Kubw’inyota y’urupapuro rw’umutsindo rwo mu gisata c’ubuvuzi, Thérence Nzeyimana yaranangiriye gushika arushikiriye. Ntiyakanzwe imvi, intambara canke amajambo y’abantu. Yagumye ku kagumye gushika indoto ziwe zibaye ukuri. Muri uwu mwaka wa 2019 akaba ariho yatsindira ‘igarade’ ry’ubudogiteri afise imyaka 50.
Uwo munyeshure aheruka kuryamukana urupapuro rw’umutsindo rwo mu kiganga yavukiye mu ntara ya Gitega ku musozi Songa mu 1969. Amashure yiwe y’intango yayatanguye mu 1977, kw’ishure ryitwa Mumuri. Yakoze ikibazo ca reta co mu mwaka wa 6 mu 1986, avuga arakinovye.
Mu 1987 yaciye asimbira kw’iseminari y’ i Mugera aho yize adakubita urugohe gushika arangije umwaka w’icumi. Nta shure na rimwe yigeze asibira canke ngo asubiremwo mu myaka yose yamaze kw’i Seminari gushika mu 1991 aho yaronswa urupapuro rw’umutsindo rwemeza ko arumije amashure ya mbere. Agikora ikibazo ca reta kimuha uburenganzira bwo kuja kuri Kaminuza yagitaye mu mutwe baba bamurungitse kwiga kuri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubuganga, akamwemwe karamusya kuko yari yinjiye mu mwuga yipfuza kuva akiri muto kandi akibwira ko agire ayanyabiranye.
Umuvuduko w’amashure yiwe uzingamikwa n’intambara
Umwaka wa 1992 ugishika, Thérence yari yamaze gushika mu nyubakwa za kaminuza, aho yiganye umwete udasanzwe, umwe wamuranze kuva akiri mu mashure matomato. Akirangiza umwaka wa mbere, vyaciye vyanka ko akomeza gukurikirana amashure yiwe kuko ibihe bitari vyiza (1993: igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye) araheza arahunga. Yagerageje kurondera guhungira mu gihugu c’Urwanda yumva ngo na ho akariyo karahinda. Bugingo agize ngo asimbire mu gihugu ca Tanzaniya, ntivyamukundira.
Mu mwaka wa 1995 ni ho Thérence yumva uwumurangiye akazi ko kwigisha mu ntara ya Ruyigi aja kuba arateramiyeho, aho yahavuye aba umuyobozi. Naho biri uko, yagumanye igisharara co gusubira kw’ishure kuko yumva muri we ngo hamwe yopfa atabaye Muganga yobibazwa.
Vyanka ko yigumya asubira kw’ishure
Inyuma yo kubona abandi baza baramusanga kw’ishure n’ifyeri ryinshi ry’uko barangije za kaminuza kandi bagahembwa agashahara gatubutse, vyaramwanse mu nda agira agashari keza kamubandira gusubira kw’ishure. Ababanyi bumvise ko agire aje kuyabandanya, ntibamworohereje na gato. Mu gihe bamwe mu bo mu kibano bagerageza kumuharurira imvi, abandi bamwibutsa igihe yavukiye ariko ivyo vyose avyima amatwi.
Mu mwaka wa 2006 ni ho yibatura asubira kw’ishure, afise imyaka 37. Naho bitamworoheye, ariko yagumyeko. Agira ati: « Mu buzima bwanje bw’amashure sinari bwasibire ukuri hano. Nashikiye mu mwaka wa kabiri wa Kaminuza. Uwo mwaka w’ishure unkubita hasi. Nsubiyemwo kandi, biba uko, mu nyuma ndagwara nsubira kumara imyaka 2 ndi muhira. Ngarutse mu 2011 nti ngire mpindure igisata aha si ahanje ariko abagenzi bamba hafi bampanurira kubandanya. Umwaka ugira gatatu ndi mw’ishure rimwe nihebuye, ni ho nunguruzwa ndaheza ndayamamira gushika ndayakangaje. Ubu nkaba mperuka gusoma igitabu n’ukwatirwa mu budogiteri kw’igenekerezo rya 12 Nyakanga mu 2019 ».
Ntahava akukuruka ataratangura akazi?
Kuri ico kibazo yishura agira ati: « Akazi ka reta ninakaronka bizompimbara. Ariko kandi ndakabuze nzoraba niyungunganye kuko ubumenyi ndabufise. Kandi naho bitoba ivyo, umuntu ntakwiye kwiga ahanze amaso reta gusa ahubwo nyabuna yohora yiyumvira no ku migambi yorangura yisunze ivyo yize mw’ishure kuko reta itoronka ubuzi ikwiza abariko bariga bose ».
Muganga Thérence Nzeyimana akaba anezererewe urwo rupapuro aheruka gutsindira nk’uko avyivugira. Agatera intege urwaruka ruriko ruriga uno munsi aho arukangurira gukora rutitaye ku yavurwa ahubwo nyabuna ruhangane n’ihangiro rwihaye.




