Abayobozi b’amashure shingiro n’ay’inyuma y’ishure shingiro mu Burundi barahanzwe n’ikibazo kijanye no kwuzuza (compléter) no gusinyisha impapuro z’imitsindo (ama certificats/diplômes) z’abanyeshure bahejeje kwiga. Mu bushikiranganji bw’indero bati ico kibazo kirazwi.
Uti none kwuzuza impapuro z’imitsindo bibagorera he? Umwe mu bayobozi b’ishure ry’inyuma y’ishure shingiro agira ati : « Tubanza kugura ico bita “parchemin”. Ubu rero kubera hajemwo ivyigwa bishasha turandikako ivyigwa abanyeshure bize ariko ugasanga umuntu bamusubirishijemwo incuro nka zibiri canke zirenga. Hari naho mu bushikiranganji bw’indero bakwereka uko ubikora ariko wasubirayo wabikoze uko bakubwiye ukumva ngo vyahindutse. Ugasanga umuntu asubiyeyo incuro nyishi kandi n’uburyo buca bukeha. »
Bafatiye nko ku karorero k’icigwa ca TICE nubwo atariho honyene, abo bayobozi ngo kirabadiridimbisha i Bujumbura n’amaguru akuma. Ngo TICE umwe ashobora kwandika : Technologies d’informations et de Communication pour l’Education, uwundi akagira Technologie d’Information et de communication pour l’Education, uwundi ugasanga yiyandikiye Technologies de l’Information et de la Communication pour l’Education. Ivyo bintu vyose, bamwe mu bayobozi b’amashure bavuga ko ari nka bimwe ariko uwanditse ico mu bushikiranganji bw’indero badashaka baca bamusubirishwamwo kandi na bo n’uko baba bakubwiye ubikora usubirayo usanga vyahindutse.
Ikindi kibazo abayobozi b’amashure kibahanze ngo ni ica ‘certificat d’admission à l’enseignement post fondamental’. Iyo na yo, ni iyo mu mwaka w’icenda. Umuyobozi umwe w’amashure y’inyuma y’ishure shingiro agira ati : « Mu bushikiranganji bw’indero batubwira ko iyo ‘certificat d’admission…’ isinyishwa ku muyobozi w’indero mu ntara (DPE) ariko umuntu agiye gusinyisha ‘diplôme’ y’umwana mu bushikiranganji bw’indero batubwira ngo iyo certificat yasinywe na DPE ni ukongera kuyisinyisha mu bushikiranganji bw’indero. »
Nta kindi basaba…
Kubera ko bama basubirishwamwo kenshi, abayobozi b’amashure ugasanga ntibanahuriza ku kwuzuza kumwe impapuro zimitsindo z’abanyeshure, basaba ubushikiranganji bw’indero ko izo ‘certificats’ canke ‘diplômes’ zikiri nshasha boza barazisohora mu ma ‘imprimeries’ ivyo vyigwa vyose vyanditseko. Hama abayobozi bagashirako izina ry’umwana, umwaka yavukiyeko, aho yavukiye, ishure yigako hamwe n’igisata yakurikiranye gusa.
Barasaba kandi ko bomenya uwusinya kuri ‘certificat d’admission à l’enseignement post fondamental’ uwo ari we. Ko isinyigwa mu buyobozi bw’indero mu ntara canke ari mu bushikiranganji bw’indero, gutyo ibikorwa babikore neza kandi boroherwe.
Umuyobozi mukuru w’inyigisho z’amashure shingiro n’ay’inyuma y’ishure shingiro mu bushikiranganji bw’indero Jeanine Ihorihoze, kuri terefone, avuga ko iyo abayobozi bagize ikibazo canke hari akangonongono bafise, ko bafise inzego zibakuriye bobicishamwo, bahereye ku muyobozi w’indero muri komine (DCE), bidakunze, DCE akabishikana mu buyobozi bw’indero mu ntara (DPE) mu gihe bidakunze naho, umu DPE agaheza akabishikana mu bushikiranganji bw’indero.
Jeanine Ihorihoze amenyesha ko ivyo vy’ama diplômes n’ama certificats ari ikibazo c’ubuhinga, kandi abo bayobozi b’amashure bazi aho babicisha, anavuga kandi ko hari n’imigwi ya WhatsApp bahuriramwo bashikiririzamwo ibibazo bafise. Ko rero ivyo bibazo vyabo babizi.




