Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Nubwo inyama y’imbwa itica, mu Burundi kirazira

Atari uwo inzoka yayibujije, ntawe akanyama katagwa neza. Ariko none ubwo inyama zose turya tuba tuzizi? Hoba hari inyama zo kurya no kutarya? Hirya no hino hari abaguma bafatwa babaze imbwa kandi bagahanwa, ubwo hoba hariho itegeko ribuza kurya inyama y’imbwa?

Uduze uri mu muduga werekeza i Bugarama, hari abantu baguma bananara ku madirisha y’imiduga basanza inyama iyo abantu bicaye. Bamwe bakagura bakazihereza, abandi bagatinya kuko baba batazi ubwoko bw’inyama bazanirwa. Kandi ni ibisanzwe kuko iyo muba muri mu muduga muri benshi ntihabura abagira amakenga. Hari n’abadahisha inyiyumvo yabo. Bamwe bakagira bati: « Murakunda ivyo murya. Izi nyama batembereza hashobora kuba harimwo n’inyama z’imbwa, ugasanga uziriye utabizi. »

Murabizi burya iyo muri benshi nti mubona ibintu kumwe. Uza wumva uwundi yinamuye ati: «None inyama y’imbwa uyiriye ukagira Imana ntupfe hari ikibazo biteye? Si inyama nk’izindi?  Hoho ugira hari itegeko ryerekana inyama zo kuribwa no kutaribwa rihari? »  

Uvyumva, uwu avuga ko uyiriye ntikugaruke womenga ari mu kuri. Ariko wogwa ukagaruka ukibaza uti: «None kuki uwufashwe yabaze imbwa ahanwa mbere n’umunyororo uriko? » Nta nkeka ko hari igituma.

Minani (izina ryahinduwe) ni umuyangayanga mu gisagara ca Bujumbura. Ku bijanye n’igituma vyoshika abantu bakiyumvira kubaga imbwa, yiyumvira ko vyoba biva ku bukene. Baba bariko bararondera amafaranga, bakemera guhemuka kugira baramuke. Araniyumvira kandi ko vyoba bivana nuko abazibaga boba baratemberereye nko mu bihugu bibamwo abantu bazirya, ugasanga baraziriyeko gutyo bagashaka kwinjija umuco w’abandi mu gihugu babamwo.

None mu vyukuri inyama y’imbwa imeze gute?

Dr Autorine Bashikako, muganga w’ibitungwa akora mu kigo Alpha Vet Clinics kiri i Bujumbura kuri avenue Muramvya nº26, afatiye ku kuntu imbwa imeze, avuga ko inyama y’imbwa imeze nk’izindi z’ibindi bitungwa. Avuga ko mu bizigize, atacerekana ko uwo yirya yogira ikibazo. Agira ati: « Inyama y’imbwa isana nk’inyama y’ingurube kiretse ko yoyo imeze nk’iyitukura cane kurusha iy’ingurube. Inyama yayo irimwo ibinure vyinshi cane binyerera. Uyikozeko ifise agahumuro gakaze cane katava ku muntu. »

Mbere uyu muganga w’ibitungwa avuga ko abarya inyama z’imbwa nko mu miryango imwe imwe yo muri RD Congo, Cameroun, n’ahandi, bemeza ko ziryoshe nk’izindi nyama.

None ni kuki mu Burundi batarya imbwa ?

Dr Autorine Bashikako, avuga ko ataworya imbwa kuko ari co gikoko ca mbere gishobora kwandukiza ingwara y’ibisazi ku bantu canke ku bindi biciye mu mate, urukonda, amosozi, amaraso, … (sécrétion) bihuye n’udukomere tw’abariko barayibaga canke bayikorako. Imbwa kandi irananduza n’izindi ngwara zikaze nk’iyitwa echynococose iterwa na tenia echynococcus iyo ndwara ikaba ifatira mu mahaha, amafyigo, imitsi, ubwonko n’ahandi hakiremeramwo udusaho (kyste hydratique) turimwo amagi ya tenia echynococcus zikuriramwo. Izo ngwara zikaba zica cane.

Na we Innocent Niragira yize ibijanye n’imico n’imigenzo muri kaminuza y’Uburundi, avuga ko mu Burundi, ataworya imbwa kuko ari igikoko cegereye umuntu. Ni umugenzi agendanira sebuja, ikamusangira urugo canke ikamusumira mu ruhigi. Mu Burundi imbwa yacitse igikoko kibana neza n’abantu kuko bashobora kuyirera igakurana indero bayihaye. Ntihemukira sebuja. Ikora ico ayitumye. Ijanye n’umuntu akagwarira ku nzira ntiyigera imuhemukira imuguma hafi. Uyo muntu naho yogwa ku nzira imuguma iruhande gushika anuke, kandi naho ikunda inyama ntigeza kumurya itasaze.

Rero nka kurya umuntu atokwiyumvira kugirira nabi umugenzi wiwe w’inkora mutima ni ko n’imbwa atawoyihemukira ngo ayibage ayirye kuko yabaye umugenzi w’abantu mu mico y’abarundi.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top