Isaha z’abazungu zifasha mu kuraba aho umwanya ugeze zitaraza, abarundi baragenzura ibihe bakabigera. Ntawambara inka ku kuboko, ariko umuhinga J. Baptiste Ntahokaja, afatiye ku matohoza yagize, aremeza ko inka yariyo saha y’ubu mu kugera ibihe vy’umunsi.
Aho hambere hahise, ibikorwa vyararangurwa ukuri kwamye nk’uku kw’uno munsi kandi bakamenya bati iki gikorwa nja kukirangura ku mwanya uwu n’uwu. Barahana amasango, bagatumirana eka n’imanza zigakorwa, kandi aho hose bakamenya bati igikorwa twayaze na naka kiza kurangurwa ku mwanya munaka. Naho biri uko, kubera ko bapimisha ikirere ijisho, izuba n’inka bikaba vyo masaha y’uno munsi, haribonekeza ugucererwa cane.
Uko ibihe vy’umunsi vyari bigabanganije
Nk’uko biri mu gitabo ciswe « Imigenzo y’ikirundi » cavuye mu butohoji bwagizwe n’umuhinga Johani Baptiste Ntahokaja, umunsi watangura inyomvyi zitanguye kuvuga, ugahera inka zitashe.
Umunsi wari ugabanganije mu bice: hari amugurura, amakama, amaturuka y ‘inka, amataha y’inyana z’ibidogeza, amataha y’inyana nkurunkuru, amashoka, amaturuka y’inyana, amagodoka, ku rya kiberinka, amakwaza, amataha y’inka, umunsi ukaba uraheze.
Kubera ko ivyo bihe vyari bizwi na bose, uwugomvye kukugenekereza igihe azozira kukuramutsa, ngo yaguha isango yisunze ivyo bihe nyene, nawe ugaheza ukabigerereza.
N’ijoro nyene ryari rigabanganijemwo ibice. Ryatangura mu makama bahejeje kwugarira, hagakurikira amarya, hanyuma amaryama, agacubiro mu gatiro ry’akavaziko, amikangura ya mbere, igicugu bita mu rinini, mu nkoko za mbere,mu nkoko za kabiri, mu mutwenzi wa kiyumpu utukura, umutwenzi rwero w’inka,wera,hanyuma umutwenzi w’imbwa canke w’abatwa wirabura, mu nyomvyi bukaba burakeye.
Vyarashoboka ko bashika ku gihe c’isango ata saha?
Nk’uko umutama Sentozo Jean, umutama w’imyaka 105 aba mu ntara ya Muyinga abimenyesha, ngo kuko bitashoboka ko udoma urutoke kw’isaha, ngo haribonekeza ugucererwa cane. Akavuga kandi ko mwavuganye n’umuntu aho muhurira, waba bugereranye umwanya ukagenda ukicara ukaba uramurindiririyeho, canke we akahagutanga, akakurindira. Ngo warashobora kumara n’ikiringo c’amasaha nk’abiri canke atatu y’iki gihe urindiriye umuntu.
Nk’uko Sentozo abandanya abivuga, ngo hariho isaha wewe itamugora kumenya naho atorinze gufatira ku bigererezo vy’inka. Iyo saha nayo ikaba ari iya gatandatu y’umurango. Ngo hakira kuba hiriwe ikirere ciza gusa (izuba rikirirwa ryaka). Ukimuha isango y’iyo saha ngo ntiwokwihenze ngo arayicererwako.
We ngo yakira gucunganwa n’igitutu ciwe gusa, akaraba n’aho izuba rigeze. Burya ngo ikizokubwira ko isaha zitandatu z’umurango zuzuye neza, ngo uravye hejuru izuba riba ritumberanye n’umutwe wawe ku buryo utorirabamwo, nayo igitutu ngo uba ugihagazemwo, kikuri mu maguru. . Ngo warashobora kumubwira uti « Nzoza mu nyomvyi », « mu makama », canke « mu maturuka », uwuri uwundi nawe akameya ati ni nko mu mwanya uwu n’uwu.
Naho batashobora kugema igihe, abarundi barakigerereza bafatiye ku bikorwa vy’inka, bakamenya bati hagati y’umwanya uwu n’uwu igikorwa kiraja kurangurwa, bakanahana amasango. Naho biri uko muri ukwo guhana isango harabaho ugucererwa cane kuko kwaba ukugereranya. Umuntu akibaza nimba atariho havuye ka karonda ngo ‘amasaha y’abarundi’, mu kudeha icererwa ryabo.




