Aho hambere abakurambere mu guhanura canke mu gutoza indero abantu ntibarinda kuvuga ngo basarare,ahubwo nyabuna babicisha mu migani canke imyibutsa. Umukurambere yarakuraba yabona utwo wigira, canke na ho yumva utwo ugenda uravuga akagutekerera umugani canke umwibutsa uzokwibutsa iryo yakubariye ubonye wiboneyeko. Umwibutsa yagucira wahura n’ico akubonako gutyo akaguhanura canke akagukeza.
Imyibutsa burya iri mu migwi. Muri yo, mikuru mikuru yakunda gukoreshwa ni 8. Iyo na yo nyene ifatiye ku buzima bwa minsi yonse abantu babayemwo. Aho twovuga nk’imigwi y’imyibutsa yerekana ugukunda akazi, ukwumvikana mu kibano, ugufashanya, kugumya ibanga, ukwubahiriza ukuri, ugutoza indero, iyikikiririza ku bikoko hamwe n’iyivuga Imana. Iyo yose yakoreshwa mu mwanya wayo kandi mu gihe co. Uwagucira umwibutsa ntiyiyadukiza ahubwo yafatira k’ukugene wigenza maze akawugutekerera. Iyo migwi y’imyibutsa rero hamwe n’imyibutsa bijanye turayisanga mu gitabu «Le Plaidoyer pour l’Afrique», canditswe na J.Baptiste Ntahokaja gisohoka mu 1993.
1.Imyibutsa yerekana ugukunda akazi:
Ushaka umuce acika ijoro, uwushaka umubira abira akuya
Hakuvyina wovyirira
Urima itiro ukimbura ingonera
Uwutarima ntamira
Ubute butera ubworo
Ntawurya akatamugoye
2.Imyibutsa yerekana ukwumvikana mu kibano
Amanyama arasara ntasaba
Umuhigwe yiyita umuhinga
Ukubaza gutera ukumenya
Ugenda utabaza usaza utamenye
Umutwe umwe ntiwigira inama
Intabwigwa y’umugabo ibwigwa n’uko ijisho ritukuye
Agasozi k’intabwirwa kahiye abagabo barorera
Agakuru ntigakurira ubusa
Igitugu kirakura ntikiruta izosi
Izuru rirakura ntirisumba umunwa
Inyundo irakura ntisumba uwayujuje
Uwamye akuruta akurusha n’imva
Ikimuga gisumba imva
Imirazi isumba guhuma
Inda ndende ihumira indya
Amungura nka ni yo mazituvya
Bukebuke bukomeza igihonyi
Uwitonze amira ibinoze
3.Imyibutsa yerekana ugufashanya
Ntawutiza urugi imfyinsi zateye
Utabonye agasohoka ntubona akinjira
Ukora iciza ukagisanga imbere,wakora ikibi ni uko nyene
Ugutanga ni ugutanguza
Uwutanga neza atanga kabiri
Amapfa arahera igihemu ntigihera
Inzigo izigira mu gahinga
Intibagira ntibana
Inshiramazinda ntirera impfuvyi
Uwawe arakurya akaguherana
Wihora uwawe ukamara umuryango
Bapfana iki barutwa na bamariraniye iki
Ubugirigiri bugira babiri
Umuryango umwe ntiwuriza umwami umugwa
Ntawutera icumu mw’icumi
Uwo bwahamye ahamiriza ari umwe
4.Imyibutsa ihanurira abantu kugumya ibanga discretion
Ntawuhandwa ku rurimi ikirenge kiriho
Uwihoreye ahonga bike
Imvuzi ya cane ivuga n’aho yiciye umuntu
Sakirimi kibi yatanze umurozi gupfa
5.Imyibutsa yerekana ukwubahiriza ukuri respect de la verité
Ha kubesha i bwami wotona nabi
Ukuri guca mu ziko ntigusha
Ukuvuga ukuri ntikubuza umuvumvyi kuvumba
Ukuri guherera mu kuyaga
6.Imyibutsa yerekana ugutoza indero ( chatiment en education)
Ikiganda kigandaguzwa ubuhiri
Inkoni ishikira igufa ntishikira ingeso
Ingeso iraraba ntipfa
Umutima muhanano ntiwuzura inda
Ubana na suneba ugasuneba nka we
Usaba umwiza mu gasa
Wabira intabarirwa ukavyara intumva
7.Imyibutsa ikikiririza ku bikoko (monde animal)
Umutavu wo mukanwa uraca ntibagarura
Imbwa ntigutwengera iba ishaka kukurya
8.Imyibutsa igana ku Mana
Agati gateretswe n’imana ntigahenurwa n’umuyaga
Ntawutanga imana kwihebura
Imana igira amaboko maremare
Imana ntigira inzigo
Umwansi agucira icobo Imana igucira icanzo