Abanyeshure 1.714 nibo basozereye ivyigwa vy’ururimi rw’ikidagi mu mwaka uheze wa 2023, abagera ku 2.383 nabo baramaze kwiyandikishije ngo batangure.
Kuri uyu wa 29 Ruhuhuma 2024, mu nyubakwa za kaminuza y’Uburundi mu kigo cayo co ku Mutanga mu gisagara ca Bujumbura, niho hasozerwa ivyigwa bimaze imisi bihabwa abakenyezi, vyo kwitunganiriza imigambi, kumenya uburenganzira bwabo n’ivyo bategerezwa mu ntumbero yo gutsimbataza amahoro.
Nk’uko bishikirizwa na Misago Aloys aserukira ikigo ndangakaranga c’Abadagi mu Burundi #CMA (Centre Multiculturel Allemand), ikidagi catanguwe kwigishwa mu gihe ubuserukizi bw’ico gihugu bwari bwahaye akaryo abanyeshure b’Abarundi, ko kuja kwiga no gukora muri ico gihugu: « Vyobagora kwiga, kubaho, gusuma, kuganiriza abandi mu gihe batazi ikidagi kandi mu bice vyinshi vy’ico gihugu, ata rundi rurimi bavuga uretse ikidagi. » Nk’uko abandanya avyigana, urwo rurimi rwatanguye kwigishwa abanyeshure 2 gusa mu 2014 kuri Kaminuza y’Uburundi, imbere y’uko baja kubandaniriza amashure yabo mu budagi.
Ikindi yamenyesheje ni uko ico gihugu gifitaniye amasezerano n’Uburundi mu mugambi wo guhanahana abakozi. Ni mu gihe mu Burundi abakeneye akazi batagafi atari bake, ariko mu Budagi hakaba ubukene bw’abakozi. « Mu gihe abahinga b’abadagi baje gukorera mu Burundi mu migambi yo guteza imbere igihugu, biba vyoroshe ko batanga ubwo bumenyi mu gihe bumvikana n’abo bariko baraganira»
Pr Audace Manirabona arongoye Kaminuza y’Uburundi, mw’ijambo yashikirije, yasavye abanyeshure kubona kure, bakamenya ico barondera kuzoraba n’inyungu bazobikuramwo mu gihe baba bariko bahitamwo ibisata bokwiga. Yabahamagariye kandi kwijukira kwiga urwo rurimi, kuko biheza bikaborohera iyo bagiye muri ico gihugu kurahura ubumenyi bagarukana barangije amashure, ivyo navyo bigafasha guteza imbere igihugu.
Casten Hölscher, umuserukizi w’Ubudagi mu Burundi arashima intambwe Uburundi bugezeko mu kwiga urwo rurimi, akanashima kuba mu Burundi hariho n’abana bato bari munsi y’imyaka 10 bamaze kumenya ibitari bike muri urwo rurimi. Ahamagarira n’abandi kurwiga ku bwinshi kugira ngo imigenderanire hagati y’Ubudagi n’Uburundi ikomeze gutsimbatara kubw’iterambere ry’ivyo bihugu.
Ikigo CMA kikaba kigeze ku banyeshure barenga ibihumbi bibiri. Ndetse caraye gishize umukono ku masezerano yo gukorana n’amashure, amakaminuza, insamirizi, n’ibindi, bakanahigishiriza ikidagi. Ayo nayo ni : UGL, UPG, ULP, ETO, Lycée Technique Nyanza-Lac, Ecole la Clairière de Bujumbura, Fondation Niyongabo, CTK, Roots and shoots, Kazoza Fm, CINAUB na PPR
Kabaye n’akaryo ko gutanga impamyabushobozi ku bize ururimi rw’ikidagi muri mwaka wa 2023




