Jimbere

ikirundi French English
Abakenyezi b’intwari bibagiwe

Muramvya: umucuraranzi Donasiyano yarakiranuye inanga bakorora amosozi

Kw’igenekerezo rya 4 Nyakanga 2019, inzu y’amanama ya Croix Rouge Muramvya yari yanishe, yakira urugendo rwo kumenyekanisha igitabu « Abakenyezi b’Intwari bibagiwe ». Mu bitavye harimwo n’abanyamuryango b’iryo shirahamwe. Bose biyemeje guharanira amahoro.

I Muramvya harabonetse akabirya. Umucuraranzi adasanzwe mu kuvuza inanga yitwa Donasiyano Ninteretse yari yahishikiye. Uwo asanzwe ari imvukira ya zone Shombo muri komine Muramvya yarabanje nyabuna arakiranura inanga. Hari ururirimbo yavugije mu nanga ruvuga amabi y’intambara mu mvugo ihinyanyuye cane. Iyo nanga yiwe yaravuzwa cane ku nsamirizi y’Uburundi mu gihe c’intambara. Abari aho n’aho uruyuki rwari kubarya ntawari kwikoma. Bari bajanywe bose.

Vyakabaye kera abahari babona Mariam yariko arihanagura amosozi, Christine Ntahe uko nyene. Erega n’abitavye barakozweko hari abariko barihofora, hari n’abapfunagiye. Kanatsinda amajambo yarimwo yari inkoramutima akibutsa vyinshi, abatari bake banabayemwo.

Umuhanuzi wa Buramatari ajejwe ivy’ubutunzi ni we yuguruye ivyo bikorwa. Yarashimiye abashitsi, aca asaba abatwarwa biwe kubatega yompi, no kugendera impanuro baza kuhakura.

Kwa kundi babivuga mu zindi ntara, Mariam na Georgette baraciye ku mayange ivyo babayemwo kuva mu 1993. Mugabo rero barahimbawe n’ukwumva intambwe abo bakenyezi bagezeko kubera ukwitanga kwabo. Mariam ari mu bakenyezi bagiye mu biganiro vy’amahoro n’ugusubiza hamwe vyashitse ku masezerano ya Arusha. Georgette na we amaze kuja mu bihugu vyinshi cane agenda kwigisha amahoro kandi ari umwirimizi.

Mu kuja mu Kinama naripfuka nkanyegeza izuru”

Mu ntahe zose bashinga, abo bakenyezi barashimira cane Christine ntahe. Yaba Mariam canke Georgette, bompi baremanga ko uwo mupfasoni afise urukundo kandi harimwo n’ukwiheba yitangira abandi. Mariam ati: “Erega jewe umusi umwe nagiye mbona Umututsikazi ashitse iwanje, mu gihe ata Mututsi n’umwe yashobora guhonyoza ikirenge mu Kinama. Nti mbega yemwe uyu wewe bomugira iboro… Aje irya kabiri naciye mbona ko agenzwa n’amahoro koko.”

Abari aho beguwen’agatwengo. Christine Ntahe aca aramwunganira ati: “Mu kuja mu Kinama naripfuka nkanyegeza izuru muga si vyo vyankijije”.

Ico gihe rero ngo ni ho yamenya abo bakenyezi be n’abandi yanditse muri nya gitabo. Aho ngo yakora mw’ishirahamwe Search For Common Ground.

©Jimbere| Mariam na Christine Ntahe

N’aho i Muramya nyene abantu barashimye bongera bigira inama,umwe wese uko agiye gukora aho abaye.

Erega abafata amajambo bose, warumva ko ivyo bavuga ari inkoramutima. Uwitwa Antoinette Burundi ati: “Abagabo n’urwaruka ni bo baryana. Tuzorwanya ico cose coza kiducanishamwo. Urwo rwaruka na rwo ni abana bacu tuzobahanura.”

Ku bwa Ancile Nizigyimana, uwundi mupfasoni, ubudasa ubwo ari bwo bwose ngo ni nk’amashurwe. Imana yayaremye adasa mugabo agiye hamwe arashariza.

Abanje gushima, Céléus Nshimirimana na we yasavye abakenyezi bari ngaho kuvyitangira kurusha. Asanzwe abaha agaciro cane ati: “Abakenyezi mubishatse igihugu cokira canke kigatabagara. Ni mwe mwama hafi y’abana mubahanuye bokwumva. Ahanje niyemeje kubana mu mahoro.”

Abana b’abaneshure bari ngaho barigiriye inama na bo nyene ko bagiye kwitaho abandi kurusha uko bahora mu ntumbero yo kurwanya urukundo. Barabandanije baragira ico bashikirije. Mu nyuma bahava baronka twa dushimwe nk’uko vyagenda aho baciye hose. Abavuze baca bashimirwa: ibitenge, ibikoreho vy’ishure n’ibitabo.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top