Jimbere

ikirundi French English
IBIDUKIKIJE

Mbe uhejeje gukoresha gapoti, uhora ugata hehe?

Iyo uriko uratembera mu ma karitiye no mu mabarabara y’ibisagara canecane i Bujumbura, haba hagati y’amazu, mu tuzu twa surwume, mu mayarara, usanga amagapoti yakoreshejwe yandagaye. Ariko none, gapoti yakoreshejwe, wewe uhora uyita he? Hoba hari ikibanza cagenewe gutabwamwo utwo dukoresho? Njebarikanuye yashatse kubimenya.

Ni vyo koko gukoresha agakingirizo ni uburyo bwizigiwe bwo kwirinda inda zitipfujwe hamwe n’indwara zandukira ziciye mu bihimba vy’irondoka. Kandi urwaruka eka n’abakuze barabukoresha cane. N’ikivyemeza ko duhurumbirwa, ni uko udukingirizo twa Class tungana n’imiriyoni 5 twadandajwe mu Burundi mu mwaka wa 2018, dutanzwe n’ubuserukizi bw’ingoma y’abahorande. Utwo rero ni utwamenyekanye kuko hari n’ubundi bwoko butavuzwe.

Muri uyu mwaka wa 2021 naho, haheruka kwinjira ubundi bukingirizo bungana n’imiriyoni 5. Kandi twose tuzokoreshwa duhere. Ariko inyuma yo kudukoresha nta n’umwe yitwararika kumenya aho ku gata aho ari ho. Mu ma barabara yo mu gisagara ca Bujumbura no mu mayarara usanga utwo dukingirizo twakoreshejwe twandagaye abana baguma babwandura babubangamwo imipira, bakurako imiringa yo kwambaza amaseseti, ubundi bakabukinisha nk’ibipurizo.

« Agapoti, ico dupfana ni akazi gakora… »

Abantu baratwenza bagaheba bagakavya. Hari umusore twahuriye mw’ ikaritiye imwe yo mu gisagara ca Bujumbura. Aho twari duhagaze hari handagaye udukingirizo twakoze, uri uduhambiriye ku mutwe, uri utudahambiriye, turimwo intanga twandagaye ahariho hose. Erega nahavuye n’ibaza nimba ata kibanza gihari twoba twaragenewe, nca ndamwibarisha. Natangajwe n’inyishu yampaye. Yagize ati: « Biravana n’abantu. Hari abadukoresha bagataho nk’akurya urya imbombo agashashi kayitekeye ukakajugunya. Ariko kandi hari n’abatubika bakaja kuduta mu mayarara, mu tuzu twa sugumwe no mu ma poubelle. »

Sinanyuzwe. Nahavuye mbaza uwundi. We ntiyavuze gusa ahubwo yayiciye umurya. Yagize ati: « Jewe mpejeje kugakoresha mpfa aho ndagataye. Ico mpfana na ko, ni akazi imfasha. Kumenya aho ndagata ntibikenewe. » Ariko kandi avuga ko bivana n’ikibanza yakoreyemwo: « Ndonkeye ahihishije ndagata mu kazu ka sugumwe canke mw’iyarara. Ariko ndonkeye ku nzira ndagata aho nyene. » Mu kuyica umurya rero, uwo musore w’imyaka 35 avuga ko, hari n’abandi bahejeje baca babubika mu ngodo bakabujana nka karangamuntu. Hahaha. Akabi gasekwa nk’akeza. Ariko nibaza ko yashaka ku nsetsa kuko hamwe wokwibagira ugakura amahera nko mu ngodo uja guhereza mu rusengero canke nko muri bisi uriha wururuka ubonako hari abajayo bagahejeje, ryoba ari ibara.

None hari ico butwaye kuba bwandagaye…?

Hari uwo nabajije akora mu bijanye no gukingira ibidukije, yambwiye ko burya agakingirizo ari “Latex”. Karakweguka kandi ntikabora vuba. Ni vyiza kugata muri «poubelle» aho ata bana bagatora ngo bagakoreshe ivyo katagenewe. Eka anavugako, atari vyiza kugata nko mu tuzu twa surwumwe barinda gukoresha amazi mu guhinda umwanda. Oya, nyabuna ikibanza coba muri poubelle.

Eka n’umuganga twayaze yagize ati: «Agakingirizo kakoreshejwe kaba karimwo amasohoro y’umugabo (Intanga) canke uruziri rwavuye ku mwigeme/umugore. Ivyo na vyo bishobora kuba birimwo imigera y’indwara ya Hépatite B, uwo mugera na wo urashobora kumara igihe kinini utarapfa iyo wibereye ahantu. Ivyo rero bikaba vyotuma abana bashobora kwandura uwo mugera mu gihe ivyo biba biriko vyahuye n’amate iyo bariko baragapompa n’umunwa, canke bariko baragakinisha bakagize nk’igipurizo bagaca bafungura badakaravye. Bashobora kwandura indwara batazi iyo bazikuye.

Rero bagenzi, ku neza y’amagara yanyu, ni vyo koreshe agakingirizo mu gihe vyanse ko mwihangana, ariko ku neza y’ibidukikije n’amagara y’abantu, gate muri «poubelle» mu gihe uhejeje kugakoresha, kugira urinde abo bose boshobora kugakoresha ibitajanye n’igikorwa cako. Hanurwa wumve.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top