Abantu batari bake barahurumbira vya binini vyo kwikingira imbanyi vyihuse mu masaha 72 ari vyo bita « pilule du lendemain ». Ariko n’ubwo biri ukwo ngo si vyiza ko umuntu yovyihereza atabonanye n’abaganga ngo babanze bamenye ingene amagara yabo yifashe kuko bishobora kubazanira ingaruka mbi ku magara yabo.
Ku bijanye n’ico kinini co gukinga imbanyi, Claudine (uw’izina ryahinduwe) agira ati : « Jewe uko nakora imibonano mpuzabitsina ni ko naca nywa pilule du lendemain, kugira sinsame imbanyi ntipfuza. Inyuma yo kukanywa, naca mbona ubutinyanka hataragera, nkagwara umutwe udahera, nkayorwa, nkaguma ndibwa mu nda gushika aho numva ncitse intege. Naciye mfata ingingo yo kugaheba kuko nabona ko kohava kanyononera ubuzima. »
Augustin Harushimana yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza akaba anarongoye ishirahamwe M.A.A Vyara Uheke avuga ko ako kanini gakoreshwa mu gukinga imbanyi mu buryo bwihuse mu masaha 72 batagaha uwo ari we wese. Gahabwa abakobwa canke abagore bafashwe ku nguvu. Ako kanini gafise ubukazi buruta incuro icumi ibinini bisanzwe bikoreshwa buri munsi mu gutandukanya imvyaro mu muryango.
« Pilule du lendemain », si iyo kunywa bose
Augustin Harushimana avuga ko ako kanini naho gakinga ku rugero rw’ibice 95% iyo kanyowe mu masaha 24, kagakinga ku bice 85% gafashwe mu masaha 48 hamwe no ku bice 58% kuva ku masaha 48 gushika ku 72, ngo uwukanyoye kenshi na kenshi karamumerera nabi.
Agira ati: « Ako kanini karashobora kwegezayo canke kakanyarutsa ikirangaminsi c’ubutinyanka umuntu w’igitsina gore yahora afise, ivyo bikaba vyotuma aba atagishobora kumenya igihe yoshobara gusamirako imbanyi. Karatuma kandi uwakamize aguma ameneka umutwe, akabura inguvu, akayorwa, akagira iseseme, agatonekara mu mabere, akava uturaso dukeduke umwanya munini mu gihimba c’irondoka, akaribwa mu nda, n’ibindi bigenda vyibonekeza bivanye n’umubiri w’umuntu. »
Uyo yanonosoye ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza avuga ko ivyo binini vyo kwikingira imbanyi n’ubwo ababikoresha baja ku bigura mu mazu adandarizwamwo imiti, ntivyari bikwiye ko babitanga ata rupapuro muganga yanditse. Kanatsinda mu Burundi uwo bigaragaye ko akeneye ako kanini, agahabwa ku buntu ku mavuriro atanga uburyo bwo kuvyara ku rugero, abapfa kubinywa batazi ingene amagara yabo yifashe bikwegera muri kazoza ingwara batazokwitura.
Harushimana amenyesha rero ko ivyo binini abantu bafise indwara y’umutima, igisukari, abafise ibinure vyinshi, abagwaye indwara y’amaraso atavura, igitigu, umuntu agwaye igituntu, uwugendana umugera wa Sida, intandara, abanywi b’itabi, abafise kanseri yo mu mabere no mu rwinjiriro rw’igitereko, abo bose ntibemerewe guhabwa utwo tunini kuko dutuma habaho ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, utwo tunini tukaba impfagusa canke naho amaraso akavurira mu mitsi bikaba vyotuma umuntu agira ikibazo gikomeye ku magara yiwe.




