Uyu mugabo wo mu ntara ya Kirundo amaze iminsi avugwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye ku caha co kunyaga abantu agatako akabica akanabihambira aho abaye. None uyo Mitima ni nde? Azwi gute mu kibano? Twaratohoje …
Uyu mugabo Joseph Mitima afise imyaka 63. Azwi nk’umuntu arinda kandi w’icihebe. Yatanguye kuboneka muri komine Bugabira ku mutumba w’i Kiri mu myaka yo hagati ya 1998 na 2000. Yari avuye mu ntara ya Ngozi. Yatumbereye mu Bugabira nk’umuntu aje kuharondera indimiro zo kurima kuko yari aje afise amakuru yuko himbuka.
Niko gutangura kugura indimiro z’abantu zitandukanye. ahavuye yerekana ko ari umuntu akeneye indimiro yaguze mugabo agaca aza arakenera n’iz’abandi bahana imbibe mu kubarengera biboneka, uwugize aravuga agaca amushirako amakofe. Uyo mugabo aca atangura kumenyekana ukwo, kuko yama mu butungane.
Uko yatanguye amangetengete …
Mitima yatanguye kwadukana ibintu vyo gufata udukoko twitwa utunyamasyo (tortue mu gifaransa). Ako kanyamasyo yaragafata akagashirako ibuji hejuru agaca atangura guswaganya abantu abereka ko ari ibitanganza ariko arakora. Atangura kwihamagarira abantu abagirisha ibiteramo vyo mw’ijoro yerekana ko akora ubumaji budasanzwe. Ivyo yabikora afise n’uwundi mwuga yakora wo kurangura ivyuma bishaje, amasuka yaheze ariyo mafuni, n’ibindi vyaheze akaza arabishora i Ngozi n’i Busoni mu kirundo.
Mu nyuma, Mitima yahavuye yinjira mu mugwi wabavuza imiti y’ikirundi. Ni ho abantu barushIrije kumumenya. Hagati aho, yarafata inzoka ku mutwe wayo, canke akirirwa ayitemberana mw’ikoti. Aciye aho abantu bakoraniye akayerekana, akabemeza ko ari igihangange. Ubona n’ukuntu abantu batinya inzoka, ababona ukuntu Mitima yirirwa ayitemberana baca batangura kumutinya. Batangura kumufata nk’uwudasanzwe.
Mitima muri co gihe c’imiti y’ikirundi, yaramenyekanye cane. Abanyarwanda babarizwa iwiwe baje kwivuza. Abanyatanzaniya barahabaririza bakamushikira, hari n’abazungu bamwituye na yo abo mu kibano bo, ntibahasiba. Biza kurangira umugabo Mitima, abantu bamuyobotse ku bwinshi. Yari yaratunganije n’ibibanza bimeze nk’ibitaro mu nzu ziwe. Yahakirira abagwaye canke akarazamwo indembe zamwituye. Ntawashobora kwibaza ko Mitima yica abantu, naho vyikekwa ko, abaje kumwitura bafise inoti yoba yarazibambura.
Umugabo ahindagurika …
Mitima ni umuntu ahindagurika. Yarigeze kuba ari umusenzi akomeye cane. Ntiyasiba mu rusengero. Yarasengesha mbere agasengera n’ishikanwa ryaba ryatanzwe. Amaze kubivamwo, umwanya umwe wabona ariko arashwana, agwana, uwundi mwanya wasanga ariko aregeranya abantu abasororera inzoga. Agakoranya abantu barenga ijana, mu mafaranga yakuye mu mangetengete yiwe, agasororera abantu ngo ni abavyeyi babimutegetse.
Mitima yarakunda kandi gukora ikintu ahanirwa, ariko gituma amenyekana. Yarigeze gukora ikosha, aca afungirwa mu gasho k’inyamiramabi ka komine Bugabira. Ico gihe yaciye akurako umuryango w’agasho arawuta. Aca aja mu myanda abafungwa bitezuriramwo imisonga (umwanda mukuru na muto) arivayangamwo umubiri wose aca arasohoka aritahira.
Abajejwe intwaro n’abamubona bose bibaza ko yasaze. Ariko bahavuye bamutegeka gusubizako umuryango w’agasho awugare. Yaciye akora ikidasanzwe. Yarondeye ibifunzofunzo (ivyatsi bimera mu rufunzo) arabijisha n’imigozi, abiha imforo y’urugi arajana yegeka ku muryango w’agasho. Aca ahamagara musitanteri amwereka ko agasho yakugaye. Ni inkuru yatwengeje abantu benshi.
Rero Mitima yagiye aramenyekana mu bintu vyinshi vyo guswaganya abantu, mbere hari n’abamwitura babivye ngo abagarurize ibintu, abandi ngo abagombekere. Ubu naho akaba yafatanywe ibisigarira vy’abantu bagiye baraburirwa irengero. Ivyo bikaba ari na vyo vyahavuye bimushira mu gasho ko gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, akariha n’indishi y’akababaro ingana n’imiriyoni 55 Fbu, agatako akariha n’ihadabu ya 2 200 000Fbu azoja mu gasandugu ka Reta.




