
Abatari bake mu rwaruka rw’abahungu,ngo bisiramuza kubw’agakuku canke akosho, abandi na bo bakabigira kuko idini ribibategereza. Muganga Pascal Minani we, amenyesha ko ari n’uburyo bwo kugira isuku eka mbere ngo umuntu aba yikingiye ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (IST) ku rugero rushika ibice 60%.
Hari abo ziha bakavuka basiramuye (abafise ubwoko bw’igitsina bita impari). Abo si bo tuvuga. Abandi bo bavuka umutwe w’igitsina upfutse (umeze nk’uwutwikiriye), umunwa w’igihimba c’irondoka udashobora kuboneka, kiretse ubanje gukuma umwitwikiro. Gusiramura (kugenyera) rero, ni igikorwa gikorwa n’abaganga co gutwikurura agashishwa kaba gapfutse umutwe w’igitsina c’umuhungu, maze bakagakata, wa mutwe wako ukava aho wari wugaraniwe ukaja ahabona.
Bamwe ngo bisiramuza kugira bashaze
Benshi mu rwaruka rw’ubu barijukiye kwigenyereza. Ariko ubabajije uti kuki wahisemwo kuja kwa muganga kwisiramuza n’ukuntu bibabaza, bakubwira ngo «Ugushaza ni ugushinyiriza».
C. N, uwahoze yiga kw’ishure ry’indaro atashimye kuvuga izina, agira ati: «Twebwe muri Lycée, udasiramuye ntiwapfa uje kutwoga mwo. Si twe twakwirukana ariko wewe nyene uzi ko utarisiramuza, waramenya umwanya uvyukira ugaheza ukaja kwoga n’abo muri mu mugwi umwe ». C.N yongera avuga ko, kubera ukwo kuntu uwutarisiramuza yasa n’uwutagira ijambo mu bandi, naho yaba afise ijunja, ngo ntiyaryogora kuko bamukekeza bikagira inzira. Ngo nta rusasuma rw’abadasiramuye rwaba ariko mu gice gikurikira bose baza bitunganije bakabona gugira ijambo.
Erega n’abakobwa bigana ngo haragera igihe bakabimenya. Umwigeme M.N agira ati: « Mu gice ca mbere ntawobiciye ikanda. Mu gice gikurikira bagarutse gutangura (kuko bakunda kuza batarakira neza batambuka batambikije). Gusa yemwe bamaze gukira, abahora batekereje, ntitwabakira. Basigara batambuka biduzaduza nk’aho umenga batambukira ku marasoro ».
Bimwe mu vyiza biri mu kwisiramuza
Muganga Pascal agira ati: «Burya iyo karya gashishwa kagipfutse umutwe w’igitsina c’umuhungu, akenshi hari uducafu tuguma twiyugaraniyeyo na canecane iyo umuntu adakunda kugakumira inyuma ngo yoze neza imbere. Yisiramuje rero biba vyiza ku mvo z’isuku. N’ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka (Infections sexuellement transmissibles) aba azikingiye ku rugero rushika ibice 60%, kuko kenshi ca gishishwa ariko gakomereka mu gihe c’amabanga y’abubatse canke umutwe w’igitsina kuko uba woroshe cane. Uko iminsi ihaca rero umuntu yarisiramuje, ni ko akabiri k’umutwe w’igitsina usanga kagenda karatimba ku buryo kadapfa gukomereka mu gihe c’amabanga. »
Ku myaka ingahe umuntu atarekuriwe kwisiramuza ko?
Nk’uko muganga Pascal abimenyesha, ngo kuva ndwi 2 umwana avutse gushika umuntu asaze, aba arekuriwe kw’isiramuza kandi ntihagire ingaruka n’imwe agira. Kimwe gusa ukira kuja kwa muganga hakaba ari ho babikorera. Hamwe n’ivyo, asaba abanyagihugu ko batokwigera batega ugutwi umuntu n’umwe yoza abonka ugutwi ngo « kwa naka barazi gusiramura, hogi dutwareyo abana na twebwe nyene twigenyereze », kuko bashobora kugirirayo ibibazo bikomeye.
Uwo muganga agahanura abatarigenyereza ko bosimbira kwa muganga bakabibafashamwo. Uzi ko ngo hari n’abasore bagira ubukwe, bahuye n’isugi yugaye neza neza bagakomereka bikomeye, bakabasiramura bamaze kwononekara?




