Jimbere

ikirundi French English
AKAHISE

Imyibutsa: bumwe mu buryo abakurambere bakoresha mu gukeburana

Aho hambere abakurambere mu guhanura canke mu gutoza indero abantu ntibarinda kuvuga ngo basarare,ahubwo nyabuna babicisha mu migani canke imyibutsa. Umukurambere yarakuraba yabona utwo wigira, canke na ho yumva utwo ugenda uravuga akagutekerera umugani canke umwibutsa uzokwibutsa iryo yakubariye ubonye wiboneyeko. Umwibutsa yagucira wahura n’ico akubonako gutyo akaguhanura canke akagukeza.

Imyibutsa burya iri mu migwi. Muri yo, mikuru mikuru yakunda gukoreshwa ni 8. Iyo na yo nyene ifatiye ku buzima bwa minsi yonse abantu babayemwo. Aho twovuga nk’imigwi y’imyibutsa yerekana ugukunda akazi, ukwumvikana mu kibano, ugufashanya, kugumya ibanga, ukwubahiriza ukuri, ugutoza indero, iyikikiririza ku bikoko hamwe n’iyivuga Imana. Iyo yose yakoreshwa mu mwanya wayo kandi mu gihe co. Uwagucira umwibutsa ntiyiyadukiza ahubwo yafatira k’ukugene wigenza maze akawugutekerera. Iyo migwi y’imyibutsa rero hamwe n’imyibutsa bijanye turayisanga mu gitabu «Le Plaidoyer pour l’Afrique», canditswe na J.Baptiste Ntahokaja gisohoka mu 1993.  

1.Imyibutsa yerekana ugukunda akazi:

Ushaka umuce acika ijoro, uwushaka umubira abira akuya

Hakuvyina wovyirira

Urima itiro ukimbura ingonera

Uwutarima ntamira

Ubute butera ubworo

Ntawurya akatamugoye

2.Imyibutsa yerekana ukwumvikana mu kibano

Amanyama arasara ntasaba

Umuhigwe yiyita umuhinga

Ukubaza gutera ukumenya

Ugenda utabaza usaza utamenye

Umutwe umwe ntiwigira inama

Intabwigwa y’umugabo ibwigwa n’uko ijisho ritukuye

Agasozi k’intabwirwa kahiye abagabo barorera

Agakuru ntigakurira ubusa

Igitugu kirakura ntikiruta izosi

Izuru rirakura ntirisumba umunwa

Inyundo irakura ntisumba uwayujuje

Uwamye akuruta akurusha n’imva

Ikimuga gisumba imva

Imirazi isumba guhuma

Inda ndende ihumira indya

Amungura nka ni yo mazituvya

Bukebuke bukomeza igihonyi

Uwitonze amira ibinoze

3.Imyibutsa yerekana ugufashanya

Ntawutiza urugi imfyinsi zateye

Utabonye agasohoka ntubona akinjira

Ukora iciza ukagisanga imbere,wakora ikibi ni uko nyene

Ugutanga ni ugutanguza

Uwutanga neza atanga kabiri

Amapfa arahera igihemu ntigihera

Inzigo izigira mu gahinga

Intibagira ntibana

Inshiramazinda ntirera impfuvyi

Uwawe arakurya akaguherana

Wihora uwawe ukamara umuryango

Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki

Ubugirigiri bugira babiri

Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa

Ntawutera icumu mw’icumi

Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe

4.Imyibutsa ihanurira abantu kugumya ibanga discretion

Ntawuhandwa ku rurimi ikirenge kiriho

Uwihoreye ahonga bike

Imvuzi ya cane ivuga n’aho yiciye umuntu

Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa

5.Imyibutsa yerekana ukwubahiriza ukuri respect de la verité

Ha kubesha i bwami wotona nabi

Ukuri guca mu ziko ntigusha

Ukuvuga ukuri ntikubuza umuvumvyi kuvumba

Ukuri guherera mu kuyaga

6.Imyibutsa yerekana ugutoza indero ( chatiment en education)

Ikiganda kigandaguzwa ubuhiri

Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso

Ingeso iraraba ntipfa

Umutima muhanano ntiwuzura inda

Ubana na suneba ugasuneba nka we

Usaba umwiza mu gasa

Wabira intabarirwa ukavyara intumva

7.Imyibutsa ikikiririza ku bikoko (monde animal)

Umutavu wo mukanwa uraca ntibagarura

Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya

8.Imyibutsa igana ku Mana

Agati gateretswe n’imana ntigahenurwa n’umuyaga

Ntawutanga imana kwihebura

Imana igira amaboko maremare

Imana ntigira inzigo

Umwansi agucira icobo Imana igucira icanzo

Sabikanya kuri
Click to comment

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur comment les données de vos commentaires sont utilisées.

To Top