Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

« Ngo nta mugabo wo kurira, ivyo bibereye abagore … »

Abantu benshi tuzi ko kurira ari ibisanzwe ku bana bato kandi ko ata n’ico bitwaye kubona abagore bariko bararira. Ariko, ngo nta mugabo wo kurira naho yohura n’ibimubabaza vyinshi kuko ngo vyoboneka nabi mu bantu. Kanatsinda ngo amarira y’umugabo atemba aja mu nda.

Mu Burundi bwa kera, indero y’umwana w’umuhungu yari itandukanye n’iy’umukobwa. Umukobwa babona ko arerwa na nyina. Agakora imyuga nyina akora. Muri make, yaherekeza nyina mu bikorwa asanzwe akora vyose. N’umuhungu nyene yaherekeza se mu bikorwa vyiwe.

Pantaléon Ntakarutimana yize ivyigwa vy’imico n’amayagwa nyafirika muri kaminuza y’Uburundi, afatiye ku ndero abana bahabwa, avuga ko ibikorwa vy’abahungu n’abagabo vyaba ari ibikorwa bigumye. Bidasaba agafyinyi. Kuburyo umwana w’umuhungu arize, baca bamukubita, bamubwira bati: «Wewe urashobora kurira uri umuhungu, nta soni? Ivyo ni ivy’abagore. » Umuhungu ntiyabwirizwa gufyina kuko vyaboneka ko ategerezwa kwiga kuja imbere y’umugore, kandi ariwe amucira inzira.

Dr Jean-Marie Ningenza, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi mu gisata kiraba ibijanye n’inyifato n’imibereho y’abantu avuga ko aho hambere umuhungu bamushiramwo agatima ko kurinda. Bakamukuramwo ibigumbagumba bituma aba umunyabwoba, ahubwo akiga gukomera umutima. Rero ngo kugira ivyo bishoboke, yakura bamubuza kurira. Bakamwereka ko kurira ari ikimenyetso c’ukutarinda. Agaca akura azi ko umuhungu atarira. Mbere ko naho yorira, kizira kwereka abantu ko yakoroye amosozi, ahubwo ko yoyigumizamwo. Ni na ho havuye wa mwibutsa w’abarundi ugira uti: «Amarira y’umugabo atemba aja mu nda. » Ko umuhungu aguma afise isura irinda, atarizwa n’akantu kose kamushikiye.

None ubwo hoba hariho akamaro ko kurira?

Burya nta kabura imvo. Dr Jean Marie Ningenza avuga ko kurira bifise akamaro kanini cane. Uyu mwigisha aremeza neza ko hatarira amaso, ahubwo harira umutima. Ni ukuvuga ko, iyo umuntu arize, hari ibintu biba biri muriwe bimutuma arira. Arya marira akoroka ngo asigura ko hari ikimugoye kandi kimubabaje yaburiye inyishu, akanduruka aturikisha akarira.

Jean Marie Ningenza ati: « Iyo umuntu arize, biboneka nk’inyishu y’ikibazo cari canse gusohoka. Ni yo mpamvu n’iyo umuntu yabuze umuntu bagira bati: Mureke arire yihereze. Aruhuke. Arya marira umuntu abika muri we, aba ariko aratuma ico kintu gishaka gusohoka kimera nk’ikibombe gishaka guturika. Kurira rero biboneka nk’uko ari inyishu y’ibibazo biba vyabuze aho bisohokera. Ni vyiza rero ko umuntu arira, akihereza. »

Uyo mwigisha muri kaminuza avuga rero ko kurira atari ivy’abana canke ivy’abagore gusa. Ahubwo ko uwo vyokundira wese, iyo ari mu bihe birijije ko yorira kuko vyorosha umutima n’umutwe, bigatuma hanaboneka n’inyishu z’ibiba bimubabaje. Rero iyo utarize wabishaka bituma wama utuntuye kandi urushe. Ku bw’ivyo, n’abagabo barakwiye kudatinya kurira mu bihe vy’umubabaro, kuko biruhura, bitayeko ntibinakuraho ukurinda umugabo aba asanganywe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top