Mu gihe ururimi rw’igiswahili rugishika mu Burundi rwakiriwe nk’ururimi rw’abambuzi, ubu ho urwaruka rutari ruke na canecane urukiri ku ntebe y’ishure rwarwijukiye. Ivyo bikagaragarira ku mpapuro 3.871 zimaze gutangwa n’ishirahamwe ryigisha igiswahili Sapross-Burundi kuva mu mwaka wa 2008.
Jimmy Elvis Vyizigiro yitaho akahise ku Burundi, avuga ko igiswahili kigishika mu Burundi kitakiriwe neza. Mu bisanzwe, ngo urwo rurimi rwinjiranye inkengera y’ikiyaga Tanganyika ruzanwe n’abarabu. Abo na bo ngo barukoresha mu rudandaza hamwe no gushaka kumenyekanisha idini rya Islaam. Ariko, ‘Abapadiri’ bo bari basanzwe bigisha ivy’idini rya katolika ntibahaye agahengwe na gato abarabu ngo bigishe idini ryabo ahubwo baciye batangura kurukengereza mu kubwira abayoboke babo ko igiswahili ari ururimi rw’abaswahili, rw’abatubaha Imana, ururimi rw’abantu bo hasi cane batize, ababeshi, abasuma, abambuzi, …
Rero, kubera ko abarundi batipfuza kwitwa abasuma n’abambuzi, baciye banka kwifatanya n’abo bafatwa nk’abambuzi, baca bareka kwiga ururimi « rw’abasuma ». Ikindi kandi kubera ko abadagi bakoresha igiswahili mu ntwaro rukaba rwari rwo rurimi bakoresha muri « Zana amagi, zana inkoko, zana amasoro », baciye bacanka urunuka kuko babona ko cakoreshwa mu kubakandamiza no mu kubasahura utwabo.
Ubu ho igiswahili kibonwa gute ?
Vyarahindutse kuko ubu urwo rurimi ruhurumbirwa. Uretse ko no mu mashure mato mato, ayisumbuye na za kaminuza zagihagurukiye. Kuva aho reta y’Uburundi ifatiye ingingo mu mwaka wa 2005 yuko ururimi rw’igiswahili rwo kwigishwa mu mashure shingiro no mu mashure yisumbuye, eka n’inyuma yaho Uburundi bwinjiriye mu muryango w’ibihugu vya Afirika y’ubuseruko mu 2007, vyaragaragaye ko igiswahili gikwiye kwitwararikwa. Niho n’imigwi icigisha yaca itangura kuvuka kugira isahirize mu gutanga inyigisho z’igiswahili zifise akanovera.
Aho hovugwa nk’ishirahamwe ryigisha igiswahili muri za kaminuza Sapross Burundi, n’ayandi aho mbere n’impapuro zemeza ko umuntu afise ubumenyi mu giswahili zitangwa. Harerimana Pierre Claver arongoye imbere y’amategeko ishirahamwe Sapross-Burundi, avuga ko afatiye ku kuntu ibitigiri vy’urwaruka vyagiye biraduga vyerekana ko igiswahili kiriko kiragira inguvu. Ahera ho mbere anamenyesha ko kuva 2008 aho Sapross yemererwa gukora izwi n’amategeko gushika ubu hamaze gutangwa impampuro 3871 zemeza ko umunyeshure yakurikiranye inyigisho zigiswahili.
Séraphine Nduwayezu avuka mu Kayanza, avuga ko yabonye akamaro k’igiswahili kuva aho agereye i Bujumbura. Ngo akiza kwiga muri kaminuza yashikiye mu kamenge, aho naho, abantu benshi ngo bayaga mu giswahili. Agira ati: ”Nakuze numva bavuga ko ata mugore canke umukobwa avuga igiswahili ngo aba atandero agira. Ariko ngiye gusuma nkabona ingene abagore bo mu Kamenge bavuga igiswahili bakanakidandazamwo, naciye mbona ko ivyo bavuga ku giswahili bitari vyo. Niko kuja kuciga muri Sapross-Burundi”.
Dorothée Nshimimana umwigisha w’igiswahili muri kaminuza y’Uburundi, akavuga ko igiswahili ari ururimi nk’izindi ndimi. Urwaruka ngo rurakwiye kucijukira kuko gikenewe mu mice yose y’ubuzima bw’igihugu. Ku bw’ivyo, urwaruka rukwiye kuvavanura n’imyumvire ya kera yavuga ko igiswahili ari ururimi rw’ibisuma, canke rw’abantu batarezwe.
Nyabuna ngo rukwiye kuciga neza kuko kizorufasha guhanahana amakuru, eka kikazonarufasha no mu budandaji n’ahandi, ubona ko igiswahili kiza ubwa kabiri mu ndimi zikoreshwa mu bihugu vya Afirika y’ubuseruko kikaba ic’indwi kw’isi yose.




