Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Isekeza ry’incanco : abavyeyi bibungenze n’ibibondo ntibasubire kwanjanjwa

Abakenyezi bibungenze bangana ibice 57,3% ni bo bonyene bitabiriye igice ca mbere c’isekeza ry’indwi yahariwe amagara meza ku muvyeyi n’ikibondo ryabaye mu kwezi kwa mukakaro 2020 aho bahabwa imiti n’incanco. Ivyo bigatera impungenge abajejwe amagara y’abantu kuko bigaragara ko hakiri abavyeyi bagifata ibisanzwe ico gikorwa. Bahamagariwe kwikubita agashi muri iki gice kigira kabiri.

Kuva kuri uwu wa 15 gushika ku wa 18 kigarama, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaratunganije igice ca 2 c’isekeza ry’ugucandaga ibibondo bikingirwa ingwara y’agasama n’ukuronsa ibinini vy’inzoka abavyeyi bafise imbanyi imaze gukwiza amezi 3 kuduga. Ivyo bikaba biriko birakorwa mu ntumbero yo guhimbaza indwi yahariwe amagara meza ku muvyeyi n’ikibondo.

Mu gihugu cose abakenyezi bibungenze bagera 297.816 ni bo biteguriwe kuronswa ibinini vy’inzoka. Abo bakenyezi nyene bakaba bazoca baronswa amasabuni mu ntumbero yo kubafasha mu kwikingira ikiza ca coronavirus nk’uko bishikirizwa na muganga Olivier Nijimbere, umuyobozi w’umugambi w’igihugu ujejwe gucandaga.

Nta muvyeyi canke umwana akwiye gucikwa n’ako karyo

Bose hamwe, abana bashika 1. 823.873 bafise kuva ku mezi 6 gushika kumezi 59 ni bo bazoronswa vitamine A, mu gihugu cose. Abana 570.466 bari mu turere tw’ubuvuzi 14 ari two : Bujumbura Mairie-Nord, Mairie Sud, Isale, Kabezi, Ngozi, Kiremba, Buye, Kirundo, Vumbi, Gashoho, Muyinga, Rutana na Murore bari muri urwo rugezo rw’imyaka nyene bazokingirwa ingwara y’agasama.

Abana 1.555.197 bafise kuva ku myaka 5 gushika kuri 14 baba mu turere tw’ubuvuzi 22 dukarirwa cane na bo nyene bazokingirwa inzoka zo mu nda. Utwo turere tw’ubuvuzi ni : Nyanza-lac, Muyinga, Murore, Kinyinya, Nord, Kabezi, Isale, Butezi, Vumbi, Makamba, Busoni, Rutana, Gihofi, Cibitoke, Mabayi, Rumonge, Bugarama, Mpanda, Bubanza, Kirundo, Mukenke na Bukinanyana.

Intumbero nshasha

Ibikorwa vyo kuronsa ibinini abavyeyi bibungenze vyahora bifashwamwo cane n’abaremeshakiyago bari ku mitumba ariko ku mvo y’uko vyibonekeje ko abo bakenyezi badaheza ngo bitabire iryo sekeza, ubu ribera ku mavuriro yegereye abanyagihugu canke mu bindi bibanza uturere tw’ubuvuzi twahisemwo twokworohereza abanyagahigu. Abanyeshure bo bazosangwa ku mashure.

Muganga Olivier Nijimbere akaba ahamagarira abavyeyi bose n’abana babo guha agaciro amagara yabo bakitabira iryo sekeza ku bwinshi ubona ko ata n’ikiguzi basabwa. Agirako yibutsa ko umuvyeyi yibungenze co kimwe n’abana bari munsi y’imyaka 5 bakarirwa cane n’ingwara izo ari zo zose ari na yo mpamvu badakwiye gufata minenerwe ico gikorwa. Yongera ati : « Ingwara y’agasama ni ingwara irandagata mu mwanya muto kandi yica. Ni co gituma umwana wese akwiye kuronswa incanco zayo »

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top