Anne Niyera afise imyaka 22. Uwo mwigeme w’ijwi ryiyoroheje yaraye atowe, yavukiye mu ntara ya Gitega, muri karatiye Magarama. Asigaranye umuvyeyi umwe. Yiga kuri « Summit International Institute », mu gisata c’ubwubatsi, akaba yimirije kurangiza.
Afise akabiri gatoshe. Karakuyengeje. Mbere gatatse inzobe y’ikimonge. Ku mutwe yambaye umushatsi kama, akagira uruhanga rusayangana. Amwenyuye twa tunogo two ku matama bita « fossette » mu kinofunofu turibira. Aho nyene uca ubona amenyo yera nk’urutare. Si mugufi kandi si muremure, ntiyonze kandi ntavyibushe cane. Aragereranye, ni tubiri twose.
Miss Ngoma 2020 yitezweko iki ?
Umugambi wiwe ni FETRAD, « Femme Traditionnelle Développée », mu majambo yose. Miss Niyera amenyesha ko yawutoye abanje kwihweza ukuntu abigeme n’abakenyezi babangamirwa cane n’ingorane zijanye n’ikubagurwa ubona ko bigwiriye aho umwigeme canke umukenyezi ashobora gukorerwa ihohoterwa rifatiye ku gitsina, rigatandukira iryo mu mutwe, ku mubiri eka no ku butunzi, ibishobora gutuma umwigeme ataba agihambije iterambere yari yipfuza gushikako.

Uwo Miss Ngoma aragaruka akagira ati : « Umukenyezi ni we nkingi y’iterambere. Hamwe umurundi wese yogira umutima wo kumukingira nta nkeka ko igihugu cotera imbere. Nipfuza ko umwigeme canke umupfasoni azoba ari mu kigo FETRAD azobaho yisanzuye, ashigikiwe, ashobora gushikiriza ivyiyumviro vyiwe. »
Mu kigo FETRAD hazoba hariho ibisata mbogoramutima kuko hari abo usanga bagendana ibikomere nseserezamutima, abandi bakagira ihahamuka. Hazotangirwa kandi n’inyigisho zerekeye akaranga n’izikaburira abarundi gukunda igihugu cabo. Hazoba inyigisho zishimikira ku kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere kugira ngo ba bakenyezi n’abigeme bamaze kwiyakira, bagasubirana umutima uzirikana agaciro bafise, bakamenya ko bashobora gukora ibiruta ivyo n’abagabo canke imisore itari mike idashobora kurangura, baheze bitunganirize ibibateza imbere bishingiye ku vyo bo nyene ubwabo biremeye.
Afise iyindi sura agomba guha Gitega
Hari imihigo afitiye iyo ntara aho buca arangiriza amashure yiwe. Niyera amenyesha ko ikiganza ciwe kizoza kuryohora ibibanza vy’iratiro, abihe imforo yindi ku buryo bigira agaciro, bikwege ingenzi ziva mu bihugu bitandukanye ku bwinshi maze ikigega c’intara kirushirizeho kubomboka.
Mu myaka itanu, Miss Ngoma abona ko azoba ari CEO, hari abigeme n’abakenyezi ibihumbi n’ibihumbagiza bazoba barateye imbere barateje imbere n’imiryango yabo. Uwo mu-Miss abona ko azoba yateje imbere igisata c’ingenzi cane cane mu ntara ya Gitega kuko ari yo isanzwe ifise ibibanza vy’iratiro vyinshi. Ku mwaka ku mwaka, ategekanya guhora atunganya ibiteramo n’amahayanishagurishwa y’ibikoresho bihingurwa hisunzwe akaranga k’aho hambere.
Miss Anne Niyera akaba ahamagarira abarundikazi kutisuzugura, gukura amaboko mu mpuzu bakaja ku kivi, berekane ico bari kuko muri bo hanyegeje inguvu n’ubutunzi bukomeye. Tubamenyeshe ko mu buzima busanzwe akunda kuririmba no kuba hamwe n’umuryango banezerewe.




