Mu gihe abantu badakorera ubuzi hafi y’imiryango yabo usanga bacanacanako baduga canke bamanuka mu miryango yabo mu bihe vy’iminsi mikuru canecane iya «Noheri» na «Bunani», hari n’abo vyanka bakigumira iyo bari ku guterwa isoni n’uko ata kantu bafise baduga bitwaje ko kwerekana ko bari ku kazi. Njebarikanuye vyamucanze.
Ugira gutya mu gihe haba hegereje iminsi mikuru utari muhira mu muryango, ukaza ubona amaterefone akurakuranwa ngo duu…duuu… ntiwitavye, ukumva ngo: « Allo, mbe uzorira iminsi mikuru he? Uzoza ino ku Noheri, canke ku Bunani? Uraraba sha udukubitireko turagukumbuye. Erega hari n’abandi utazi, umuryango wagumye wunguka. Turagutegereje, uzogire ic’uturushije na y’ubundi tweho vyaraducanze. »
Aho rero uko uronka amaterefone, ni ko n’ivyiyumviro mu mutwe bikubana uruhuri. Ugatangura guharura: jewe nsabwa itike yo kuduga n’iy’izongarukana. Umugore akeneye igitenge, abana bakeneye impuzu nshasha z’iminsi mikuru. Baranakeneye kuruhuka amateke, imyumbati n’ibijumbu vy’aburi munsi, kuko na bo barakeneye kurya akanyama n’agaceri. Hakenewe akabido k’amavuta mu rugo… kandi n’abavyeyi bankeneyeko ibitari bike.
Abagenzi n’incuti nta kindi bazombonamwo ninashika atari amacupa y’inzoga. Ntiwiyumviriye amahera wakoreye n’ico wayakoresheje, ukabona ivyo vyose nta birimwo, haba hasigaye ko wituriza, ukaguma iyo wibereye.
None ni ngombwa hakoreshwe uburyo bw’umurengera?
Njebarikanuye ibiharuro vy’amafaranga bimaze kumubana bito, yafashe ingingo yo guhuma amaso aba ruguru. Agira ati: «Nabonye ntobivamwo, nkubitira kw’isoko kuri Kotebu, ngura utubido 2 tw’amavuta, kamwe kaja mu rugo iwanje, akandi ku bavyeyi nca ndaturungikana uwari aduze ndamuhana na 20.000Fbu z’intasho y’iminsi mikuru. Nca ndiraramira. Kandi iyo minsi mikuru yose bazoyihimbaza ihere. »
Niyonkuru Eric we, avuga ko yabaye akironka itike n’akabido k’amavuta, yavuze yuriye Volcano imushikana iwabo mu Kirundo. Nta biharuro birebire vy’ivyo azotanga yagize, kuko ico yari akeneye kwari ukwibonanira n’umuryango gusa. Ivy’amacupa n’ibindi bamwiteze ko, ng’uwuzobimubaza azomubwira ko atavyo afise. Hama habure urwanko. Uwu Eric, burya avuga ko ibintu bipfira mu kwiyumvira ukwo abantu usanze bazogufata utaronse ic’ubaha. Ngo Iyo ubifashe ibisanzwe vyose bigenda neza.
Birakwiye ko abantu twiga kubaho ubuzima bwacu bwite, tutarabiye ku bandi. Singombwa ngo umuntu wese ataha iwabo ngo abe afise inoti nyinshi. Eka reka, umuntu bishitse akumva arakumbuye muhira kuduga kuramutsa ni ibisanzwe. Kubonana n’umuryango, mukayaga, birakwiye gusumba kwiyumvira ivyo boba bakwitezeko. Gikuru ni ako gatima ko kuramukanya umuntu aba afise, si uburyo aba agiye gukoresha.




