Jimbere

ikirundi French English
INDERO

« Uburyo reta itanga muri Master ni buke ugereranije n’igitigiri c’abo bwategerezwa guhabwa »

Inyuma y’amezi arenga 6 abanyeshure biga mu mwaka wa mbere wa Master muri Kaminuza y’Uburundi no muri ENS bataronswa prêt-bourse, bamwe muri bo batanguye guheba, abacinanata na bo batonda vya nabinabi biturutse ku mikoro make. Mu biro biraba ivy’itangwa rya prêt-bourse bati : « Uburyo ntibukwiye. »

Kuva aho agakuru k’indinganizo y’inyigisho za Master gashikiye muri Kaminuza y’Uburundi co kimwe no muri ENS, abanyeshure batari bake bari bakiri mu gice ca mbere c’amashure ya Kaminuza baragize inyota n’imihigo vyo kwongereza ubumenyi, ubona ko bari bemererwa n’ingurane y’ibihumbi ijana ijana ku kwezi, bibasahiriza mu kubaho. Mu bakoze ikibazo gitanga uburengazira bwo kubandiriza ivyigwa muri Master, hari mwo abari bamaze igihe bakora ubuzi nk’uko hari n’abandi ari ho bari bagiheza amashure, batararonka aho bisumamwo.  Hari n’abandi ari abanyagisagara. Ubwo barabandanya ivyigwa bose ?

Inyuma y’akayunguruzo, igihuhusi c’ubuzima …

« Sigaho si ayo kuvugwa. Ni bimwe nyene amosozi y’umugabo atemba aja mu nda. Aha burya turaremvye. Kuba mu gisagara ca Bujumbura amezi 6 utari imvukira yaho canke ngo ube ufise igisanira basi kikuronsa aho ukika umusaya, ubaho wimenya muri vyose, utonda no kw’ishure, biragoye ».  Iyo ni yo nyishu M.S yishuye aho yariko atuyagira ingene kwihangana vyarenzwe agire ahave atekera asubire ruguru ku gatumba.

N.D wewe avuga ko aho bigeze, bitagikunda ko atonda iminsi yose, nyabuna ngo aza aranyuzamwo asimbira kurondera icorirenza nakare ngo « Hakora mu nda ». Yongera ko ati : « Burya nkiza gutangura narinzi ko utwo dufaranga tw’ingurane ari two nzohora nisuganya mwo, kuko ariho narinkiheza amashure y’igice ca mbere ca kaminuza, ntaratsitara n’akaraka, none undabire ».

Kuki ayo mezi yose ata gakacira ?

Eddy Claude Nitegeka, umuhanuzi muri BBES (Bureau des Bourses d’Etudes et de Stages) mu bushikiranganji bw’amashure yisumbuye n’ubushakashatsi, amenyesha ko ayo mafaranga yatevye gusohoka ku mvo zibiri : « Amafaranga Reta yahora ironsa abanyeshure bo muri za kaminuza muri rusangi imbere y’uko hatangura gutangwa ingurane (prêt-bourse), ntiyahindutse, yagumye isohora  ari ya yandi mu gihe nyabuna vyasabwa ko iyaduza ( kuko ubu muri iyi ndinganizo y’ivy’ingurane uwiga mu gice ca mbere ca kaminuza yavuye ku 30 000 Fbu aja ku 60 000Fbu ku kwezi, Master 100 000Fbu na yo doctorat aja ku 150 000F) . Hama n’igitigiri c’abanyeshure biga muri Master ubu, cariyongereye cane. Mu mwaka w’ishure uheze, abari muri Master ya mbere, muri kaminuza y’Uburundi bangana 176 mu gihe ubu bababa 500. »

Claude akavuga ko ari ikibazo gikomeye kiraje ishinga BBES kuko burya ngo prêt-bourse yari yagenewe gusahiriza ab’uburyo buke, uno munsi ikaba ishakwa na bose. Naho biri uko, Nitegeka arihanganisha abo banyeshure abamenyesha ko ico kibazo gisaba uburyo kizwi kandi kiri mu minwe ya reta.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top