Jimbere

ikirundi French English
IMICOKAMA

Muri Festicab bati, « harya amagara meza no guhindura ivyiyumviro ni umutahe ukomeye »

«Ugufungura neza, uguhindura ivyiyumviro, ugukora imigambi, ukugira inyifato nziza, ni bimwe mu vyokorwa n’urwaruka uyu munsi kugira ngo ejo harwo hazobe heza». Vyashikiririjwe mu ruganda rw’inyigisho z’urwaruka, rwatunganijwe na «Festicab» rishigikiwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vyunze ubumwe riharanira iterambere, «PNUD».

Hari kuri uyu wa kabiri kw’igenekerezo rya 4 ruheshi, muri zone Kinindo iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura aho hakorwa uruganda rw’inyigisho ku rwaruka ku civugo: «Amagara meza ku rwaruka n’ukwikorera imigambi».

Ngabo Léonce, kizigenza w’isabukuru ritanga inyigisho ribicishije mu mareresi mu Burundi, agira ati : «Nk’uko twama tubigenza igihe cose uko umwaka utashe kuva mu mwaka wa 2009, turatora icivugo kugira ngo dutange inyigisho ku rwaruka bivanye n’intambamyi tuba tubona zibahanze, kugira ngo bamenye uko bokwifata». Ni muri iyo ntumbero rero Léonce Ngabo avuga ko uyu mwaka hatowe icivugo kivuga ku rwaruka n’amagara meza mwiterambere, kuko ngo hari hamaze kwibonekeza ko urwaruka rufise ingorane z’ukwiyumvira hakiri kare ingene rwobungabunga amagara yarwo ubona ko urwaruka rw’uyu munsi arirwo Burundi bw’ejo .

Gentille Nahimana, umwe mu bariko baratanga izo nyigisho, ngo urwaruka barwitezemwo vyinshi. Kandi uretse n’ivyo, ngo rufise amahirwe menshi yo kugira kazoza keza hamwe rwohindura ivyiyumviro rukifatira ingingo yo kwitwararika ivyoruteza imbere.

Bimwe mu bikunda kuzingamika iterambere ry’urwaruka

Louis G. Togba, yari yaserukiye ishirahamwe PNUD, agira ati:«Ukunywa ibiyayuramutwe (inzoga, itabi…), ugufungura nabi , ukwikumira, ukutagira imigambi, ugukengera akazi, Ukwigira sindabibazwa , ukwishinga amarigara…birashobora gutuma iterambere ry’urwaruka rizingama kuko baba bishinze guta umwanya muri ivyo , bikazotuma impera n’imperuka, bo n’abana b’abo batabaho neza mbere n’igihugu muri rusangi kikabura umutekano biturutse kuri izo ngeso».

Uruhara rw’ireresi mu nyigisho

Léonce Ngabo amenyesha ko isanamu imwe iruta amajambo igihumbi. Abisigura avuga ko urorereye ibintu mu buryo bw’ireresi bimata mu mutwe gusumba ibisomwe canke ivyumvirijwe. Ngo niyo mpavu inyigisho zihabaye zigaherekezwa n’amareresi bifasha cane ubona ko n’urwaruka rw’uno munsi runezerwa cane n’ukuraba amareresi gusumba kwicara rwumviriza ijambo.

Amagara yacu, umutahe wacu

Ginette Karirekinyana, asanzwe atezimbere imfungurwa nimiti kama arabisigura. Agira ati: «Nk’uko uwufise umutahe w’amafaranga awanjanjweko ahomba, ni ko n’uwufise amagara meza ayanjanjweko aseseka kandi ho bikaba ibindi kuko amaze guseseka ahomba nabi». Uwufise umutahe w’amagara rero aba afise ikindi. Karirekinyana avuga ko ari muri iyo ntumbero bahimiririza urwaruka kubungabunga amagara yarwo neza kuko babuze amagara yabo bazoba babuze vyose. Yaboneyeho n’akaryo keza ko kuvunira akagohe urwaruka ngo rwijukijukire gufungura imfungurwa zirimwo intunga magara hamwe n’ukugira imyimenyerezo y’umubiri kugira rugumane amagara meza.

Urwaruka rero ngo rurakwiye kwifatira ingingo bikirushobokera, mu kwigenga Ubuntu, ugufungura neza bifadikanije no gukura amaboko mu mpuzu rugakora kuko arirwo soko ry’iterambere kandi ibikorwa n’inyifato yarwo bikaba arivyo bizotuma igihugu gisasagara kigasagamba canke kigasambuka, bizovana n’ukuntu ruzoba rwaritwaye rukiritera rukarisama kuko burya ngo «inkoni uzokwitwaza mu busaza, uyica ukiri muto».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top