Jimbere

ikirundi French English
AMAGARA

Ingene amashure akorana n’amavuriro magenzi y’urwaruka mu mugambi Menyumenyeshe

Mu gihe c’ubuyabaga niho haba nyinshi mu mpinduka zo ku mubiri no mu nyifato k’urwaruka. Ni n’aho kandi hibonekeza kwandura ingwara ziciye mu bihimba vy’irondoka kuri bo. Menyumenyeshe mu ndinganizo yayo nshasha ihurikiyemwo bose ku mashure yashimye gukorana vya hafi n’amavuriro kugira ngo bagabanye iyandura ry’umugera wa Sida n’izindi ngwara ziciye mu bihimba vy’irondoka eka mbere n’inda z’indaro. I Muramvya, mu Kayanza n’i Gitega baratuyagira.

Kubw’umuyobozi w’ishure rya komine Kiganda mu ntara ya Muramvya, Rémy Ndikumana ati:  » Mu rwaruka kenshi usanga hagenda haraba inyifato zitabereye zishobora gutuma amagara y’abo ahasinzikarira, kimwe muri ivyo, gishoboka ni nk’ugukorora inda »

Ati ni naco gituma twunga urunani n’amavuriro nk’ukwo vyategekanijwe n’indinganizo nshasha ya Menyumenyeshe ihurikiyemwo bose « ikiturengeye cose ng’aha kw’ishure tudashobora gutorera umuti duca tukirungika ku mavuriro kugira urwaruka rushobore kuronka inyishu zitomoye ku bibazo rwibaza, canke ikindi cose kibabakiye »

Kuri ayo mavuriro urwaruka rero ngo ruraheza rukigishwa inyifato nziza zibereye ngo ntibandure ingwara canke ngo batware inda baheze bate ubuzima bwabo mu kaga. Pamella Kaneza wo kuri Lycée Kiganda atiː » Ku mavuriro y’urwaruka baradufasha gutahura bikwiye ibijanye n’ukwezi kw’umugore ku buryo busumbirije ubwo mw’ishure, Nka twebwe abigeme, hari nk’abo usanga bagira ubutinyanka bubabaza canke bureburebure, abaganga barabiganira ingene bobibamwo, bakanakingirwa ingwara zandukira mu bihimba vy’irondoka mu gihe baguye mw’isanganya ry’uguhuza ibitsina batabiteguye. »

Urwaruka rutiː« inyigisho turonkera ku mavuriro magenzi y’urwaruka ni kirumara»

Camille Nduwayo yiga kuri Lycée Communal Murima muri Komine n’intara ya Kayanza ati : « Amavuriro magenzi  y’urwaruka aradufasha cane haba mu nyigisho eka mbere no mu bindi.  Nk’ubu birashika ugasanga umunyeshure w’umuhungu afise gahunda y’ukuramukanya n’umwana w’umukobwa, mw’ico gihe ntawuba  azi igishobora gushika, n’ico gituma kwa muganga batanga udukingirizo, ariko badutanga babanje kuguhanura bikwiye bakakwumvisha ko ivyo mugiyemwo ari amakosa.  »

Mugenzi wiwe Marie Grâce Muhoza ati:  » Amavuriro magenzi y’urwaruka adufasha ibitari bike, aratuma twitahura bisumbirije. Nk’umwigeme agitangura kugira ubutinyanka hariho vyinshi bishobora kumushikira akibaza ko ari ibisanzwe, canke agahinda agashitsi kandi ari ibisanzwe,  ariko ivyo vyose ku mavuriro barabidusigurira bihagije. »

Muganga Louis Nkurunziza arongoye ivuriro mugenzi w’urwaruka ryo mu Kayanzi  amenyesha ko kubera ubumenyi buke bw’urwaruka biri mu bishobora gutuma bagira ingaruka mbi ku magara y’abo. Aramenyesha kandi ko bihora bishika hakagira nk’abatwara imbanyi mu rwaruka bagaca babura ingene bavyifatamwo. Abo rero ngo baraheza bakabitaho bimwe bihagije mu kubumviriza, kubaha inyigisho zibarema agatima, no kubafasha kwakirwa mu kibano. Uwo muganga agakenguruka Menyumenyeshe yo yazanye iyo ndinganizo ihurikiyemwo bose ku mashure (AGE) maze igafasha cane urwaruka eka mbere n’ikibano. 

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

To Top