Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Umupfasoni aturubikwa mu rugo ntashobora kwiyungunganya ngo yiteze imbere

Nubwo bitavugwa kenshi, kugira amahoro mu mutima, ni kimwe mu nkingi nyamukuru imigambi yo kwiteza imbere yubakirako. Ni isoko ry’umunezero mu bubakanye, ni karahara mu ruganda ntibacura. Biciye mu biganiro ikinyamakuru Jimbere Magazine kimaze iminsi gitunganya mu mugambi « Tuyage » w’ishirahamwe Search For Common Ground Burundi, bifashwe mu mugongo na USAID, twarashoboye gutororokanya ivyiyumiro vy’abarundikazi ku bijanye n’intambamyi zibahanamiye mu vyo kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere.

Mu ngendo zo gutororokanya ivyiyumviro bishingiye ku nzitizi abakenyezi bakunda kugira igihe bipfuza kurangura imigambi yo kwiteza imbere, igitigiri kitari gito cagarutse ku ngendo y’abagabo bamwebamwe baciziziwe n’ingeso yo kuragiza amahiri abagore babo, gushora amatungo y’urugo, bakaja kwinywera utuyoga, ukutemererwa n’abashingantahe babo kuja kurangura imigambi yo kwiteza imbere ariko cane cane uguturubikwa n’abo bubakanye. Ibi vyiyumviro vyatororokanijwe n’imiburiburi muri komine imwe y’intara zigize Uburundi, bibona gusukiranywa.

Anne Marie, umukenyezi wo mu ntara ya Makamba, asanzwe arangura umugambi wo gusuka imishatsi: « Ntivyoroshe kuvyuka uja kurangura imigambi yo kwiteza imbere waraye wicaye ku musaya w’inzu, ijoro rikagukerako ujunje muri ico kibanza. Nubwo jewe bitaranshikira, ndabibona kuri bagenzanje, ariko nishize mu kibanza cabo, ndabona ko buba ari ubuzima butoroshe.» Anne Marie cokimwe n’abandi bashikiriza ko nubwo ishaka ryoba rihari ku ruhande rw’umukenyezi, hagera igihe rikamuheramwo bivanye n’uko naho yoja guca udufaranga aba asa n’uwuvomera mu kiva, kuko utwo yegeranije hari n’aho ashika atwakwa n’umugabo.

Ituze mu bubakanye riruta amaronko…

Kuronsa umutahe uwo mwubakanye ni vyiza. Ariko ugumye umurya umutima ni hahandi. Mu gihe ivyo akora vyose abikorana umutima uri mu kirere, nta ntambwe urugo rushobora gutera. Ni yo mpamvu abubakanye bakwiye gushira hamwe, naho hogira ico badahurijeko, ntihabe ugutanako umwikomo, ahubwo hashirwe imbere ikiyago. Kubwa Godefroid, yakurikiranye ivyigwa bijanye n’inyifato muri kaminuza y’Uburundi, bikwiye ko naho vyoshika abubakanye bagatata, boca baja hamwe bagafata akanya ko kwitatura, bakayaga kandi bakagerageza gutahurana, bagaheza bagasanasana ya migambi y’iterambere yo gukuza urugo rwabo, ahandi ho kurangurana imigambi n’uwo mudahuza ni nk’ukwiyumvira kwubaka mu kirere, iyi nzu nta ho iba ifashe.

Godefroid abandanya agira ati : « Ikiyago hagati y’abubakanye gikinga amabi menshi, kigasasagaza umunezero mu rugo. Mwarumvise canke muhora mubona mu bubakanye umwe agasuka amarike ku wundi, hakaba ivyaha vy’ugucumitana uwudakoze ivyo ukamutora yiyatse ubuzima canke naho hakaba ukurengerwa n’impuzu akazita akagenda ari amenya mw’ibarabara. Ibi akenshi hari aho usanga biba vyavuye mu kutiyugurura ngo umwe wese ashikirize mugenziwe ivyamutuntuje, habe ugusabana imbabazi, nk’igihe hari uwahemukiye uwundi. Ikiyago hagati y’abubakanye rero gifise ububasha budasanzwe, abubakanye bogikomeza. Ni ivyo mwiyumvira namwe ko birinze bishika kuri urwo rugero, uwagize ivyo bibazo atoba agishobora kwiyungunganya. »

Nayo Samuel Nininahazwe umuhanuzi wa Buramatari w’intara ya Gitega mu vyo ajejwe harimwo ugukurikirana ibibazo vy’imibano, imico n’akaranga, ahanura umushingantahe wese kwirinda guhuha canke kuryagagura umupfasoni wiwe, guheba ingendo yo kwama akankamira uwo bubakanye, bame bibuka ko bagize umubiri umwe, kuko ata mugambi w’iterambere ushoboka mu gihe ababana barabana ay’ingwe.
Nayo abakenyezi na bo nyene, ngo bokwama bibuka ko uko biri kwose, umugabo ari serugo, bakama bubahana na cane cane bakagerageza kunagura rwa rukundo bari bafitaniye bakireshanya, bereke akarorero keza abana babo, umwana wese azokure agira ati : « Icompa urugo nk’urwa Data na mama.»

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top