nahimana ati: » Menyumenyeshe yatumye no mu rugo iwanje twe n’umugabo tuza turaganira, ubu dusenyera ku mugozi umwe«
Rémy Ndikumana, umuyobozi w’ishure rya Kiganda we amenyesha ati: » Inyigisho dutanga ku banyeshure muri Menyumenyeshe dutegerezwa kubona ko abanyeshure bazishikana mu rugo zikazana impinduka mu ngo no mu kibano aho basanzwe babaye. » Arongera ati: » Gukorana kwa hafi hagati y’amashure n’abavyeyi biraheza bikagirira akamaro n’abavyeyi bo ubwabo. » Ku bw’uwo muyobozi, ivyo ngo bituma agira icizere ko ivyamwa vya Menyumenyeshe bitagenda akagirire n’inyuma y’uwu mugambi. »




