Bishima ngo bagire bafashwe naho shwi bagire «baribwe. » Iyo ni imiyabaga y’abigeme ikivyiruka ihendwa n’abatama biyambitse ishusho y’ubuvyeyi ngo bagire babafashe, babarihire inzu, ishure, babagaburire, naho bifitiye intumbero yo kubonona. Babita aba «sugar daddy». Bavyeyi mwavyaye mugaheka, birababaje! Njebarikanuye yarengewe
Abigeme bamwebamwe ubuzima burabacanga, ibigabo vy’ibitabanga bikavyikikamwo mu guhumbisha abana bangana n’ababo. Aba bana b’abigeme kenshi bafatirwa mu bukene.
Bino bitama bikabemerera kubabera nk’abavyeyi mu kubaronsa ikintu cose bashaka: kubarihira inzu, amafaranga y’ishure, kubagurira impuzu, ivyo barya, kubasohokana, kubaha amahera yo gutembera iyo bashaka, n’ibindi. Ivyo vyose rero ngo ntivyijana, ahubwo birangira babaye nk’abahabara babo kuko baca batangura kuza bararyamana uko bashatse.
Sinzi ko umaze kubibona nawe aho uherereye. Ariko nimba utarabibona niwihe ishusho y’umuvyeyi avyiruye inkumi. Hama uyo muvyeyi akirirwa ariruka mu twana tw’abigeme tungana n’abana biwe. Nta nkeka ndazi ko womushengenza umubonanye n’abana bawe. Ivyo bigwiriye cane mu bisagara. Aho utwana tw’utwigeme tukiri duto usanga twipangiye inzu, kumbure twaje kubera imvo y’amashure.
Kubera ko ubuzima bwo mu bisagara rimwe na rimwe buducanga, hari igihe tubura uko tubigenza tukemera «kuribwa» kugira dufashwe. Ni hamwe uzumva hakoreshwa ijambo ngo: «Kurya umwana».
None koko ga bagabo, bavyeyi, karashize ingani « twice » abana tworeze? Ubwo ntidutinya ko ivyo dukora bobikorera abacu ? Erega igitangaje, aba « sugar daddy » barenga ibigo kuko basanzwe bubatse. Bahenda cane utwana tukiri duto, tugisonga amabere ngo ni two tuba tutarononekara, bagahitamwo kutwonona.
Hari utwo banduza indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, utwo batera inda tugaca dutabwa, utwo bonona baduhimvye bagata nk’anuka maze ubuzima bwatwo bugafutana, bukicirwa kazoza katwo … birateye agahinda. Ehe twikebuke, turere twoye guhemuka.
Tuvavanure na ya migani ya kera igira ngo: « umwana atari uwawe usimbagiza ugeramwo. »
Ngo biramaze gucika nk’ingeso …
Ehe raba, naganiriye n’umwigeme umwe, Kaneza*(izina ryahinduwe) w’imyaka 22, aba mu gisagara ca Bujumbura. Uyu yanshingiye intahe ambwira ko nawe yahatswe kuja muri iyo nzira yo kurihirwa n’umugabo angana na se, iyo atahakurwa nuko yari yifitiye umuhungu bumvikana. Agira ati: « Narigeze kuba ndi mu rubanza ndiko ndasereva. Hari umutama yaguma andaba. Nsohotse yaciye aza ansaba inomero za terefone. Ndazimuha. Kuva ubwo, yagumye andondera ambwira ko ashaka kumfasha ico shaka cose. Erega narishimye. Mbonye atanguye kumbwira ko tuzoca tuza turaryamana, hama nawe akampa ico ndamusavye, naciye nanka kuko nari nifitiye umuhungu twari dufise imigambi yo kwubakana. »
Ariko kandi uyo mwigeme avuga ko hari n’abakobwa bemera guhemuka ku bahungu bakundanye, bitwaje ko abo bahungu batabaha ivyo bakeneye vyose. Canke bakemera kuryamana n’abagabo ariko kandi bafise n’abo bakunda ku ruhande. Iyo ngo ni ingeso. Bagendana n’abo bakundana, ariko bakaribwa n’abatama bariha inzu, “Ration”, n’ibindi.
Erega burya uko uyaga n’abantu ni ko umenya vyinshi. Burya ngo abo bagabo bisuka muri vyo, akenshi ngo usanga ari muri bamwe batabanye neza n’abagore babo. Ngo ni bamwe bacana inyuma (barenga ibigo). Ugasanga mbere ngo n’abagore babo ni aba “sugar mamy”.
Canke ugasanga, ni abagabo bapfakaye bakuze bakihebera kurera abana bavyaye badatoye abandi bagore, ariko bagahitamwo kuza bararya utwana tw’abandi. Mugabo kandi ngo hari n’ababigirira ingeso.
Mu vyukuri, iyo ni ngeso mbi. Baba abo bakobwa canke abo batama bonona abo boreze, bokwikebuka. Bakibuka ko ingaruka ari nyishi ku buzima bwabo. Hama, abantu bose ata n’umwe avuyemwo, tukavira hasi rimwe, tugashengeza uwo wese twomenya ahumbisha abana bakiri bato, babahendesha ibintu. Mbere bishobotse bagafatwa kandi bagahanwa kuko bititura akaranga k’ubuvyeyi ko kurera abana mu ndero y’ikirundi. Uwumva niyumve zirisha mutumba ziraririye Muhanuka, mbaye nk’ababakurambere.




