Afise imyaka 19 gusa, yiga kw ‘ishure rimwe ryo mu Mabanda, i Makamba. Wumvirije ingorane yatewe n’abarezi bataye ibanga urumirwa. Yahavuye yigira inama yo guhindura ishure bivanye n’uko hari umwigisha yaguma arondera kumushurashuza. Ikibabaje, yasanze ahungiye imvura mu muvo …
Wihweza Anabelle*, uwo murerwa, ntiwopfa waraciye ikanda ko yahuye n’amahano ari hano. Ni umukobwa ashwashwanutse, akunda abandi banyeshure agakundwa, na yo ku nkuru ziwe woterama rigaca. Eka mbere no mu gakino ndanguranyigisho z’umugambi Menyumenyeshe abanyeshure bakinye, afashe ijambo bose baca bakomera amashi rimwe. Ariko yasa n’uwufise igikomere ku mutima. Haciye iminota mike atanguye kwigana ingene abarezi bamuhohoteye, amosozi yaradengereye mu maso, abo vyagoye kwiyumanganya bo baranayakorora.
« Ivyo nabonye ni agahomerabunwa »
Uwo mwigeme ati : « Nciga mu mwaka w’umunani kw’ishure ryo mu Minago (Rumonge) iyo nturuka, umwigisha yaje kunsaba ngo dukundane. Vyarantangaje biranantera umutima uhagaze cane nca nihutira kubibwira abavyeyi. Bo baciye bangira inama ko ntomutuka ahubwo nokwihangana nkarindira umwaka ugahera maze bakansabira ikibanza ku rindi shure. Uko yansaba ko tubonana naguma ndondera ivyo ndamuhenda kugira singende. Bukebuke vyarakunze umwaka urahera abavyeyi baca bampungishiriza mu Mabanda. »
Naho bamuhungishije, amahano kuri we ntiyagarukiye aho. Yapfuye gushika abanyamabanda bati twakubonye. « Ino hari abadandaza bafise agafaranga hewe! Napfuye gushika umudandaza ati nakubonye. Yarampenda ko ari umusore ariko maze gutohoza nasanze yari umugabo afise abana bane. Uwo we ntivyangoye kumwikura. Kandundura, umuntu umwe mu bandi barezi bo mu Mabanda yaciye atangura na we kundondera. Yakorera hafi y’ishure niga ko. Yambwiye ko iminsi yose ku wa gatandatu no ku wa mungu yama yatonze mu biro iyo afise isango.Ni ho yansaba ko noza ndaja kumuraba aho ku biro. Umunsi umwe nagize ngo ndagenda, atangura kumbwira ibiterasoni. Ngo « ndisumunguta », ngo « none mpeke inzu ? » Ivyo vyose ni amajambo afobetse avuga ibiterasoni. Ndamubwira ko bitokunda. Yaciye acisha amaguru musi y’imeza atangura kuyankoza ko. Nca ndasimba. Aca atangura kundya umutima. Yarangoye gose gushika aho numva noheba ishure nkisubirira iwacu mu Rumonge. Naribaza ico nakoze kugira abantu bakuze bagume bambuza amahoro nkagihebura ».
Icakijije uwo murerwa
Ntiyigeze ahisha abavyeyi biwe ibigeragezo ariko araca mwo. Impanuro baca bamuha zaramufasha cane. Ni yo mvo bamuhinduriye ishure bamujana kwa musaza we aja mu Mabanda kwigayo kugira bamukingire naho yasanze yahungiye imvura mu muvo. Yaranubahutse kuyagira umuyobozi w’ishure amahano ariko arabona, kandi na we yaramuremesheje cane. Agira ati: « Umuyobozi w’ishure yarambereye umuvyeyi abushitse. »
Ikindi camufashije cane ngo ni umugambi Menyumenyeshe. « Umwigisha w’icongereza nagiye numva ampamagara mu nyubakwa y’abigisha (salle des professeurs) aca atangura kunyagira ivy’umugambi Menyumenyeshe. Naciye nemera kuwujamwo ntahigimanze. Ariko aransigurira numvise ku mutima umenga ndaruhutse. Mu nyigisho baza baratwigisha wamenga bariko bavuga jewe n’ibibazo nari maranye igihe kinini. Uko nakurikirana inyigisho za Menyumenyeshe ni ko naguma numva inguvu zo kwishura ntatinya abashaka kuntesha umwanya nkabikura ko. Ubu ngira ntawoba akinyubahuka kuko ni je nsigaye nigisha abandi, ndi umwunganiraruganwe hano ku kigo c’ishure ».
Menyumenyeshe yaje hageze
Uwo mwigeme tuvuze ni umwe mu banyeshure b’abigeme benshi bafise ingorane zo kugeragezwa gukwegerwa mu buhumbu n’abari bajejwe kubarera ariko bataye ibanga canke n’abandi bantu bakuze ata co bibanga. Naho biri uko, hari icizere ko urwo rwaruka rugiye kuronka ubumenyi bukwiye bwo kurwanya ako kabi ku bw’umugabi Menyumenyeshe. Urwaruka rushika 4 135 rufise imyaka iri hagati y’imyaka 10 na 24 rwo mu makomine 6 agize intara ya Makamba rurakurikirana inyigisho zerekeye irondoka rijanye n’amagara meza n’izindi ndoragitsina kugira ngo bamenye ingene bitwara maze bakingire amahano uwo mwigeme yahuye na yo eka mbere bakamenya ingene bavyitwara mwo iyo ivyo bibazo bibashikiye.
Amahano Anabelle yabonye ni icemeza kandi neza ko umugambi Menyumeshe waje hageze. Muri iyo ntumbero, abunganirarunganwe bashika 583 bararonkejwe ubumenyi mu bijanye n’inyigisho z’irondoka rijanye n’amagara meza kugira bashobore kwigisha abandi. Muri Makamba kandi, nkuko umugambi Menyumenyeshe wubatswe, hari amavuriro mugenzi y’urwaruka ashika kuri 12 abakiri bato bitura iyo bagize ibibazo bijanye n’ivy’ irondoka rijanye n’amagara meza. Ibiharuro vyerekana ko mu rwaruka rufise hagati y’imyaka 10 na 24 rumaze kwiturwa ayo mavuriro incuro ishika 35 000.




