Jimbere

ikirundi French English
UKUBANA

Kwemeza inkumi mu « kuyifuta », naho shwi!

Hari ukuntu abahungu twama dushaka kugara ku bakobwa. Kubasororera ivyo bashaka kugira ngo tubereke ko twifashe neza. Ivyo kenshi tubigira ku bakobwa tuba dukunda turiko turarondera canke k’ubo dufise ico tubashakako. Njebarikanuye yabiyemeyeko kenshi ariko yaraye ahinyutse.

Burya abahungu turiyemeza. Hari igihe uba ufise umukobwa akugora. Ukamwinginga ngo musohoke akama yanka. Wasubira uriko urafyina kubera wamenyereye ko yanka umubajije ukaza wumva aremeye. Nawe ku mutima uti ndafashwe, ko yahora yanka ubu ho koko bigenze gute? Ariko kubera ukwihagararako ukamuha nk’isango yo muri « week-end ». Aho rero uca umara iyo minsi yose isigaye utubitse uwavubi. Uba usigaye unwa amazi gusa icibagiwe co, ni ka mushikaki. Utangura kuganya wibaza aho uzokura ay’iyo nkumi izorya ngo ntigucishemwo ijisho. Hari igihe usanga rero twiremye nko kuri 20.000Fbu, canke atanashika. Ata yo dufise na ho twita mu madeni tutazi igihe tuzoyishurira.


Ese rero ho ngo murahuye utari wa mwiteguriye. Ukivugisha ufyina ngo musangire rimwe uzi ko atemera ukabona aremeye. Uba uhuye n’akaga. Ariko kenshi na kenshi abahungu twishima ku bakobwa, ikintu tudashobora kwihendako, ni ukwambara neza kugira tubemeze. Kwambara agakofero karaba inyuma, udupira tugezweho, isheneti mw’izosi, gurumeti ku kuboko kw’iburyo, isaha ku kubamfu, impeta ku gatoki k’agahererezi, ikabutura canke ipantaro kuri munekeri n’ikirato ca « Nike » canke aga simpo, agaparufe kamota neza kadasigaye inyuma. Igisagara cose umenga nigwawe, ngo ugiye kwemeza umudemu kandi ku mufuko utarenza 20.000 Fbu.

Ukwihagararako bivamwo ugusuzugurika

Ukutavugisha ukuri bizotuma ivyubahiro turondera binaburizwamwo. Ehe raba, « Njebas » muri minsi iheze yakorokeye kuri « fone ». Nguyo ahamagaye « umudada » ashaka kwifatira. Ngaho amusavye ko basangira rimwe. Umwana w’abakobwa atanka ati ni vyiza ariko ndikumwe n’abandi bagenzi banje batatu. Ku kwiyemera, Njebarikanuye ngo nta kibazo nimuzanane dusangire rimwe. Ni ko gupanga akabare asanzwe amenyereye bohuriraramwo mu gisagara ca Bujumbura. Ngabo bose no kwa ka kabare ngo ba!


Uwuzana inzoga na we ntiyatevye kubabaza ivyo bafata. Amakuba Njebarikanuye yahaboneye n’ubu aracayikugura. Umukobwa wa mbere ata n’ubwo ariwe yatumiwe avuga asavye « Smirnoff ». N’abandi 2 basaba iyo nyene. Uwatumiwe na we ngo « chuchu » ubona gute banzaniye aka « godet »? Njebarikanuye umutima ngo Ba! Ba! Ba! Ariko yumvise ko bamwise « chuchu », na we n’umutima w’amadidane ati: « A l’aise Bechou ». N’ivyiyumviro vyinshi « Njebas » aca asaba ifanta. Uwuzana ibinyobwa ati: « Ngaha bariha imbere ».

Avuga amuteye ahonyene « facture » ya 36.000Fbu. Bishoboka ko baza kwongenza ukwo nyene, n’ico gufungura hejuru. Aho rero, imbere n’inyuma Njebarikanuye afise 20.000 Fbu.


Urazi kubura ayo urihira imbere y’inkumi uriko urasororera ukuntu bimaramaje ? Ni ibara kwihereranya uwutanga inzoga umuhobobera ko yogucishirizamwo, wabona ivyo batumyeko biriko birakwiza isaha bitaraza ababitumyeko na bo bariko bakuraba iry’ingwe ukanduruka urwatiriza iterefone, isheneti, canke ikindi kintu ufise ngo bakunde baronke ivyo basavye, biramaramaje. Inkezi ikera ubwo bireha.


None burya bimaze iki kugara ku mukobwa ngo umurihiye « Taxi »uvuye ku musororera, wewe ugataha mu Kinyange ugashika iyashu itemba, wabuze n’aya bus. Ukutavugisha ukuri kwa Njebarikanuye ngo ashaka bamwemere ko asorora vyavuyemwo agasuzuguro. Erega ku gutinya ko bohava biyongeza ibinyobwa yahavuye anyika. Na ba bigeme ngo bahavuye bamushira muri « blacklist ». Kwemera ico uri imbere ya vyose ni vyiza kuruta gushaka ko abantu bamenya ko uri ico utari. Ndavuga simvura.

Sabikanya kuri
1 Comment

1 Comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top