Intambamyi ku burimyi mu Burundi ni nyinshi. Muri zo ihindagurika ry’ibihe rikaza kw’isonga. Rino na ryo rituma abarimyi canke abanyamitahe batinya gushira imitahe yabo mu gisata c’uburimyi. Mu cigwa ciwe co kurangiza amashure y’igice c’agatatu c’inyigisho za kaminuza, Dr Marcien Ndagijimana arerekana ko kwishingiranirana bishobora kuba umuti w’ico kibazo
Muri ico cigwa ciwe, uwo muhinga mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe atangura yerekana ibiharuro bimwe bimwe bijanye n’uburimyi mu Burundi. Akarorero, agatanga ku Burundi bugizwe n’isi ndimwa ku rugero gw’ibice 56 kw’ijana (56%), na yo uburinganire bw’isi ndimwa bungana n’igice c’ihegitari (0, 5 ha) ni bwo bugereranywa kuri buri rugo. Ivyo biri ukwo mu gihe ibice birenga 90% vy’abarundi ari abarimyi.
Ariko kandi n’ubwo abarima ari benshi, uburimyi ntibushemeye kuko n’ababukora usanga benshi batabwihebera ngo babushiremwo imitahe mininiminini kubera bazi ko bashobora kurima bakarimarima biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe. Nk’iy’imvura yaguye ari nyishi ivanze n’imiyaga n’urubura bikonona ibiterwa canke iy’izuba ryatse cane ibiterwa bikuma.
Dr Marcien Ndagijimana, mu cigwa ciwe gishimikiye ku « guhangana n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe mu burimyi, hisunzwe ingendo yo kwishingiranirana mu gihe c’uruhombo ruturutse kw’ihindagurika ry’ibihe», avuga ko igituma abantu badashira imitahe yabo mu burimyi ari ubwoba bwo guhomba. Agira ati: «Aha mu Burundi, nk’uko biri n’ahandi hose kw’isi, igisata c’uburimyi cama gihura n’intambamyi nyishi zishingiye kw’ihindagurika ry’ibihe, ibi bigaca bituma abantu bareka kugishiramwo imitahe, gutyo uburimyi bukaguma hasi. »
Muri ico gitabu ciwe co kurangiza amashure y’igice ca gatatu c’inyigisho za kaminuza (doctorat), Dr Marcien Ndagijimana avuga ko kugira uburimyi bufate ikibanza gikomeye mu Burundi, hobaho uburyo bwo kwishingiranirana ku washize umutahe wiwe mu burimyi agahomba biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe. Ivyo vyotuma abanyamitahe benshi bashira imitahe yabo mu gisata c’uburimyi badatinya ihindagurika ry’ibihe, gutyo umwimbu ukiyongera n’uburimyi bukagira ijambo.
Uburyo bwo kwishingiranirana bwokorwa gute?
Mu gutunganya ico cigwa, Dr Marcien Ndagijimana yaragerageje uwo mugambi mu ma komine amwe amwe yo mu ntara ya Gitega hamwe no mu ntara ya Muyinga. Uburyo yakoresheje bw’ari ubw’uko abarimyi bo ubwabo bokwishingiranirana. Kuja mu migwi mitomito yo kuziganya no kuguranana ni bwo buryo bakoresha kandi vyagenda neza.
Mu kwishingira uwahuye n’ingorane zitewe n’ihindagurika ry’ikirere, baraheza bakisunga urugero rw’ingene izo ngorane zamusize. Mu gihe rero ubwo buryo bwobaho abantu botsinda ubwoba. Aho yabitanguje vyariko bigenda neza cane ariko amaze guheza icigwa ciwe bakaba batashoboye kubandanya babikurikirana neza.
Kubw’ico cigwa, uruzuba ni yo ntambamyi nyamukuru ibangamiye abarimyi, iruhande y’izindi nyinshi nk’imyuzurira, urubura, icika ry’imvura hakiri kare, … Kubw’amahera baziganya rero, biratuma buhorobuhoro bashobora kuronka uburyo bwo gukoresha ibikorwa bijanye no gukingira isi nko mu gutera ibiti bikingira indimo, guca imikobeko n’ibindi.
N’ubwo biri ukwo, amahera baronka nk’ingurane kugira bayashire mu bikorwa vyo gukingira isi ndimwa, aracari make cane. Aho ico cigwa cakorewe, bagereranije basanze umurimyi umwe atarenza ingurane ya 20 000Fbu. Bisubiye ibice 71,3% vy’abarimyi baronka iyo ngurane bayikura mu migwi mitomito yo kuziganya no kuguranana, hama ibice 4,6% akaba ari bo bonyene bayironka mu mabanki.
Dr Ndagijimana akavuga ko Reta yobishiramwo inguvu, igahimiriza abantu kuja mu migwi yo kwishingiranirana biciye mu kuziganya no kuguranana, canke Reta yo ubwayo igashiraho ikigega c’ubwishingizi kijejwe gushumbusha abagize ingorane ziturutse ku kirere, ni ho n’abashira imitahe muri ico gisata bokwiyongera.




