Jimbere

ikirundi French English
INDERO

Muri Kaminuza y’Uburundi hari abanyeshure batariko baratahura ibiriko birababako

Mu gihe umwaka w’ishure muri Kaminuza y’Uburundi waraye utanguye kuri uwu wa 30 Munyonyo 2020, hari abanyeshure baguma biruka baraba abayobozi ngo babatunganirize kugira barabe ko boronka aho biga. Abo na bo bakaba ari abatisanze ku rutonde na rumwe abandi na bo bisanze Ku rutonde rwabatagira ahobiga kandi bakwiza amanota yafatiweko mu bushikiranganji bw’indero.

Abraham Ngendakumana ni umwe mu banyeshure batigeze bisanga ku rutonde na rumwe. Uwu munyeshure avuka mu ntara ya Rutana, avuga ko yiyandikishirije i Gitega, kimwe mu bibanza vyariko birakira abashaka kwiga muri uwu mwaka waraye utanguye. Ariko ntiyigeze yibonako. Kubera amanota meza afise amwemerera kwiga, kukabankako umuntu arenza 70% nk’ayo afise ni gake vyoshika ntiyemererwe kwiga muri Kaminuza y’Uburundi ubona ko ubushikiranganji bw’indero bwanafatiye ku yari munsi yayo. Uwo munyeshure amaze kwibura ku ntonde yaciye aja gusaba ko bomushira ku rutonde rw’abahabwa ikibanza. Ivyo mu kubisaba akaba yandikiye ibaruwa umuyobozi wa Kaminuza (Récteur) nk’uko vyagenze ku bahuye n’ico kibazo bose. Uwo munyeshure co kimwe n’abandi basangiye ikibazo bariko basaba gutunganirizwa kuko bakwije ibisabwa, n’amanota akenewe bayarengeje.

N’ababuze ibibanza n’ibisata bihuye n’amanota bafise ntibatuje. Bamwe bati, ntituzi nimba tuzoronka ibibanza canke ibisata twigiramwo kugira tuje ku rutonde rumwe n’urwabandi bari mw’ishure. Abandi na bo ngo ababijejwe n’ibadukure ku nzira, baduhebuze canke batwemerere. Aboyobozi bareke kuguma baduhanahana, tuva hamwe tuja ahandi batubwira ko twihenze aho tubariza. Bagira bati: » Ino hari abadafise incuti, ntituri bupange amazu tutazi nimba tuzemererwa. Nibadufashe, bareke kuduhenda ngo nta bibanza bihari canke ibisata kuko bafatira ku manota babona ibibanza bafise. N’igitanganje Nk’uko banakoroye amanota mu nyuma batumako abandi kwiyandikisha. Ivyo ntibari kubigira babona badafise aho kubashira. »

Mu buyobizi bw’inyigisho za Kaminuza bati: « Nta nzu iriko irasha »

Paul Hakizimana umuyobozi w’inyigisho za Kaminuza ari na we arongoye umugwi ujejwe kurungika abanyeshure aho baziga agira ati: » Mu gihe cose hariko harakorwa ibikorwa bisabwa ko hasuzumwa amadosiye y’abantu hama hakunda kwibonekeza utuntu tumwetumwe tutameze neza. Rero, nta nzu iriko irasha, utunenge twibonekeje turiko turatorerwa umuti. »

Ariko rero uwo muyobozi amenyesha ko, ubu bakeneye kwakira abanyeshure biyandikishije bakwiza amanota yafatiweko n’ubushikiranganji bw’indero ariko batigeze bibona ku rutonde na rumwe. Amenyesha ko hari abaheruka gutunganirizwa, ariko kandi ko abataratunganirizwa na bo, botumbera ku biro vy’uwurongoye inyigisho za Kaminuza mu kigo co mw’i Rohero.Uyo muyobozi agatera ivyatsi abanyeshure baguma baza kugorana ngo babandike kubera batoye ikibazo ca Reta ariko badakwiza amanota yafatiweko. Ko borekera abayakwije batisanze ku ntonde.

Na yo ku baronse amanota asabwa, bakiyandikisha mbere bakanisanga ku rutonde rwabatagira aho baziga, uwo muyobozi amenyesha ko yabaye ingingo yafashwe bivanye n’amanota yabo make. Agira ati: » Bagiye gushikirwa ibibanza n’ibisata vyaheze kuko twatanga ibisata dukurikije ingene barushanya amanota. » Ni na yo mpamvu yaciye anamenyesha intonde basohora uko ziba zimeze. Na zo zikaba ari intonde z’abaronse ibibanza, intonde z’abatashikiriwe mu kuronka ibibanza, urutonde rw’abakuwemwo kubera basanze biyandikishije muri Kaminuza nderabigisha ENS, hamwe n’urwabadakwiza amanota ubushikiranganji bw’indero bwasavye baguma baza kugorana.

Mwomenya rero ko muri uwu mwaka, Kaminuza y’Uburundi itegekanya kwakira abanyeshure bose hamwe bangana na 5662.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top