Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Kate Sabrina Ishimwe, umwigeme yabaye uwa mbere muri Concours National 2019

Ku myaka 15 gusa, Ishimwe yaranejereje cane abavyeyi biwe. Uwo mwigeme yabaye uwa mbere afise amanota 191 ku 200 mu kibazo co mu w’icenda cakozwe mu mwaka w’ishuri uheze wa 2018-2019. Uwu rero, ngo aho yagiye araca hose abanyeshuri bigana bari bamuzi mu kwama aba uwa mbere mu gihe co gusomerwa amanota.

Zacharie Nzeyimana, yamana akanyamuneza ku bw’uwo mwana wiwe. Agira ati: « Uyu Ishimwe wanje, yama antera iteka buri igihe. Kuva agitangura mu binyoni gushika ubu, ntarigera areka kuba uwa mbere». Sabrina na we acumva iryo jambo aca aramwibutsa agira ati: « Oya papa, ibuka neza. Narigeze kuba uwa kabiri niga mu mwaka wa kabiri w’ishuri shingiro. Ni muri ca gihe nari naravunitse ukuboko kw’iburyo bitakunda ko nandika neza. Ariko maze gukira naciye nongera kuba uwa mbere mu gice ca nyuma kirangiza umwaka».

Urukundo n’impanuro Ishimwe ahabwa n’umuvyeyi wiwe Zacharie, ngo ni ryo shingiro ry’umwete uwo mwana agira mu kwiga. Nzeyimana agira ati: « Jewe nk’umuntu yize ivyigwa vy’imibano, ndatahura ko umukobwa wanje asanzwe afise ubumenyi bwisununuye. Ni na yo mpamvu nama namuhanuye ko ingabire afise yoyikoresha neza mu gukunda ibikorwa maze akaba umuntu w’agaciro mu buzima ».

Ku bijanye n’ikibazo ca reta giheruka co mu w’icenda Ishimwe, ngo ntiyari yiteguriye guhiganwa ku gwego rw’igihugu kuko atari azi ubumenyi abandi banyeshuri bo ku yandi mashuri bafise. Agira ati: « Ivy’uko noba uwa mbere mu gihugu ntivyari bindi mu mutwe. Ariko narizera ko noshobora kuba mu ba mbere. Ivyo nkaba nabivuga nisunze ishuri nsanzwe nigako «Lycee du Saint Esprit». Uyu rero ngo aranibuka ko yari yarigeze kubwira se wiwe ko ashaka kuzoronka amanota arenga canke angana n’185/200. Ayo na yo akaba yari amanota umwana yabaye uwa mbere mu mwaka wa 2017-2018 yari afise.

Ubwenge n’ubugwaneza

Kuba Ishimwe hohava haboneka abamurusha, ngo ivyo nta bwoba bimuteye kandi ntivyomubuza kubandanya afasha abandi banyeshuri bigana. Nk’uko anabimenyesha, ngo asanzwe afise umugwi w’abanyeshuri afasha gusigurira ivyigwa baba bize mw’ishuri. Agira ati: «Abakobwa bose twafashanya tuba mu ba mbere mw’ishuri. Birashika umwe muri bo akankurikira ku rutonde rw’amanota yo mw’ishuri, ariko sinigera niyumvira kwanka kumusigurira canke kumubwira ibitari vyo mu vy’igwa aba adatahura neza. Ahubwo iyo ndiko ndabigisha bituma ntera iy’indi ntambwe mu bumenyi».

Naho Sabrina yiyumvamwo cane ibiharuro na «fiziki», ngo arafise indoto yo kuziga ivyigwa bijanye n’amategeko. Agira ati: « Mbaye umushingwamanza, novugira abakumiriwe. Kuko ndababazwa cane no kubona umuntu abuzwa uburenganzira bwiwe bwo kwigwanira ».

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top