Jimbere

ikirundi French English
INDANGA

Yaricaranye na “Président” kubera uburimyi

Si nyakwigendera umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, si Evariste Ndayishimiye, bose baramwemera. N’ikimenyamenya ari mu barimyi bake bamaze kwicara mu kirimba kwa Ntare bagiye gushimirwa. Jean Gatabazi si umurimyi asanzwe kuko yaranatewe iteka ryo kwigisha abakozi bo mu mirima y’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza ubuhinga bwo kurima no kworora kijambere.

Burya Jean Gatabazi ngo yamenyekanye mw’ihiganwa ryo kwerekana umwimbu ryigeze kubera i Muyinga mu mwaka wa 2017. Gatabazi ati : « Muri iryo higanwa nazanye imisusa, ibitoke, ibijumbu bininibinini, ibisunzu binini, ibiharage n’ibindi vyinshi. Nyakwigendera umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza abibonye ingene ari vyiza biteye igomwe, ni ho yaca avuga ijambo asaba abo bari kumwe ko uwo mwimbu wanje bowugura wose kuburyo ata n’abike bisubira inyuma. Baca barabigura vyose, nkuramwo imiriyoni 10. Mu mwaka wa kurikiye mu 2018 ni ho yongera kuntumako ku kirimba i Buye i Ngozi, turicarana, ampa akabahasha, yongera ansaba kwigisha abakozi bo mu mirima yiwe. »

No mu mwaka wa 2019, Pierre Nkurunziza yarahaye Jean Gatabazi urupapuro rw’iteka n’akabahasha k’umurimyi wa mbere w’akarorero mu Burundi. Si Nkurunziza gusa yamubonye, eka da. Na Déo Guide Rurema, umushikiranganji araba ibijanye n’uburimyi n’ubworozi yari yaramubonye, mbere mu mwaka wa 2018 ku munsi mukuru wahariwe ifungurwa kw’isi amuha agashimwe n’urupapuro rw’iteka.

Umwiza ararangwa, n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaramumenye. Mu nama z’abahinga mu burimyi n’ubworozi, Jean Gatabazi ni yo abarizwa. N’ikimenyamenya kuri uwu wa 8 Ruhuhuma 2021, mu kirimba kwa Ntare, yarakiriwe n’umukuru w’igihugu baricarana. Hambavu y’agashimwe, Evariste Ndayishimeye ngo yamwemereye kumushigikira mu bijanye no kwigisha abarimyi ubuhinga bwo kurima no kworora kijambe. Kukabankako uyu murimyi w’akarorero aramaze no gushira hamwe amakoperative 50 mu ntara ya Kirundo.

None Jean Gatabazi ni nde ?

Nta mashure maremare yize kuko yahunze mu 1972 yiga mu mwaka w’indwi.Yahavuye ashika muri Kenya aho yigiye kurima ibiharage n’ibigori. Avuye aho ngo yaciye aja mu Buganda aho yize kurima ibisunzu, ibitoke n’amatugu. Inyota yo gutsimbataza uburimyi ntiyaheze, kuko yahavuye ashika no muri Sudani aho yigiye ibijanye no kuvomera ibiterwa akoresheje amazi make akimbura vyinshi kandi haka izuba.

Iyo mvukira yo mu Kirundo, si yo yabonye iraronse ubumenyi buhagije bujanye no kurima, ngo yaruhukiye mu Burundi, hari mu 1987. Agira ati : « Nashitse ndima nongera ndorora kijambere kuko nari mfise amahera make yo gutanguza umugambi, bica biranyitaba. Uwo mugambi ndawumazemwo imyaka 6, ubutegetsi bwarashimye ibikorwa vyanje bunyemerera agashimwe ko kunyubakira « gaz méthane » yo gutekako naho bitakunze kuko mu mwaka wa 1993 naciye nongera guhunga, nigira mu barwanyi b’ishamba ariko ngenda maze kugura itongo ry’amahegitari 45. »

Jean Gatabazi yavuye mw’ishamba mu 2011, ashikira iwe i Bugorora ahari umuryango wiwe. Yashikiye mu migambi yiwe yari yagiye atanguje. Amaze imyaka mike avuye w’ishamba, yaciye yongera kugura ayandi matongo angana n’amahegitari 50. Ubu amatongo yiguriye angana n’amahegitari 95 akoreramwo uburimyi n’ubworozi. Ayo na yo akaba ari muri komine Bwambarangwe, Busoni, Gitobe, Kirundo no muri Butihinda iri mu ntara ya Muyinga.

Aho aviriye mw’ishamba yaciye abandanya uburimyi

Uyu mugwizambuto akorana n’ikigo Isabu avuga koarima ubwoko bwose bw’ibiterwa ariko ivyo ashima gushira imbere cane ari imyumbati, ibisunzu, amatugu, ibiharage, ibigori n’ibijumbu aterera ibitungwa vyiwe, isogo, isogi, n’ibindi biterwa vyinshi vyarimwa aho hambere. Yishimira umwimbu aronka mw’isarura. Ku biharage y’imbura amatoni arenga 120, ibigori amatoni arenga 100, … Mu bworozi, arorora impene, intama, idendo, ipanya, inka, ingurube, inkoko, imbata n’ibindi vyinshi.

N’abo mu kibano no mu karere akoreramwo imigambi barashikirwa. Akoresha abakozi 250. Jean Gatabazi agira ati: « Narahaye akazi abagoronome, abaveterineri b’ibitungwa, abajejwe ibigega, abo bose nk’aba nabakuye muri ba ntahonikora badafise akazi. Muri bo, 60 bakoze neza narabaguriye ikarata yo kwivurizako ya “mituelle”. N’amashure yaramfatiyeko akarorero. Ecofo Bugorora bararimye ibisunzu baragaburira abanyeshure, ecofo butihinda bararima imyumbati, kandi narababaye hafi. N’abandi benshi narabigishije kandi bariko bariteza imbere, harimwo n’abankorera mu mirima. »

Mwomenya rero ko Jean Gatabazi ubu ariko aragerageza uburyo yoshiraho ihinguriro rihingura ibisunzu bikavamwo ifu y’ubugari, ubuyi n’imikate afatiye ku buhinga yabonye muri Etats-Unis, kandi akironderera isoko yamaho y’ivyo yimbura. Agahamagarira n’abarimyi bose gukura amaboko mu mpuzu bakarima, mbere bagashira imitahe yabo mu kugura amatongo kuko ari ryo tunga ritabora.

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top