Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Menyumenyeshe: urwaruka ruronke amakuru akwiye kw’irondoka rijanye n’amagara meza

Amakuru menshi yerekeye irondoka rijanye n’amagara meza, usanga urwaruka  rugenda rurayakura muri bagenzi barwo, ivyo na vyo bikagira ingaruka mbi nyinshi kuri urwo rwaruka nyene. Menyumenyeshe, mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE), iri mu vyo yiyemeje kugwanya.

«Guha inyishu urwaruka ruri mu mashure ku bibazo rwibaza kw’ihindagurika ry’imibiri yabo hamwe n’irondoka rijanye n’amagara yabo muri rusangi,  ni kimwe mu vyashizwe imbere mu ndinganizo ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE). Dushaka ko urwaruka rwonyene ubwarwo rumenya ibirwerekeye kugira ngo rukurane ubwenge  n’ubumenyi bukwiye bituma baba abantu babushitse bashobora kuba akarorero mu kibano, na bo bakagira umugani baciriye bagenzi babo batagize ayo mahirwe y’uguhura n’umugambi Menyumenyeshe mu mashure yabo.» Ivyo bikaba bishikirizwa na Paul Mbazumutima umwigisha-murezi kuri Lycée Kiganda. Arongera atiː «Biciye mu bikino, mu nkino eka no mu biganiro, twisunze n’igitabu c’inyigisho citwa « Le monde commence par moi même », dusanzwe dukoresha muri uyu mugambi, abanyeshure  bagenda batahura vyinshi ku bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza. »

Kuri Lycée communal Rutegama, Consolate Ndikumana, umwigisha, akaba ari na we arongoye urunani rwo mu Rutegama agira atiː « Abanyeshure barahendana, ugasanga mbere baragize n’ingaruka mbi zidasanzwe, abigeme bagatwara inda, ivyo vyose ugasanga biva ku kudatahura canke ukudasobanukirwa neza ivyerekeye irondoka rijanye n’amagara meza. Ico Menyumenyeshe yatwunguye ni uko duheza tukongereza inguvu ku vyo abanyeshure baba bize mu vyigwa basanzwe bakurikirana mw’ishure. Kuko harya twasanze ivyo biga mw’ishure bidahagije. Ikindi na co ni uko usanga mw’ishure batisanzura kubera n’umwanya ari muto.»

Gukarihirizwa ubwenge ku bigisha

Kugira ngo abigisha bashobore gutanga inyigisho zikwiye kandi mu buryo bumeze neza, birasaba ko baza barakarihirizwa ubwenge, mu kumenya uburyo bwiza bwo kuzitanga butuma n’abanyeshure baterera, bakagira rwabo izo nyigisho kandi ntibadohokerwe kuzishikiriza no mu kibano. Ndagijimana Benjamin, umuhanuzi mu biro vy’umuyobozi w’indero mu ntara ya Muramvya atiː « Rimwe na rimwe turatunganya inyigisho ku bigisha, canke tukabasanga ku mashure aho uyu mugambi usanzwe ukorera tukayaga ku buryo bwiza bw’ugutanga izi nyigisho kugira ngo habe n’impinduka mu kibano.»

Galine Kaneza, umuyobozi w’ishure shingiro ryo mu Rutegama we akagira atiː« Iyo habaye inama z’abavyeyi, turasiga akanya ko kuyaga ku bijanye n’umugambi Menyumenyeshe kugira na bo tubatumirire kwugurukira abana babo, baze barabayagira ivy’amagara meza ajanye n’irondoka.»
Uwo muyobozi akishimira ihinduka ryaje mu kibano kuva haje indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top